Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So we must pay closer attention to what we've heard, or we may drift away. Ni co gituma dutegerezwa kwitwararika cane ukuri twumvise, kugira ngo ntituzimire tukakuvamwo.
2 For if the word spoken through angels held firm, and every wrongdoing and disobedience got just payment, Nimba ubutumwa Imana yarungikanye abamarayika bwabonetse ari ukuri, kandi ukugarariza kwose n’ukutumvira kwose bikaronka igihano bikwiranye,
3 how will we escape if we neglect so great a salvation? First announced by the Lord, it was confirmed to us by those who heard him, none twebwe tuzokira gute nitwanjanjwa ku gakiza gakomeye nk’ako? Umwami Yesu ubwiwe ni we yabanje kuvuga ivy’ako gakiza, hanyuma abamwumvise baratwemeza ko ari ukuri.
4 while our Father also testified with them through signs, wonders, various miracles, and distributions of the Holy Spirit, according to his will. Imana na yo yashigikiye intahe yabo ibicishije mu bimenyetso n’ibitangaza bitandukanye yakoze, hamwe n’ingabire za Mpwemu Yera yatanze uko ibishatse.
5 For it was not to angels that our Father subjected the coming world we're speaking of. Imana ntiyahaye abamarayika kuganza iyi si izoza turiko turavuga.
6 Someone has testified somewhere, "What is man, that you are mindful of him, or the son of man, that you care for him? Ahubwo, mu Vyanditswe hari uwashinze intahe ati: “Mbega umuntu ni iki kugira ngo umwibuke, umwana w’umuntu kugira ngo umwiteho?
7 You made him for a little while lower than the angels; you crowned him with glory and honor, Habuze gato ngo umunganye n’abamarayika; kandi wamwambitse ubwiza n’icubahiro,
8 putting everything in subjection under his feet." Now in subjecting everything to him, our Father left nothing outside his control. At present, however, we do not yet see everything subjected to Christ. kandi ibintu vyose wabishize musi y’ububasha bwiwe.” Nimba Imana yashize vyose musi y’ububasha bw’umuntu, bisigura ko ata kintu na kimwe casigaye kitari musi y’ububasha bwiwe. Ariko gushika ubu ntitubona ko vyose biri musi y’ububasha bwiwe.
9 But we see Jesus, made lower than the angels for a little while, now crowned with glory and honor because he suffered death, so that by our Father's grace he might taste death for everyone. Ico tubona ni iki: Yesu yagizwe uwuri musi y’abamarayika igihe gito, none ubu yambaye ubwiza n’icubahiro kuko yadupfiriye twese. Ni ku bw’ubuntu bw’Imana Yesu yapfiriye abantu bose.
10 It was fitting that our Father, for whom and through whom all things exist, should perfect the pioneer of their salvation through suffering, bringing many sons to glory. Vyari bikwiye ko Imana, yo yaremye vyose kandi bikaremerwa kuba ivyayo, itunganya rwose Yesu biciye mu mubabaro, kugira ngo ishikane abana bayo benshi mu bwiza bwayo, kuko Yesu ari we yatanguje inzira y’agakiza.
11 The one who makes holy and those made holy all come from one Father. That's why he isn't ashamed to call them brothers and sisters, Yesu ni we yeza abantu ivyaha vyabo. Uweza hamwe n’abezwa bose bafise Se umwe. Ni co gituma Yesu bitamutera isoni kubita abavukanyi biwe.
12 saying, "I will proclaim your name to my brothers and sisters; I will sing your praise amid the assembly." Kuko yabwiye Imana ati: “Nzokwamamaza izina ryawe mu bavukanyi banje. Nzoguhimbaza ikoraniro rikoranye.”
13 And again, "I will trust in him." And again, "Here am I, and the children our Father gave me." Yaravuze kandi ati: “Nzokwizigira Imana.” Yongerako ati: “Jewe n’abana Imana yampaye.”
14 Since the children share flesh and blood, he too shared them, so that through death he might destroy the one holding the power of death—the devil, Abo bana hari ikintu basangiye: bose ni abantu. Yesu na we ubwiwe yahindutse umuntu nka bo kugira ngo, biciye mu rupfu rwiwe, amare inkomezi uwari afise ububasha bw’urupfu, ari we Satani.
15 and free all those who, through fear of death, were enslaved their whole lives. Ubu ni bwo buryo bwonyene yari gushobora kubohora abantu bari babayeho ubuzima bwabo bwose nk’abagurano kubera gutinya urupfu.
16 For surely it is not angels he helps, but the descendants of Abraham. Ikindi tuzi ni uko Umwana w’Imana ataje gufasha abamarayika; ahubwo yaje gufasha uruvyaro rwa Aburahamu.
17 So he had to become like his brothers and sisters in every way, to be a merciful and faithful high priest serving our Father, clearing away the people's sins. Ni co gituma vyari bikwiye ko ahinduka agasa natwe abavukanyi biwe muri vyose; kugira ngo atubere Umuherezi Mukuru w’umunyembabazi kandi w’umwizigirwa imbere y’Imana, kugira ngo atange ikimazi gikura ivyaha vy’abantu.
18 Since he himself suffered when tempted, he can help those being tempted. Ni co gituma ashobora kudufasha iyo tugeragezwa, kuko na we yageragejwe n’imibabaro yaciyemwo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]