Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Hebrews 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Long ago, in many times and many ways, our Heavenly Father spoke to our ancestors through the prophets. Kera Imana yavuganye na ba sogokuruza kenshi kandi mu buryo bwinshi iciye ku bavugishwa na yo.
2 But in these final days he spoke to us by his Son, whom he appointed heir of all things and through whom he made the universe. Ariko muri iyi misi y’iherezo, yavuganye natwe iciye ku Mwana wayo. Uwo ni we Imana yagize samuragwa w’ibintu vyose, kandi ivyaremwe vyose yabiremye iciye muri we.
3 The Son is the brightness of our Father's glory, the exact image of his being, sustaining all things by his powerful word. After purifying sins, he sat down at the right hand of the Majesty on high. Uwo Mwana yerekana ugukayangana kw’ubwiza bw’Imana kandi ni we shusho nyayo iboneka y’ubumana bwayo. Vyongeye ni we ashigikije vyose ijambo ryiwe ry’inkomezi. Ahejeje gushiraho uburyo bwo kwoza ivyaha vyacu, yaciye yicara mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana y’icubahiro mw’ijuru.
4 He became as much greater than angels as his inherited name is greater than theirs. Ibi vyerekana ko Umwana aruta cane abamarayika, nk’uko izina Imana yamuhaye riruta amazina yabo.
5 For to which of the angels did our Father ever say, "You are my Son; today I have become your Father"? Or again, "I will be his Father, and he will be my Son"? Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Uri Umwana wanje; uwu musi ndakuvyaye”? Canke iti: “Nzomubera Se, na we azombera Umwana”?
6 And again, when he brings the firstborn into the world, he says, "Let all my angels worship him. Kandi igihe Imana yazana Umwana wayo w’imfura mw’isi, yavuze iti: “Abamarayika bose b’Imana nibamusenge.”
7 Of the angels he says, "He makes his angels winds, and his servants flames of fire." Ku bijanye n’abamarayika, yavuze iti: “Abamarayika bayo ibahindura imiyaga, abakozi bayo ikabagira imbeya z’umuriro.”
8 But about the Son he says, "Your throne, O God, is forever and ever, and the scepter of righteousness is the scepter of your kingdom. Ariko ku vyerekeye Umwana, ivuga iti: “Ukuganza kwawe, ewe Mana, kuzokwamaho. Ubugororotsi ni ryo cumu ry’inganji y’Ubwami bwawe.
9 You have loved righteousness and hated wickedness; therefore our Father, your Father, has anointed you with the oil of gladness above your companions." Wakunze ubugororotsi, wanka ikibi; ni co gituma Imana, ari yo Mana yawe, yagutoranije, ikakurobanuza amavuta y’umunezero, ikakurutisha bagenzawe.”
10 And, "In the beginning, Lord, you laid the foundations of the earth, and the heavens are the work of your hands. Yongera iravuga iti: “Ni wewe, Uhoraho, washizeho amatanguriro y’isi, kandi amaboko yawe ni yo yaremye amajuru.
11 They will perish, but you remain; they will all wear out like a garment. Ivyo bizoshira, ariko wewe wamaho. Vyose bizosaza nk’impuzu.
12 You will roll them up like a robe; like a garment they will be changed. But you are the same, and your years will never end." Uzobizinga nk’uwuzinga impuzu; bizohindurwa nk’uko bahindura impuzu. Ariko wewe uhora uko wamye, kandi imyaka yawe ntigira iherezo.”
13 But to which of the angels did our Father ever say, "Sit at my right hand until I make your enemies a footstool for your feet"?" Ni nde mu bamarayika Imana yigeze ivugako iti: “Icara i buryo bwanje kugeza abansi bawe bose ndabashize musi y’ibirenge vyawe”?
14 Aren't all angels ministering spirits, sent to serve those about to inherit salvation? Mbega abamarayika bose si impwemu zikorera Imana? Ntiyazitumye gukorera abazoragwa agakiza?
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]