Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Philemon 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul, a prisoner of Christ Jesus, and Timothy our brother, to Philemon, our dear friend and co-worker, Jewe Pawulo, imbohe ya Kristo Yesu, na mwene Data Timoteyo, Turakwandikiye wewe Filemoni, mwene Data dukunda cane kandi dusangiye ibikorwa,
2 and to our sister Apphia, our fellow soldier Archippus, and the church that meets in your house: na mushiki wacu Afiya, na Arukipo uwo dusangiye urugamba, n’ishengero rikoranira mu nzu yanyu:
3 Grace and peace to you from our Father and the Lord Jesus Christ. Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.
4 I always thank my Father as I remember you in my prayers, Nama nshima Imana ibihe vyose iyo ndiko ndagusengera,
5 because I hear of your love and faith in the Lord Jesus and for all his holy people. kuko numvise ukwizera Umwami Yesu kuri muri wewe, n’urukundo ufitiye abizera bose.
6 I pray your shared faith becomes effective as you come to understand every good thing we have in Christ. Ndagusengera kugira ngo ukwizera dusangiye kwame ivyamwa, maze ubone gutahura ivyiza vyose dufise muri Kristo Yesu.
7 Your love has brought me great joy and comfort, brother, since you've refreshed the hearts of his holy people. Urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rwongera runtera intege, kuko waremesheje imitima y’abizera.
8 Therefore, although in Christ I am bold enough to command you to do what is right, Ni co gituma, naho muri Kristo nari gushobora kugutegeka gukora ivyo utegerezwa gukora,
9 instead, for love's sake I appeal—I, Paul, an old man, now also a prisoner of Christ Jesus. mpisemwo kubikwingingira mu rukundo. Ndakwinginze jewe Pawulo, umutama kandi vyongeye ubu nkaba n’imbohe ya Kristo Yesu,
10 I appeal to you for my child Onesimus, whose father I became while I was in chains. ningingira umwana wanje Onezime, uwo navyaye ndi mw’ibohero.
11 He was once useless to you, but now is useful to you and me. Yahora ari imburakimazi kuri wewe, ariko ubu ni uw’ikimazi kuri wewe no kuri jewe.
12 I am sending him back to you—and in doing so I am sending my very heart. Ndamukurungikiye kandi umenye ko afise umutima nk’uwanje.
13 I wanted to keep him with me, to serve me on your behalf while I'm in chains for the gospel. Nashaka ko agumana nanje kugira ngo amfashe mu kibanza cawe muri iki gihe ndi imbohe kubera Ubutumwa Bwiza.
14 But I wanted to do nothing without your consent, so your good deed would not be forced, but voluntary. Ariko sinashatse kugira ico nkoze ntakugishije inama, kugira ngo iciza cose wonkorera ugikore bivuye ku mutima, ata gahato.
15 Perhaps this is why he was separated from you briefly, so you'd have him back forever. Birashoboka ko igituma yatandukanye na we igihe gito, kwari kugira ngo azogaruke ari uwawe ibihe vyose;
16 No longer as a slave, but more than a slave—a beloved brother, especially to me, but even more to you, both in the flesh and in the Lord. atakiri umugurano, ahubwo arengeye umugurano, ari mwene Data w’umukundwa. Ndamukunda cane ariko ndazi ko wewe umukunda kundusha, haba mu buryo bw’umubiri nk’umuvukanyi, canke nka mwene Data mu Mwami wacu.
17 So if you consider me a partner, welcome him as you would welcome me. None rero nimba unyemera nk’uwo musangiye igikorwa, umwakire nk’aho woba wakiriye jewe ubwanje.
18 If he wronged you at all, or owes anything, put it on my account. Nimba hari ikibi yagukoreye canke hari ideni agufitiye, urimparureko.
19 I, Paul, write this with my own hand: I'll repay it—not to mention you owe me yourself as well. Jewe Pawulo, ndabikwandikiye n’ukuboko kwanje: nzorikuriha. Sinorinda kukwibutsa ko nawe umfitiye ideni ry’ubuzima bwawe.
20 Yes, brother, do me this favor in the Lord—refresh my heart in Christ. Ndakwinginze rero mwene Data ungirire ubwo buntu ku bw’Umwami; uremeshe umutima wanje muri Kristo.
21 Trusting you'll obey, I write to you, knowing you'll do even more than I ask. Ndakwandikiye nizeye ko uzokora ivyo ndagusavye, ndetse n’ibirengeye.
22 Also prepare a guest room for me—I hope through your prayers to be graciously given back to you. Kandi untegurire icumba, kuko nizera ko Imana izokwishura amasengesho yawe, maze ikandekura nkagaruka iwanyu vuba.
23 Epaphras, my fellow prisoner in Christ Jesus, sends you greetings, Epafura, uwo dusangiye ukubohwa muri Kristo Yesu, arabatasha.
24 and so do Mark, Aristarchus, Demas, and Luke, my fellow workers. Mariko, Arisitariko, Dema na Luka, abo dusangiye ibikorwa, na bo nyene barabatasha.
25 The grace of the Lord Jesus Christ be with your spirit. Amen. Ubuntu bw’Umwami Yesu Kristo bubane n’impwemu yawe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]