Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Titus 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Remind them to submit to rulers and authorities, obey, and be ready for every good work, Wame wibutsa abantu kwubaha abarongozi n’abanyabubasha, kugamburuka no gukora ivyiza.
2 to slander no one, avoid quarreling, be gentle, and show complete consideration to everyone. Birinde kugira uwo batuka kandi birinde ibihari. Ariko babe abagwaneza, kandi bace bugufi imbere y’abantu bose.
3 We too were once foolish, disobedient, deceived, enslaved to various desires and pleasures, living in malice and envy, hated, hating one another. Natwe twahora turi imburabwenge, turi abagarariji, twarahenzwe twongera tugirwa imbohe n’ivyipfuzo vy’ibihimbaro vy’uburyo bwose. Twari twuzuye ubugunge n’ukwipfuza, twankwa kandi twankana hagati yacu.
4 But when the goodness and loving kindness of our Father, our Savior, appeared, Ariko ubuntu n’urukundo vy’Imana yo Mukiza wacu bimaze guhishurwa,
5 he saved us—not for righteous deeds we did, but by his mercy, through washing of new birth and renewal by the Holy Spirit, yaradukijije, atari kubera twakoze ibigororotse, ariko kubera imbabazi zayo. Yadukijije mu kutwoza ivyaha vyacu biciye mu kuvuka ubwa kabiri, no mu buzima bushasha bwo muri Mpwemu Yera.
6 whom he poured out on us richly through Jesus Christ our Savior, Yasutse Mpwemu Yera kuri twebwe biciye muri Kristo Yesu Umukiza wacu,
7 so that, justified by his grace, we might become heirs in the hope of eternal life. kugira ngo tumaze kwemerwa nk’abagororotsi ku bw’ubuntu bwayo, tube abaragwa bafise ivyizigiro vy’ubugingo butazoshira.
8 This word is trustworthy: I want you to insist on these things, so that those who trust our Father take care to devote themselves to good works. These things are good and helpful to everyone. Iri jambo ni iryo kwizigirwa, kandi ndashaka ko ushimikira kuri izi nyigisho kugira ngo abizigiye Imana bose babone kwiyegurira gukora ivyiza. Izo nyigisho ni nziza, zigirira akamaro uwuzumva wese.
9 But avoid foolish controversies, genealogies, disputes, and quarrels about the law, for they are useless and worthless. Ariko wirinde impari z’ubupfu, ivy’urukurikirane rwa ba sekuruza, ibihari n’imitongano bifatiye ku vyagezwe n’amabwirizwa, kuko nta co bimaze kandi nta co bifasha uwuvyumva.
10 Warn a divisive person once, then a second time; after that, have nothing more to do with him, Nihagira uwuzana ivy’ukwicamwo ibice, uze umwihanize irya mbere n’irya kabiri, niyabandanya, uze umutaramure.
11 knowing that such a person is warped and sinful; he stands self-condemned. Kuko abantu nk’abo bataye inzira y’ukuri, kandi ivyaha vyabo birabatsindisha.
12 When I send Artemas or Tychicus to you, do your best to come to me at Nicopolis, since I've decided to winter there. Ninakurungikira Arutemasi canke Tukiko, uze ugerageze unsange i Nikopolisi, kuko nahisemwo kuzomarayo igihe c’imbeho nyinshi cane.
13 Quickly send Zenas the lawyer and Apollos on their way; see they lack nothing. Uze ukore ibishoboka vyose ufashe umucamanza Zena na Apolo nibafata urugendo, kugira ngo baronke ivyo bakeneye vyose.
14 Let our people also learn to devote themselves to good works, meeting urgent needs, and not be unproductive. Abantu bacu bakwiye kwiga kwitangira ibikorwa vyiza, kugira ngo bashobore gufasha mu bikenewe, ubuzima bwabo ntibube ubutagira ikimazi.
15 All those with me greet you. Greet those who love us in faith. Grace be with all of you. Abo turi kumwe hano bose barakuramutsa. Udutahirize abadukunda bose mu kwizera. Ubuntu bubane namwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]