Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Titus 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 But as for you, speak what is fitting for sound teaching. Ariko weho wigishe ibihwanye n’inyigisho z’ukuri.
2 Older men are to be sober-minded, dignified, self-controlled, sound in faith, love, and patient endurance. Wigishe abatama kutarenza urugero mu kintu na kimwe, kuba inyankamugayo, kuganza ingeso zabo, kuba bazima mu kwizera, mu rukundo no mu kwihangana.
3 Older women likewise: deeply respectful in behavior, not slanderers, not enslaved to much wine, but teachers of what is good, Abatamakazi na bo ubigishe kubaho batinya Imana, kutavuga abandi nabi kandi bataboshwe no gukunda umuvinyu, ariko bigishe abandi gukora ivyiza.
4 so that they may train the young women to love their husbands and to love their children, Bigishe abagore bakiri bato gukunda abagabo babo n’abana babo,
5 self-controlled, pure, working at home, good, submissive to their own husbands, so our Father's word isn't insulted. kuganza ingeso zabo kandi babe abatanduye, biteho ivy’ingo zabo, bagire ubugwaneza, bubahe abagabo babo, kugira ngo ntibatukishe ijambo ry’Imana.
6 Likewise urge the younger men to be self-controlled. Abakiri bato na bo ubahimirize kuganza ingeso zabo.
7 In everything be an example of good works, with integrity and dignity in your teaching, Muri vyose ubabere akarorero mu gukora ivyiza. Ivyo wigisha vyose bibonekemwo ubwizigirwa no kudafata ibintu minenegwe.
8 healthy words beyond criticism, so any opponent is ashamed, with nothing bad to say about us. Amajambo yawe abe ay’ukuri, atagiramwo umugayo, kugira ngo abakugwanya baze bamaramare, babure ikibi batuvugako.
9 Slaves must submit to their own masters in everything, pleasing them, not talking back, Wigishe abagurano kwubaha ba shebuja muri vyose, barondere kubanezereza, birinde kubahaririza,
10 not stealing, but showing complete, good faithfulness, so they adorn, in everything, the teaching of our Father, our Savior. kandi ntibabibe, ariko berekane ko bashobora kuba abizigirwa rwose; gutyo bazotuma inyigisho z’Imana, yo Mukiza wacu, zirukirwa n’abantu mu buryo bwose.
11 For the grace of our Father has appeared, bringing salvation to all people, Ubuntu bw’Imana buzana agakiza bwarahishuwe ku bantu bose.
12 teaching us to reject wickedness and worldly desires, and live self-controlled, upright, and godly lives in this present age, Ni bwo butwigisha kwiyambura ukutubaha Imana n’ibihimbaro vy’isi, no kubaho tuganza ingeso zacu, tugororotse kandi twubaha Imana muri kino gihe,
13 waiting for the blessed hope and glorious appearing of our great God and Savior, Jesus Christ, turindiriye ivyizigiro vy’amahirwe, aho ubwiza bw’Imana yacu ihambaye n’Umukiza, ari we Yesu Kristo, buzohishurirwa.
14 who gave himself for us to redeem us from all lawlessness and purify for himself a people of his own, eager for good works. Ni we yatwitangiye, araducungura kugira ngo tuve mu bubi bwacu bwose, atugira ubwoko bwejejwe yiharije, bufise ishaka ryo gukora ivyiza.
15 Declare these things; encourage and rebuke with all authority. Let no one disregard you. Ivyo ni vyo ukwiye kwigisha abizera. Ubahimirize kubikora kandi ukosore abatabikora, wishimikije ububasha wahawe bwose. Ntukemerere umuntu n’umwe kugukengera.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]