Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Amos 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The words of Amos, a shepherd of Tekoa, which he saw about Israel when Uzziah ruled Judah and Jeroboam son of Joash ruled Israel, two years before the earthquake. Aya ni amajambo yahawe Amosi, umwungere w’i Tekowa i Buyuda. Ayo majambo yayaronse mu vyo yeretswe imyaka ibiri imbere y’uko haba nyamugigima, hakaba hari ku ngoma ya Uziya umwami w’i Buyuda, n’iya Yerobowamu mwene Yowashi umwami wa Isirayeli.
2 He said: Our Father roars from Zion, sounds his voice from Jerusalem; the shepherds' pastures mourn, and Carmel's summit withers. Yavuze ati: “Uhoraho yivuze ari i Siyoni aturagara ari i Yerusalemu; uburagiro bw’abungere buruma, kandi ku gatwe ka Karumeli harakabirana.”
3 This is what our Father says: For three sins of Damascus, and for four, I will not turn it back, because they threshed Gilead with sledges of iron. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Kubera ivyaha bitatu vya Damasiko, mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye! Kuko basekuje abantu banje b’i Gileyadi imihini y’ivyuma.
4 So I will send a fire upon the house of Hazael, and it will devour the strongholds of Ben-hadad. Nzorungika umuriro ku nzu ya Hazayeli kandi uzotongora impome zikomeye za Beni-Hadadi.
5 I will break the gate-bar of Damascus, and cut off the one who sits enthroned in the Valley of Aven and the one who holds the scepter in Beth-eden; and the people of Aram will go into exile to Kir, says our Father. Nzohomvorera hasi amarembo y’i Damasiko; nzokwica umwami ari mu kiyaya ca Aveni n’uwufise inkoni yo kuganza ari i Beti-Edeni. Abantu b’i Siriya bazojanwa ari inyagano i Kiru,” ni ko Uhoraho avuze.
6 So says our Father: For three crimes of Gaza, and for four, I will not reverse it—they exiled an entire people, handing them over to Edom. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Kubera ivyaha bitatu vy’i Gaza, mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye! Ko bafashe abantu bo mu mihana yose bakabagira imbohe maze bakabagurisha kuri Edomu;
7 So I will send a fire upon the wall of Gaza, and it will devour her strongholds. nzorungika umuriro ku mpome z’i Gaza utongore impome zikomeye zaho.
8 I will cut off the one enthroned in Ashdod and the one who holds the scepter in Ashkelon; I will turn my hand against Ekron, and the remnant of the Philistines will perish, says the Sovereign Father. Nzorandura umwami w’i Ashidodi n’uwufise inkoni yo kuganza w’i Ashikeloni. Nzohindukiza ukuboko kwanje ngwanye Ekuroni, gushika uwa nyuma wo mu Bafilisitiya apfuye,” uko ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.
9 So says our Father: For three sins of Tyre, and for four, I will not relent, because they handed over a whole community of exiles to Edom and forgot the covenant of brothers. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Kubera ivyaha bitatu vya Tiro, mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye! Kuko bafashe abantu bo mu mihana yose bakabagira imbohe bakabagurisha ku Banyedomu, ntibubahiriza isezerano ry’uko ari abavukanyi.
10 So I will send a fire upon the wall of Tyre, and it will devour her strongholds. Ku bw’ivyo nzorungika umuriro ku mpome z’i Tiro, utongore impome zaho zikomeye.”
11 This is what our Father says: For three sins of Edom, and for four, I will not relent, because he chased his brother with the sword, stifled all compassion, his anger tore endlessly, and he kept his wrath forever. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Kubera ivyaha bitatu vya Edomu, mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye. Ko yakinagije umuvukanyi wiwe Isirayeli n’inkota agasogota abagore bo mu gihugu, kandi uburake bwiwe bukaziriringa urudaca, ubushangashirwe bwiwe bukarurumba ntibuhwame;
12 So I will send a fire upon Teman, and it will devour the strongholds of Bozrah. nzorungika umuriro i Temani utongore impome zikomeye z’i Bozira.”
13 This is what our Father says: For three sins of the Ammonites, and for four, I will not relent, because they ripped open Gilead's pregnant women to enlarge their border. Uku ni ko Uhoraho avuze: “Kubera ivyaha bitatu vya Amoni, mbere ni bine, sinzogenda ntabahanye! Kuko bafomoye inda z’abagore bibungenze b’i Gileyadi kugira ngo bagure imbibe zabo.
14 So I will kindle a fire on the wall of Rabbah, and it will devour her strongholds, with shouting on the day of battle, with a tempest on the day of the whirlwind. Nzorungika umuriro ku mpome z’i Raba utongore impome zikomeye zaho mu gihe hazoba hari akamo k’intambara, intambara imeze nk’umuyaga w’igihuhusi.
15 And their king will go into exile, he and his officials together, says our Father. Umwami waho azojanwa ari inyagano, we hamwe n’abaganwa biwe bose,” uko ni ko Uhoraho avuze.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]