Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Joel 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "For look, in those days and at that time, when I restore the fortunes of Judah and Jerusalem, “Muri iyo misi no muri ico gihe, aho nzogarukanira Abayuda n’ab’i Yerusalemu,
2 I will gather all the nations and bring them down to the Valley of Jehoshaphat. There I will judge them on behalf of my people, my inheritance Israel, whom they scattered among the nations; for they divided up my land, nzokwegeranya amahanga yose ndayakoranirize mu kiyaya ca Yehoshafati. Aho ni ho nzobageragereza kubera ivyo bakoreye umugabane wanje, ari bo bantu banje b’Abisirayeli, kuko basanzaje abantu banje mu mahanga bakagabura igihugu canje.
3 and they cast lots for my people. They traded a boy for a prostitute, and sold a girl for wine to drink. Bagize ubupfindo ku bantu banje; bagurisha abahungu ngo baronke ba maraya, bakagurisha abakobwa kugira ngo baronke umuvinyu ukwiye wo kunywa.
4 "Now what do you have against me, Tyre and Sidon, and all the regions of Philistia? Are you repaying me for something I have done? If you are paying me back, I will swiftly and speedily bring what you have done back on your own heads. None ga Tiro na Sidoni munyagiriza iki, mwe n’intara ziri kumwe namwe z’i Bufilisitiya? Mbega munyihora ico nabakoreye? Nimwaba muriko muranyihora, nzobasubizako vuba kandi vyihuta ivyo mwakoze.
5 For you took my silver and my gold and carried my finest treasures into your temples. Kuko mwafashe ifeza zanje n’inzahabu zanje, mugatwara ivyarusha ibindi kuba vyiza mu butunzi bwanje mubijana mu ngoro zanyu.
6 You sold the people of Judah and Jerusalem to the Greeks, to send them far away from their own land. Mwagurishije abantu banje b’i Buyuda n’i Yerusalemu ku Bagiriki, kugira ngo mubarungike kure y’igihugu cabo.
7 "But look, I am rousing them from the place to which you sold them, and I will bring what you have done back on your own heads. Raba, ngiye kubavyura ndabakure aho mwabagurishije hose, kandi nzosubiza kuri mwebwe nyene ivyo mwakoze.
8 I will sell your sons and daughters to the people of Judah, and they will sell them to the Sabeans, to a nation far away—for our Father has spoken." Nzogurisha abahungu banyu n’abakobwa banyu ku bantu b’i Buyuda, maze na bo bazobagurisha ku Basabeya, ihanga rya kure.” Ni ko Uhoraho avuze.
9 Proclaim this among the nations: Prepare for war! Rouse the warriors! Let all the fighting men draw near and come up. Nimubimenyeshe mu mahanga: Nimwitegurire intambara! Kangura abahizi! Abagwanyi bose nibegere hafi batere.
10 Beat your plowshares into swords and your pruning hooks into spears; let the weakling say, "I am a warrior." Ivyuma birima vy’imikogote yanyu mubicuremwo inkota imihoro yanyu muyicuremwo amacumu. Umunyantegenke avuge ati: “Ndakomeye!”
11 Hurry and come, all you surrounding nations, and gather yourselves there. Bring down your warriors, our Father. Nimuze munyaruka, yemwe mahanga mwese muve mu mpande zose, mukoranireyo. Manukana abagwanyi bawe, ewe Uhoraho!
12 "Let the nations rouse themselves and come up to the Valley of Jehoshaphat; for there I will sit to judge all the surrounding nations. “Amahanga navyuke; yose aje mu kiyaya ca Yehoshafati, kuko aho ari ho nzokwicara maze ncire imanza amahanga yose yo mu mpande zose.
13 Swing the sickle, for the harvest is ripe. Come, trample, for the winepress is full and the vats overflow—for their wickedness is great." Bangura umuhoro, kuko iyimbura rigeze. Nimuze, mugane inzabibu, kuko ubwato bwuzuye kandi ubwato bwo kuganiramwo bukaba busesekaye, ibibi vyabo ni vyinshi!”
14 Multitudes, multitudes in the valley of decision! For the day of our Father is near in the valley of decision. Ibihumbi n’ibihumbi bari mu kiyaya c’imanza! Kuko umusi w’Uhoraho uri hafi mu kiyaya c’imanza.
15 The sun and the moon grow dark, and the stars hold back their light. Izuba n’ukwezi bizokwirabura nk’umwijima, kandi n’inyenyeri ntizizoba zigikayangana.
16 Our Father roars from Zion and raises his voice from Jerusalem; the heavens and the earth tremble. But our Father is a refuge for his people, a stronghold for the children of Israel. Uhoraho azokwivuga ari i Siyoni kandi azoturagara ari i Yerusalemu; isi n’amajuru bizohinda agashitsi. Ariko Uhoraho azobera abantu biwe ubuhungiro, umunara wo guhungiramwo w’Abisirayeli.
17 "Then you will know that I am your Father, living in Zion, my holy mountain. Jerusalem will be holy, and foreigners will never pass through it again. “Ni ho muzomenyera ko jewe, Uhoraho Imana yanyu, mba i Siyoni, umusozi wanje wera. Yerusalemu hazoba ahera; abanyamahanga ntibazosubira kuhatera.
18 "And in that day the mountains will drip with sweet wine, the hills will flow with milk, and all the streambeds of Judah will run with water. A spring will flow from my house and water the Valley of Acacias. Kuri uwo musi imisozi izotembako umutobe w’umuvinyu, n’uturambi tuzotembako ubuki; imyonga yose y’i Buyuda itembemwo amazi. Isoko izotemba iva mu Ngoro y’Uhoraho kandi izovomera ikiyaya c’iminyinya.
19 Egypt will become a wasteland and Edom a desolate wilderness, because of the violence done to the people of Judah, in whose land they shed innocent blood. Ariko Egiputa hazoba umusaka, Edomu habe ubugaragwa, kubera ibibi bakoreye abantu b’i Buyuda, igihugu basheshemwo amaraso y’abatagira icaha.
20 But Judah will be inhabited forever, and Jerusalem through all generations. I Buyuda n’i Yerusalemu hazoba abantu ibihe vyose uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.
21 I will cleanse the guilt of the blood shed against them—which I have not yet cleansed—for our Father dwells in Zion." Sinzoshirwa ntahoye amaraso y’abatagira icaha. Haba na mba.” Uhoraho ahangamye i Siyoni!
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]