Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Psalms 29 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Ni Zaburi ya Dawidi.

1Nimwubahe Uhoraho, yemwe ngabo zo mw’ijuru,mwubahe Imana kubera ubwiza bwayo n’inkomezi zayo.

2Nimuhe Uhoraho icubahiro kibereye izina ryayo;musenge Imana mu cubahiro c’ukwera kwayo.

3Ijwi ry’Uhoraho ryumvikanira ku mazi menshi;Imana y’ubwiza iraturagaye,Imana ituragariye ku mazi menshi y’inkomezi.

4Ijwi ry’Uhoraho riri n’inkomezi;ijwi ry’Uhoraho riri n’icubahiro.

5Ijwi ry’Uhoraho rivunagura amasederi;Uhoraho ahindura ubunywenywe amasederi y’i Libani.

6Atuma Libani hikina amatavu nk’inyana,Siriyoni hakikina amatavu nk’inyana y’imbogo.

7Ijwi ry’Uhoraho rirekuraibikeke vy’imiravyo.

8Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ubugaragwa;Uhoraho anyiganyiza ubugaragwa bw’i Kadeshi.

9Ijwi ry’Uhoraho rinyiganyiza ibiti bininibininirikambika ubusa amashamba.Kandi mu Ngoro yiwe vyose bisemerera biti: “Ishimwe!”

10Uhoraho avyagiye ku mwuzure;Uhoraho avyagiye nk’Umwami ibihe bidashira.

11Uhoraho aha abantu biwe inkomezi;Uhoraho aha abantu biwe umugisha w’amahoro.

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]