Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Micah 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Marshal your forces, daughter of troops! A siege has been laid against us. With a rod they strike the judge of Israel on the cheek. Egeranya ingabo zawe, yewe wa gisagara c’ingabo, kuko umwansi akwugarije. Bazokubita umutware wa Isirayeli, bazomukubita inkoni kw’itama.
2 But you, Bethlehem Ephrathah, though you are small among the clans of Judah, from you will come forth for me one who will be ruler over Israel, whose origins are from ancient times, from the days of eternity. “Ariko wewe Betelehemu Efurata, naho uri muto mu bisagara vy’umuryango wa Yuda, muri wewe hazomviramwo uwuzoganza Abisirayeli, kandi amamuko yiwe ni aya kera, yamyeho uhereye mu bihe vya kera.”
3 Therefore he will give them up until the time when the woman in labor has given birth; then the rest of his brothers will return to the people of Israel. Nuko rero Abisirayeli bazoba akahebwe kugeza igihe umugore ari ku bise azovyarira umuhungu, n’abasigaye mu bavukanyi biwe bakagaruka bakifatanya n’Abisirayeli.
4 And he will stand and shepherd his flock in the strength of our Father, in the majesty of the name of his Father. And they will live in safety, for now he will be great to the ends of the earth. Azohaguruka aragire umukuku wiwe ari mu nkomezi z’Uhoraho, mu cubahiro c’izina ry’Uhoraho Imana yiwe. Maze bazokwibera amahoro, kuko muri ico gihe ubukuru bwiwe buzoshika no ku mpera z’isi.
5 And he himself will be our peace. When Assyria comes into our land and treads on our fortresses, then we will raise against him seven shepherds and eight leaders of men. Kandi ni we azoba amahoro yacu aho Abashuri bazoterera igihugu cacu bakagendagenda mu nzitiro zacu. Tuzohagurutsa abungere indwi bo kubagwanya, mbere ni abagabisha umunani,
6 They will shepherd the land of Assyria with the sword, and the land of Nimrod at its entrances. And the ruler will deliver us from Assyria when it comes into our land and treads within our borders. bazoganzisha inkota igihugu c’i Ashuri, igihugu ca Nimurodi bakiganzishe inkota isokoye. Azodukiza Abashuri aho bazoterera igihugu cacu bakajabuka imbibe zaco.
7 Then the remnant of Jacob will be in the midst of many peoples like dew from our Father, like showers on the grass, which do not wait for anyone or delay for any person. Amasigarira y’aba Yakobo azoba hagati mu mahanga menshi nk’urume ruvuye k’Uhoraho, nk’imvura iguye ku vyatsi, itarinda kurindira umuntu n’umwe canke ngo igire umuntu ayitegeka.
8 And Jacob's remnant will live among the nations, surrounded by many peoples—like a lion among the wild animals of the forest, like a young lion prowling among flocks of sheep, which, when it passes through, tramples and tears, and no one can rescue. Amasigarira y’aba Yakobo azoba mu moko menshi, hagati mu mahanga menshi, nk’intambwe mu bikoko vyo mw’ishamba, nk’umugunza w’intambwe mu mikuku y’intama, iyo irenganye itabagura yongera isiribanga, ata muntu wo gutabara.
9 Your hand will be lifted up over your adversaries, and all your enemies will be cut off. Ukuboko kwawe kuzoshirwa hejuru ngo kuneshe abansi bawe, kandi abakugwanya bazoherengetera.
10 And in that day, declares our Father, I will cut off your horses from among you and destroy your chariots. “Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho avuze, “Nzoherengeteza amafarasi hagati muri mwebwe nsambure imikogote yawe.
11 I will cut off the cities of your land and tear down all your strongholds. Nzosambura ibisagara vyo mu gihugu cawe nsenyurire hasi inzitiro zawe.
12 I will cut off sorceries from your hand, and you will have no more fortune-tellers. Nzoherengeteza ubupfumu bwawe kandi ntuzosubira kuragura.
13 I will cut off your carved images and your sacred pillars from among you, and you will no longer bow down to the work of your hands. Nzoherengeteza ibigirwamana vyawe n’inkingi z’amabuye zawe nzozikura muri wewe. Ntuzoba ucikubita imbere y’ibikorwa vy’intoke zawe.
14 I will uproot your Asherah poles from among you and demolish your cities. Nzorandura muri wewe inkingi za Ashera aho nzosamburira ibisagara vyawe.
15 And in anger and fury I will bring judgment on the nations that did not obey. Nzokwihorana uburake n’ubushangashirwe amahanga atanyumviye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]