Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Micah 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hear what our Father says: Stand, plead your case before the mountains; let the hills hear your voice. Nimwumve ivyo Uhoraho avuga: “Haguruke, muburane urubanza rwanje imbere y’imisozi; uturambi nitwumve ivyo mugira muvuge.
2 Listen, mountains, to our Father's case, and you lasting foundations of the earth; for our Father has a case against his people, and he will contend with Israel. Nimwumve yemwe misozi, ivyo Uhoraho abagiriza; nimwumvirize, yemwe matanguriro y’isi y’ibihe vyose. Kuko Uhoraho afitaniye urubanza n’abantu biwe; afise ivyo yagiriza Abisirayeli.
3 My children, what have I done to you? How have I wearied you? Answer me! Bwoko bwanje, ni igiki nabakoreye? Nabaruhije gute? Nimunyishure.
4 For I brought you up from the land of Egypt and redeemed you from the house of slavery; I sent before you Moses, Aaron, and Miriam. Nabakuye muri Egiputa kandi narabacunguye ndabakura mu nzu y’ubuja. Narungitse Mose ngo abarongore, hamwe na Aroni na Miriyamu.
5 My children, remember what Balak king of Moab planned, and what Balaam son of Beor answered him, from Shittim to Gilgal, so you will know the righteous acts of your Father. Bantu banje, nimwibuke ivyo Balaki umwami w’i Mowabu yari yagabiye n’ivyo Balamu mwene Beyori yishuye. Nimwibuke urugendo rwanyu kuva i Shitimu gushika i Gilugali, kugira ngo mumenye ibikorwa vyo kugororoka vy’Uhoraho.”
6 What should I bring when I come before our Father? How should I bow before our Father on high? Will I come to him with burnt offerings, with year-old calves? Mbega norengukana iki imbere y’Uhoraho ngo nuname imbere y’Imana ishizwe hejuru? Mbega norengukana imbere yiwe ibimazi bituriwe, hamwe n’ishuri imaze umwaka umwe?
7 Will our Father be pleased with thousands of rams, with 10,000 rivers of oil? Will I give my firstborn for my rebellion, the child of my own body for the sin of my soul? Mbega Uhoraho anezerwa n’impfizi z’intama ibihumbi, canke n’inzuzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Mbega notanga imfura yanje kw’ikimazi ku bw’icaha canje, icamwa c’umubiri wanje ku bw’icaha c’umutima wanje?
8 He has told you what is good; and what does our Father require of you but to do justice, to love kindness, and to walk humbly with your Father? Yewe muntu, yarakweretse iciza ico ari co. Mbega hari ikindi Uhoraho akugombako? Ni ugukora ibigororotse, gukunda imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi.
9 The voice of our Father calls to the city—and it is sound wisdom to fear your name—"Listen, tribe, and the one who appointed it! Nimwumve! Uhoraho ariko arahamagara iki gisagara, kandi kwubaha izina ryiwe ni bwo bwenge. “Nimutinye inkoni n’uwayitumye.
10 Are there still treasures of wickedness in the house of the wicked, and the accursed short measure? Mbega nzokwirengagiza za nyungu mbi, yemwe ab’inzu y’abanyakibi, na ya minzane yanyu ipima ibidakwiye, navumye?
11 Will I declare innocent the one with dishonest scales, with a bag of deceitful weights? Mbega nzogenda ntahanye uwukoresha iminzane y’ibinyoma, n’imifuko y’amabuye y’umunzane adakwiye?
12 Your rich men are full of violence, your inhabitants speak lies, and their tongues are full of deceit. Abatunzi banyu bafise umuryano; ababa ngaha ni ababeshi n’indimi zabo zivuga ivyo guhendana.
13 So I myself have begun to strike you, making you desolate because of your sins. Kubera ivyo, natanguye kubahonya, ngo muherengetere kubera ivyaha vyanyu.
14 You will eat but not be satisfied, and your hunger will stay within you; you will store up but not save, and what you save I will give over to the sword. Muzorya ntimuhage; muzokwama mwumva inda zigaragara. Muzokwegeranya ariko nta co muzoziganya, kuko ivyo muzoziganya nzobimarisha inkota.
15 You will sow but not reap; you will press olives but have no oil to use, and press the grapes but not drink the wine. Muzobiba ariko ntimuzokwimbura; muzogana imyelayo ariko ntimuzokoresha amavuta yayo, muzogana inzabibu ariko ntimuzonywa umuvinyu wazo.
16 For you have kept the statutes of Omri and all the works of the house of Ahab, and you have followed their ways; so I will make you a desolation and your inhabitants a mockery, and you will bear the scorn of my children." Mwitondeye ivyagezwe vya Omuri n’ibikorwa vyose vy’inzu ya Ahabu; mwakurikije imigenzo yabo. Ni co gituma nzobarekurirako uguhona abantu banyu na bo ndabarekurireko ibimaramare; muzokwumva agacokoro k’amahanga.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]