Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Lamentations 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Remember, our Father, what has happened to us; look and see our disgrace. Wibuke, yewe Uhoraho, ivyatubayeko; raba, ubone ibiteterwe turimwo.
2 Our inheritance has been turned over to strangers, our homes to foreigners. Ishamvu yacu yahawe abo tutazi, amazu yacu yahawe abanyamahanga.
3 We have become orphans, fatherless; our mothers are like widows. Twahindutse impfuvyi zitagira ba se, kandi ba mama babaye abapfakazi.
4 We pay for our own water to drink; even firewood costs us money. N’amazi yo kunywa turayagura; n’inkwi ducana tuzironka dutanze amahera.
5 Our pursuers are at our necks; we are worn out and given no rest. Abadukinagiza badufashe ku gakanu; turaremerewe, nta gahengwe dufise.
6 We submitted to Egypt and Assyria just to get enough bread. Twunamiye Egiputa na Ashuri kugira ngo turonke ivyokurya tubeho.
7 Our ancestors sinned, and are no more; and we bear their punishment. Ba sogokuruza bacu baracumuye kandi ntibakiriho, ariko twikoreye igihano cabo.
8 Slaves rule over us; there is no one to free us from their grip. Abagurano ni bo batuganza, kandi nta n’umwe wo kudukura mu maboko yabo.
9 We risk our lives to get our bread, because of the sword in the wilderness. Turonka ivyokurya mu guheba amagara yacu kubera inkota iri mu bugaragwa.
10 Our skin is hot as an oven, scorched by the burning heat of famine. Urukoba rwacu rurashushe nk’itanure, kubera ubushe bw’inzara.
11 Women are violated in Zion, virgins in the cities of Judah. Abagore bafashwe ku nguvu i Siyoni, n’abakobwa mu bisagara vy’i Buyuda.
12 Princes are hung up by their hands; the elders receive no respect. Abaganwa bamanitswe n’amaboko yabo; inararibonye ntizicubahwa.
13 Young men toil at the millstones; boys stagger under loads of wood. Abasore baruhishijwe n’ibikorwa vyo gusya; abahungu badandabiranishwa n’imiganda y’inkwi.
14 The elders have left the city gate, the young men their music. Inararibonye zavuye kw’irembo ry’igisagara; abasore bahagaritse kuririmba.
15 The joy of our hearts has ceased; our dancing has turned to mourning. Umunezero wose waragiye uva mu mitima yacu; intambo zacu zahindutse ikigandaro.
16 The crown has fallen from our head. Woe to us, for we have sinned! Urugori rwarakorotse ruva ku mutwe wacu. Turagowe, kuko twacumuye!
17 Because of this our heart has grown faint; because of these things our eyes have grown dim. Ni ku bw’ivyo imitima yacu icitse intege, ni ku bw’ivyo amaso yacu atakibona neza,
18 For Mount Zion lies desolate; jackals prowl over it. kuko umusozi Siyoni wabaye imisaka, wabaye ikirimbiro ry’imbwebwe.
19 You, our Father, are enthroned forever; your throne endures from generation to generation. Wewe Uhoraho, uraganje ibihe bidashira; ingoma yawe izokwamaho uko urunganwe ruzokurikirana n’urundi.
20 Why do you forget us forever, forsake us for so many days? Mbega ni kuki wama utwibagira? Ni kuki waduhevye igihe kingana uku?
21 Restore us to yourself, our Father, and we will return; renew our days as they once were, Utugarukane kuri wewe, yewe Uhoraho, natwe turagaruka; udusubize imyaka yacu ya kera,
22 unless you have utterly rejected us, and are angry with us beyond measure. kiretse nimba waraduhevye ibihe vyose, ukaba waraturakiye birenze urugero.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]