Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Lamentations 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 How the gold has grown dim, how the purest gold is changed! The sacred stones lie scattered at every street corner. Ese ukuntu inzahabu yacuye, inzahabu nziza yataye ubwiza bwayo! Amabuye y’urusengero yandagaye hasi mu mayira no mu mpande zose.
2 The precious children of Zion, once worth their weight in fine gold, how they are now counted as clay pots, the work of a potter's hands! Ese ukuntu abahungu beza b’i Siyoni, bahora baremereye nk’inzahabu, ubu bameze nk’inkono z’ibumba, igikorwa c’amaboko y’umubumvyi!
3 Even jackals offer the breast and nurse their young, but the daughter of my people has turned cruel, like ostriches in the wilderness. N’imbwebwe zironsa mu kugaburira ivyana vyazo, ariko abantu banje babaye abatagira umutima bameze nk’ikinyoni citwa otirishe mu bugaragwa.
4 The tongue of the nursing infant sticks to the roof of its mouth from thirst; the children beg for bread, but no one gives them a piece. Kubera inyota ururimi rw’uruhinja rwafatanye n’amagage; abana barasega umukate, ariko nta n’umwe abaha na mba.
5 Those who once feasted on delicacies now lie desolate in the streets; those who grew up wearing fine purple now cling to ash heaps. Abahora barya ibishwashwagira bishwe n’inzara mu mayira. Abakuze bambara impuzu z’inyambarabami ubu barara ku magunira y’imyavu.
6 The guilt of the daughter of my people is greater than the sin of Sodom, which was overthrown in a moment, though no human hand was laid against her. Igihano c’abantu banje kirengeye ic’ab’i Sodomu, bamwe barandurwa mu kanya isase ata wo kubatabara.
7 Her princes were purer than snow, whiter than milk; their bodies more rosy than coral, their form like sapphire. Abaganwa baho barera derere kurusha shelegi mbere barera kurusha n’amata, imibiri yabo yari ikomeye nk’amabuye, mu maso habo basa n’ibuye ry’agaciro ryitwa lapisi lazuli.
8 Now their appearance is blacker than soot; they go unrecognized in the streets. Their skin has shriveled on their bones; it has dried up like wood. Ariko ubu barirabura kurusha umwijima w’umuzitanya; mu nzira nta wushobora kubamenya. Urukoba rwabo rwafatanye n’amagufa yabo; rwarumye nk’inkoni.
9 Those slain by the sword were better off than those slain by hunger, who wasted away, pierced through with hunger for lack of food from the fields. Abicwa n’inkota bapfa neza kuruta abicwa n’ikigoyi. Kubera gusonza, barapfa bishwe no kubura ivyokurya vyo mu mirima.
10 The hands of compassionate women boiled their own children; they became their food when the daughter of my people was destroyed. Abagore, naho bagirira impuhwe abana babo, barabatetse n’amaboko yabo, maze barabarya igihe abantu banje bariko barahona.
11 Our Father gave full vent to his wrath; he poured out his burning anger and kindled a fire in Zion that consumed her foundations. Uhoraho yadusutseko uburake bwiwe bwose; yarekuye uburake bwiwe bwaka nk’umuriro. Yadometse umuriro i Siyoni uturira amatanguriro yaho.
12 The kings of the earth did not believe, nor did anyone living on earth, that an enemy or a foe could enter the gates of Jerusalem. Abami bo mw’isi ntibavyizera, canke umuntu n’umwe wo mu baba kw’isi, ko abansi n’abakeba boshobora kwinjira amarembo y’i Yerusalemu.
13 It was for the sins of her prophets and the crimes of her priests, who shed in her midst the blood of the righteous. Ariko vyashitse kubera ivyaha vy’abavugishwa b’aho n’ukugabitanya kw’abaherezi b’aho, bahasheshe amaraso y’abagororotsi.
14 They wandered blind through the streets, defiled with blood, so that no one could touch their garments. Bagendagenda mu mayira y’aho nk’abantu b’impumyi. Bahumanijwe n’amaraso ku buryo ata n’umwe yubahuka gukora no ku mpuzu zabo.
15 "Away! Unclean!" people cried at them. "Away! Away! Do not touch!" So they fled and wandered, and among the nations it was said, "They can stay here no longer." Abantu barasemerera bati: “Igirayo! Murahumanye!” “Nimuje kure! Nimuje kure! Ntimudukoreko!” Bariko barahunga bangara, abantu bo mu mahanga bavuga bati: “Ntibagikwiye kuguma hano na gatoya.”
16 Our Father's presence has scattered them; he will look on them no longer. No honor was shown to the priests, no favor to the elders. Uhoraho ubwiwe ni we yabasabagije; ntakiri umwungere wabo. Abaherezi ntibacubahwa, n’inararibonye ngo zigirirwe akagongwe.
17 Our eyes grew weary watching in vain for help; from our watchtowers we watched for a nation that could not save. Vyongeye, amaso yacu yaruhijwe no kwitega ugutabarwa kandi kutari buboneke; twarerekeye ku minara yacu turaba ihanga ritashobora kudutabara.
18 They stalked our steps so we could not walk in our streets. Our end drew near, our days were numbered, for our end had come. Abantu baguma bareretse intambuko zacu zose, kubera ivyo ntitwacaruka ngo tugendagende mu mabarabara iwacu. Iherezo ryacu ryari hafi, imisi yacu yari iharuwe, kuko iherezo ryacu ryari rishitse.
19 Our pursuers were swifter than eagles in the sky; they chased us over the mountains and lay in wait for us in the wilderness. Abaduhiga banyaruka nk’inkona mu kirere; badukinagiza ku misozi kandi batubundiye mu bugaragwa.
20 Our very life-breath, our Father's anointed, was captured in their pits—the one of whom we said, "Under his shadow we will live among the nations." Uwasizwe amavuta n’Uhoraho, ari we ubugingo bwacu bwenenako, yafashwe n’imitego yabo. Twiyumvira ko musi y’igitutu ciwe ari ho tuzoba turi mu mahanga.
21 Rejoice and be glad, daughter of Edom, you who live in the land of Uz; but the cup of his anger will come to you as well—you will become drunk and strip yourself bare. Nezerwa kandi uhimbarwe, yewe mukobwa w’i Edomu, wewe uba mu gihugu c’i Uzi. Ariko na wewe igikombe cawe kizoza; uzoborerwa, ute impuzu ugende gusa.
22 Your punishment is complete, daughter of Zion; he will not prolong your exile. But your guilt, daughter of Edom, he will punish; he will lay bare your sins. Igihano cawe kizohera, yewe mukobwa w’i Siyoni; ntazokwongereza igihe cawe co kuba mu kinyago. Ariko azohana ivyaha vyawe, wewe mukobwa w’i Edomu, agaragaze ububi bwawe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]