Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 31 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Woe to those who go down to Egypt for help, who rely on horses, who trust in chariots because they are many and in horsemen because they are very strong—but they do not look to the Holy One of Israel, our Father, nor seek him. Bazobona ibara abamanuka muri Egiputa kurondera ugutabarwa, bakizera amafarasi, bakizera ubwinshi bw’imikogote n’inkomezi z’abagendera ku mafarasi, aho guhanga amaso Uwera wa Isirayeli, canke ngo barondere ugutabarwa kuva k’Uhoraho.
2 Yet he too is wise and brings disaster; he does not take back his words. He will rise against the house of the evildoers and against the help of those who do wrong. Ariko rero Uhoraho na we arazi ubwenge, azobateza ivyago, kandi ntazokwivuguruza. Azohagurukira inzu y’inkozi z’ibibi, hamwe n’abatabara inkozi z’ibibi.
3 The Egyptians are men and not God; their horses are flesh and not spirit. When our Father stretches out his hand, the helper will stumble and the one helped will fall, and together they will all come to an end. Kuko Abanyegiputa ari abantu buntu, atari Imana; amafarasi yabo na yo akaba ibintu vy’umubiri gusa atari impwemu. Uhoraho niyaramvura ukuboko kwiwe, umutabazi azotsitara, uwutabawe azogwa, bompi bazohonera hamwe.
4 For this is what our Father said to me: As a lion or a young lion growls over its prey—and though a band of shepherds is called out against it, it is not terrified by their shouting or intimidated by their noise—so the Father of heaven's armies will come down to fight on Mount Zion and on its height. Uhoraho yambwiye ati: “Nk’uko intare yivuga, kandi nk’uko intare ikomeye irohera ku co yafashe, abungere bagakorana ngo bayigwanye, ariko ntiterwe ubwoba n’urwamo rwabo n’induru yabo, ni ko Uhoraho Mushoboravyose azomanurwa no kugwanira ku musozi Siyoni, n’ahakirurutse cane hawo.
5 Like birds hovering overhead, so the Father of heaven's armies will shield Jerusalem; he will shield and deliver it, he will pass over it and rescue it. Nk’uko ibisiga bisanza amababa, hejuru y’ivyari ni ko Uhoraho Mushoboravyose azokingira Yerusalemu; azohakingira yongere aharokore, azoca hejuru yaho ahakize.
6 Return to him from whom the people of Israel have so deeply turned away. Yemwe Bisirayeli, enda nimugaruke kuri Umwe mwagarariza.
7 For in that day everyone will reject his idols of silver and his idols of gold, which your own hands have sinfully made for you. Igihe kizogera, aho muzota ibigirwamana vy’ifeza n’ivy’inzahabu amaboko yanyu yuzuye ivyaha yakoze.
8 Then Assyria will fall by a sword that is not man's, and a sword not of mankind will devour him. He will flee before the sword, and his young men will be put to forced labor. Ashuri hazorandurwa n’inkota itari iy’abantu; inkota itari iy’abantu buntu ni yo izobarigita. Bazohunga imbere y’iyo nkota, kandi imikangara yabo izogirwa abagurano.
9 His stronghold will crumble in terror, and his princes will flee in panic from the battle standard, declares our Father, whose fire is in Zion and whose furnace is in Jerusalem. Ahantu hakomeye binyegeza hazosenyuka kubera ubwoba, abakuru mu ntambara nibabona amabendera y’intambara, bazota umutwe.” Uko ni ko Uhoraho avuze, uwufise umuriro wiwe i Siyoni, akagira n’itanure i Yerusalemu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]