Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 32 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Look, a king will reign in righteousness, and rulers will govern with justice. Ehe raba, hagiye kwima umwami agororotse, kandi abatware biwe bazoganzanya ubugororotsi.
2 Each will be like a shelter from the wind, a refuge from the storm, like streams of water in a dry place, like the shadow of a great rock in a weary land. Umwumwe wese muri bo azomera nk’ahantu ho kwikinga umuyaga canke aho guhungira igihuhusi, yongere abe nk’imbizi y’amazi mu bugaragwa, canke nk’igitutu kiva ku gitandara kinini mu gihugu kigadutse.
3 Then the eyes of those who see will not be closed, and the ears of those who hear will listen. Maze amaso y’ababona ntazosubira guhumiriza, nayo amatwi y’abumva azokwumviriza.
4 The hasty mind will understand knowledge, and the stammering tongue will speak readily and clearly. Imitima ihuha izogira ubwenge n’ugutahura, n’indimi z’abagigimiza zizovuga zirongorotse.
5 No longer will the fool be called noble, nor the scoundrel said to be honorable. Abantu b’ibipfu ntibazoba bacitwa intwari, n’indyarya ntizizohabwa icubahiro.
6 For the fool speaks foolishness, and his heart plots evil: to practice ungodliness, to speak lies about our Father, to leave the hungry with nothing and to deprive the thirsty of drink. Kuko ibipfu bivuga ivy’ubupfu, imitima yavyo yagondamiye ku bibi. Bagendera mu kutubaha Imana, bagakwiragiza ibinyoma k’Uhoraho; bima indya uwushonje, uwunyotewe bakamwima amazi.
7 The scoundrel's weapons are evil; he devises wicked schemes to destroy the poor with lying words, even when the needy pleads his case justly. Inzira z’indyadya ziragoramanze, barementaniriza ibinyoma umukene kugira ngo bamuranduze ibinyoma, naho umukene yoba avuga ibitunganye.
8 But the noble person plans noble things, and by noble things he stands. Ariko inyankamugayo zigira imigabo myiza, kandi mu bikorwa vyabo vy’inyankamugayo barashikama.
9 You complacent women, rise up and hear my voice; you carefree daughters, listen to what I say. Mwa bagore mwe mwidibamiye, nimuve hasi munyumvirize, namwe bakobwa mwumva mutekaniwe, nimwumve ivyo mvuga,
10 "In little more than a year you will tremble, you carefree women, for the grape harvest will fail, and there will be no gathering. Mu gihe kirenga gatoya umwaka, mwebwe mwumva ko mukingiwe muzojugumira. Inzabibu zanyu ntizizokwama, iyimbura ryazo ntirizokwigera ribaho.
11 Tremble, you complacent ones; shudder, you carefree ones! Strip yourselves bare and put mourning clothes around your waists. Nimuhinde agashitsi, yemwe bagore mwidibamiye, muhagarike imitima namwe bakobwa mwumva mutekaniwe! Nimwambure imyambaro yanyu nziza, mukenyere amagunira.
12 Beat your breasts for the pleasant fields, for the fruitful vine, Nimwikubite mu gikiriza, ku bw’imirima mwakunda, n’inzabibu zahora zama cane,
13 for the land of my people, where thorns and briers grow up; indeed, for all the houses of joy in the jubilant city. mubabazwe n’igihugu c’abantu banje, camezemwo amahwa n’imikere. Muborogere amazu meza ahimbaye, hamwe n’ibisagara vy’umunezero.
14 For the palace will be abandoned, the bustling city deserted; the hill and the watchtower will become bare places forever, a delight for wild donkeys, a pasture for flocks, Kuko ikirimba c’umwami n’igisagara bizotabwa, igisagara cuzuyemwo urwamo gihebwe. Ahari agasozi n’umunara w’inderetsi hazotabwa ibihe vyose, hahinduke ikirimbiro ry’indogoba n’uburagiro bw’ibitungwa,
15 until the Spirit of our Father is poured out on us from on high, and the wilderness becomes a fruitful field, and the fruitful field is regarded as a forest. gushika aho Mpwemu azodusukwako avuye mw’ijuru. Ni ho ubugaragwa buzocika isi imera, umurima umera na wo ukamera nk’ishamba.
16 Then justice will dwell in the wilderness, and righteousness will remain in the fruitful field. Ubutungane bw’Uhoraho buzoba mu bugaragwa, ubugororotsi na bwo bube kw’isi imera.
17 The work of righteousness will be peace, and the result of righteousness, quietness and security forever. Inkurikizi y’ubwo bugororotsi izoba amahoro, bizotuma haba ugutekana n’ukwizerana ibihe vyose.
18 My people will dwell in a peaceful home, in secure dwellings, in undisturbed resting places. Abantu banje bazoba ahantu hari amahoro, mu mazu y’umutekano, aho ata kizobakokoma baruhutse.
19 Though hail flattens the forest and the city is completely leveled, Naho urubura rwohonya ishamba, igisagara kigasenyukira hasi cose,
20 blessed are you who sow beside all the waters, who let the ox and the donkey range freely." Uhoraho azohezagira ubwoko bwiwe. Bazobiba bimbure umusesekara, ibitungwa vyanyu bizorisha ahatotahaye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]