Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Isaiah 20 OKCB

Side by side with the Father's Heart Bible™

Imburi kuri Egiputa na Etiyopiya

1Mu mwaka kizigenza mu ntwaramiheto yarungikwa na Sarugoni, umwami wa Ashuri, gutera muri Ashidodi akahafata, 2ni ho Uhoraho yavugisha Yesaya mwene Amozi, amubwira ati: “Niwambure ayo magunira, ukure n’ibirato wambaye.” Na we abigenza gutyo, maze agendagenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye.

3Nuko Uhoraho aravuga ati: “Nk’uko umusavyi wanje Yesaya amaze imyaka itatu agenda ari gusa, ata n’ibirato yambaye, akabera Abanyegiputa n’Abanyetiyopiya imburi, 4ni ko umwami wa Ashuri azotwara Abanyegiputa nk’abanyagano, n’Abanyetiyopiya nk’imbohe, bari gusa, batambaye n’ibirato, ata co bakenyeye, kugira ngo Egiputa hamaramare. 5Kandi abari bizigiye Etiyopiya, bakishimira Egiputa, bazotinya, baterwe n’isoni. 6Kuri uwo musi, ababa muri iki kiyaya cegereye ikiyaga bazovuga bati: ‘Nimurabe ivyashikiye abo twari twishimiye, abo twari twahungiyeko ngo badukize umwami wa Ashuri. Mbega none tumukira gute?’ ”

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]