Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Amos 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hear this word, you cows of Bashan who are on the mountain of Samaria, you who oppress the poor, who crush the needy, who say to your masters, "Bring us something to drink!" Nimwumve iri jambo, yemwe mwa nka z’i Bashani ku Musozi Samariya, yemwe bagore muhahaza aboro mu gahonyora ku gakanu umukene, maze mukabwira abagabo banyu muti: “Nimutuzanire ivyo kunywa bindi!”
2 The Sovereign Father has sworn by his holiness: "The days are coming upon you when they will drag you away with hooks, and the last of you with fishhooks. Uhoraho Nyeninganji arahiye ukwera kwiwe ati: “Ni ukuri umusi uzoshika aho muzojanwa mukwegeshwa igera, gushika ku wa nyuma muzokwegeshwa amagera nk’ifi.
3 You will go out through the breaches in the wall, each one straight ahead, and you will be flung out toward Harmon," declares our Father. Umwe wese azosohokanwa bamucishije mu gitoboro baciye mu gihome, maze muzojugunywa mu gihugu c’i Harumoni,” ni ko Uhoraho avuze.
4 "Come to Bethel and rebel; to Gilgal, and rebel all the more! Bring your sacrifices every morning, your tithes every three days. “Nimuje i Beteli mukore ivyaha; hanyuma muje i Gilugali murushirize. Muzane ibimazi vyanyu uko bukeye, n’ibigiracumi vyanyu uko imyaka itatu iheze.
5 Burn leavened bread as a thank offering, announce your freewill offerings, proclaim them aloud—for this is what you love to do, people of Israel!" declares the Sovereign Father. Nimwotse imikate irimwo umwambiro ibe ishikanwa ryo gushima muvuze inzamba mumenyesha ibimazi mutanze mwishakiye, muvyirate, yemwe Bisirayeli, kuko ari vyo mukunda gukora,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze.
6 "I gave you empty stomachs in every city and a lack of bread in every place, yet you did not return to me," declares our Father. “Abo mu bisagara bimwe nabateje inzara abo mu bindi bose ndabima indya, ariko na ho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,” ni ko Uhoraho avuze.
7 "I also withheld the rain from you while there were still three months to the harvest. I would send rain on one city and withhold it from another; one field would be rained on, and the field with no rain would dry up. “Nabimye n’imvura hagisigaye amezi atatu ngo iyimbura rigere. Narungitse imvura ku gisagara kimwe, ariko ikindi ndakiyima. Umurima umwe waronse imvura; uwundi ntiwaronka na mba uragaduka.
8 So two or three cities would stagger to another city for water but not have enough to drink, yet you did not return to me," declares our Father. Abantu bayerera bava mu gisagara baja mu kindi barondera amazi ariko ntibaronka ayabamara inyota, ariko naho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,” ni ko Uhoraho avuze.
9 "I struck you with blight and mildew; the locust devoured your many gardens and vineyards, your fig trees and your olive trees, yet you did not return to me," declares our Father. “Ni kenshi nakubise imirima y’ingano zanyu n’imizabibu yanyu, ndabiteza kubora no kwuma. Inzige zarishije imisukoni yanyu n’imyelayo yanyu, ariko na ho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,” ni ko Uhoraho avuze.
10 "I sent a plague against you like the one in Egypt; I killed your young men with the sword and carried off your horses. I made the stench of your camp rise into your nostrils, yet you did not return to me," declares our Father. “Narungitse ibiza muri mwebwe nk’uko nabigiriye Egiputa. Nicishije inkota abahungu banyu, n’amafarasi yanyu aranyagwa. Nujuje mu mazuru yanyu umunuko uva mu bapfiriye mu nsago zanyu, ariko naho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,” ni ko Uhoraho avuze.
11 "I overthrew some of you as I overthrew Sodom and Gomorrah, and you were like a stick snatched from the fire, yet you did not return to me," declares our Father. “Natembagaje bamwe bo muri mwebwe nk’uko natembagaje Sodomu na Gomora. Abo muri mwebwe barokotse, kwari kurya kw’urukwi rwokowe mu muriro, ariko na ho nyene ntimwahindukiye ngo mungarukeko,” ni ko Uhoraho avuze.
12 "Therefore this is what I will do to you, Israel; and because I will do this to you, prepare to meet your Father, O Israel!" “None rero uku ni ko ngiye kukugirira, yewe Isirayeli, kandi kubera nzokugirira gutyo, ga Isirayeli, niwitegure guhura n’Imana yawe.”
13 For it is he who forms the mountains and creates the wind, who reveals his thoughts to mankind, who turns the dawn to darkness and treads on the heights of the earth—the Father of heaven's armies is his name. Uwabumvye imisozi, uwaremye umuyaga, agahishurira ivyo yiyumvira abana b’abantu, uwuhindura umutwenzi ukaba umwijima, akagendera ku dutwe tw’isi, Uhoraho Imana Mushoboravyose ni ryo zina ryiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]