Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Amos 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Hear this word that I raise as a lament over you, house of Israel: Umviriza iri jambo, yewe Isirayeli, iyi ndirimbo yo gucura intimba yerekeye wewe:
2 Fallen, never to rise again, is the virgin Israel; she lies abandoned on her own land, with no one to raise her up. “Umukobwa ari we Isirayeli aratemvye, ntazosubira kuvyuka, bamuhebeye mu gihugu ciwe, kandi nta muntu n’umwe wo kumuvyura.”
3 For the Sovereign Father says: The city that marches out 1,000 will have one hundred left; the one marching out one hundred will have ten left—for the house of Israel. Uku ni ko Uhoraho Nyeninganji abwiye Isirayeli: “Igisagara cawe cahora kirungika ingabo z’abahizi igihumbi kizosigarana ijana gusa; igisagara cawe cahora kirungika ingabo z’abahizi ijana kizosigarana icumi gusa.”
4 For this is what our Father says to the house of Israel: Seek me and live. Uku ni ko Uhoraho abwira Abisirayeli: “Nimundondere kugira ngo mubone kubaho;
5 But do not seek Bethel, do not go to Gilgal, do not cross over to Beersheba; for Gilgal will surely go into exile, and Bethel will come to nothing. ntimuronderere i Beteli, ntimuje n’i Gilugali, ntimufate urugendo muja i Berisheba. Kuko i Gilugali bazojanwa ari inyagano mu mahanga, kandi n’i Beteli hazohindurwa hasigare ari ubusa.”
6 Seek our Father and live, or he will sweep like fire through the house of Joseph; it will devour, with no one to quench it for Bethel. Nimurondere Uhoraho kugira ngo mubeho, atari uko, azotongora imiryango ya Yosefu nk’umuriro; umuriro uzobarigata, kandi i Beteli ntihazoboneka n’umwe wo kuwuzimya.
7 You who turn justice into bitter poison and throw righteousness to the ground. Hari abahindura ubutungane umururazi bagaterera hasi ubugororotsi.
8 He who made the Pleiades and Orion, who turns deep darkness into morning and darkens day into night, who summons the waters of the sea and pours them out over the face of the earth—our Father is his name. Uwaremye inyenyeri, Peleyiyade na Oriyoni, agahindura umwijima ukaba umutwenzi kandi agatuma umurango uhinduka ijoro, uwuhamagara amazi yo mu kiyaga akayasuka kw’isi, Uhoraho ni ryo zina ryiwe.
9 He flashes destruction on the strong, and ruin comes upon the fortress. Mu kubanguka nk’umuravyo arandura umunyenkomezi igisagara gikomeye akagihindura umusaka.
10 They hate the one who reproves in the gate, and they despise the one who speaks the truth. Hari abanka uwushigikira ubutungane mu manza, bakanka n’uwuvugisha ukuri.
11 Therefore, because you trample on the poor and exact from him a tax of grain, you have built houses of cut stone, but you will not live in them; you have planted lovely vineyards, but you will not drink their wine. Mucinyiza abakene mukabaka itagisi ku ngano. Ni co gituma, naho mwubatse inzu z’amabuye, mutazozibamwo; naho mwarimye imizabibu myiza, mutazonywa umuvinyu wazo.
12 For I know how many are your offenses and how great your sins—you who afflict the righteous and take bribes and push aside the needy in the gate. Kuko nzi ko ivyaha vyanyu ari vyinshi n’ibicumuro vyanyu bikaba ibihambaye. Hari abacinyiza abatagira icaha hanyuma bakarya ibiturire, bakarenganya abakene mu manza.
13 Therefore the prudent keep silent in such a time, for it is an evil time. Ni co gituma umunyabwenge yinumira mu bihe nk’ibi, kuko ari ibihe bibi.
14 Seek good and not evil, that you may live; and so the Father of heaven's armies will be with you, just as you have claimed. Nimurondere ivyiza, aho kurondera ibibi, kugira ngo mubeho. Maze Uhoraho Imana Mushoboravyose azobana namwe, nk’uko mubivuga ko abana namwe.
15 Hate evil and love good, and establish justice in the gate; perhaps the Father of heaven's armies will be gracious to the remnant of Joseph. Nimwanke ibibi, mukunde ivyiza; muce imanza zibereye mu bucamanza. Kumbure Uhoraho Imana Mushoboravyose yogirira imbabazi amasigarira y’aba Yosefu.
16 So the Father of heaven's armies says: In every square, wailing; in every street, they cry, "Alas! Alas!" They call the farmer to mourning, and those skilled in lament to wailing. Nuko rero, uku ni ko Uhoraho, Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze: “Bazoborogera mu mabarabara yose, bavuze induru kubera umubabaro mw’ihuriro ryose ry’abantu. Abarimyi bazohamagarirwa kurira, n’abagandaye ngo baboroge.
17 In all the vineyards there will be wailing, for I will pass through your midst, says our Father. Hazoba amaborogo mu mizabibu yose, kuko nzoca hagati muri mwebwe,” ni ko Uhoraho avuze.
18 Woe to you who long for the day of our Father! Why would you want the day of our Father? It is darkness, not light. Muragowe mwebwe mwipfuza umusi w’Uhoraho ko woshika! Mbega ni kuki mwipfuza umusi w’Uhoraho? Uwo musi uzoba uw’umwijima, ntuzoba uw’umuco.
19 It will be as if a man fled from a lion only to meet a bear, or went into his house and rested his hand on the wall only to be bitten by a snake. Bizoba nk’uko umuntu yoba ahunze intambwe, maze agaca ahura n’idubu, nk’aho yoba yinjiye mu nzu iwe, akishimikiza igihome, maze inzoka igaca imukomora.
20 Will not the day of our Father be darkness, not light—pitch-dark, with no brightness in it? Mbega umusi w’Uhoraho ntuzoba uw’umwijima, aho kuba uw’umuco; umusi w’umwijima w’umuzitanya, utagiramwo umuco na mukeya?
21 I hate, I despise your festivals; I take no delight in your solemn assemblies. “Ndanka urunuka, nkongera ngasesemwa n’imisi mikuru yanyu; amakoraniro yanyu y’uburyarya sinzovyihanganira.
22 Even if you offer me burnt offerings and your grain offerings, I will not accept them; and the peace offerings of your fattened animals I will not even look at. Naho mwotanga ibimazi vyo guturirwa n’umuriro n’amashikanwa y’ifu, sinzovyakira. Naho mwozana ibimazi vy’ishimwe vy’indobanurwa, sinzobinezererwa.
23 Take away from me the noise of your songs; I will not listen to the music of your harps. Nimujane kure urwo rwamo rw’indirimbo zanyu! Sinzokwumviriza inanga zanyu.
24 But let justice roll down like waters, and righteousness like an ever-flowing stream. Ariko nimureke imanza zibereye zitembe nk’uruzi, ukugororoka kumere nk’umugezi udakama!
25 Did you bring me sacrifices and offerings those forty years in the wilderness, house of Israel? Hari ibimazi n’amashikanwa mwanshikaniye mu myaka mirongo ine mwamaze mu bugaragwa, yemwe Bisirayeli?
26 You have lifted up Sikkuth your king and Kiyyun your star-god, the images you made for yourselves. Mwareruye ibigirwamana mwibumbiye, kimwe ca Sakuti, mwita umwami wanyu n’imana yanyu, n’ica Kewani, inyenyeri yanyu n’imana yanyu.
27 So I will send you into exile beyond Damascus, says our Father—the Father of heaven's armies is his name. Ni co gituma nzobirukana muhungire hirya ya Damasiko,” ni ko Uhoraho avuze, izina ryiwe ni Imana Mushoboravyose.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]