Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Amos 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Woe to those who are at ease in Zion, and to those who feel secure on the mountain of Samaria—the notable men of the foremost nation, to whom the house of Israel comes! Muragowe mwebwe abidibamiye i Siyoni, na mwebwe mwumva mutekaniwe ku musozi w’i Samariya, mwebwe abaganwa b’ihanga riruta ayandi, mwebwe abo Abisirayeli baja kwitura!
2 Cross over to Calneh and look; from there go on to Hamath the great; then go down to Gath of the Philistines. Are you better than these kingdoms? Or is their territory greater than yours? Nimugende mwirabire i Kalune; muvuyeyo muje i Hamati-Raba igisagara gihambaye, hanyuma mumanuke i Gati mu Bafilisitiya. Mbega ivyo bisagara hari ico birusha ubwami bwanyu uko ari bubiri? Mbega igihugu cabo kiraruta icanyu?
3 You push away the day of disaster, yet you bring near a reign of violence. Mwanka kwemera ko umusi w’ivyago ushitse ariko ibikorwa vyanyu bituma umusi w’urubanza ubegera kurusha.
4 They lie on beds of ivory and sprawl on their couches, eating lambs from the flock and calves from the fattening pen. Muryama ku buriri busharijwe n’amahembe y’inzovu mukiseguza imisego myiza. Mukirira inyama zoroshe z’imyagazi y’intama n’inka zinuze.
5 They strum away on the harp and, like David, invent musical instruments for themselves. Mwigenera indirimbo nka Dawidi mukazicuraranga ku nanga zanyu.
6 They drink wine by the bowlful and anoint themselves with the finest oils, but they are not grieved over the ruin of Joseph. Munywera umuvinyu mu bikombe bisesekaye mukisiga ibimota neza, bihinguwe rwose, ariko ntimubabazwa n’umusaka wa Yosefu.
7 Therefore they will now go into exile at the head of the exiles, and the revelry of those who sprawl at ease will pass away. Ni co gituma muzoba mu ba mbere mu bazojanwa ari inyagano; imisi mikuru yanyu n’ukwinezereza kwanyu bizoshira.
8 The Sovereign Father has sworn by himself—this is the declaration of the Father of heaven's armies: I despise the pride of Jacob and hate his strongholds, and I will hand over the city and everything in it. Uhoraho Nyeninganji ararahiye, Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze ati: “Ndanka ubwibone bwa Yakobo kandi nanka n’ingoro ziwe zikomeye; nzotanga iki gisagara n’ibiri muri co vyose.”
9 And if ten men are left in one house, they too will die. Abantu cumi nibasigara mu nzu imwe, na bo nyene bazopfa.
10 And when a man's relative, the one who burns the bodies, lifts him to carry the bones out of the house, and calls to whoever is in the innermost room, "Is anyone still with you?" and he answers, "No one," then he will say, "Hush! We must not invoke the name of our Father." Kandi incuti yabo izoza gusohora imivyimba ngo ituririrwe hanze izobaza uwuzoba yinyegeje ngaho iti: “Mbega hari uwundi muri kumwe?” Maze na we azomwishura agomba kurahira izina ry’Imana ati: “Oya na mba!” Azoca amwamira amubwire ati: “Reka, si umwanya wo gucisha mu kanwa izina ry’Uhoraho.”
11 For look, our Father gives the command, and the great house will be smashed to fragments and the little house to bits. Kuko Uhoraho yabitegetse, kandi azosangangura inzu nini ayigire ubunywenywe, n’inzu ntoya ayigire nk’utuvunguka.
12 Do horses gallop on a cliff? Does one plow the sea with oxen? Yet you have turned justice into poison and the fruit of righteousness into bitter poison. Mbega ifarasi iriruka ku rutare? Hari uwurimisha inka ku kiyaga? Ariko mwahinduye ubutungane ubumara n’icamwa co kugororoka mwagihinduye umururazi,
13 You who rejoice over Lo-debar and say, "Have we not by our own strength taken Karnaim for ourselves?" yemwe abanezerezwa n’uko i Lo Debari hafashwe mukavuga muti: “Mbega ntitwafatishije i Karunayimu inkomezi zacu?”
14 But look—I am raising up against you a nation, house of Israel, declares the Father of heaven's armies, and they will oppress you from Lebo-hamath all the way to the Brook of the Arabah. Kuko Uhoraho Imana Mushoboravyose avuze ati: “Nzohagurutsa ihanga rizoza kugutera, yewe Isirayeli, kandi rizokubabaza urugendo rwose kuva i Lebo-Hamati gushika mu kiyaya c’i Araba.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]