Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Amos 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what the Sovereign Father showed me: he was forming a swarm of locusts as the late crop began to sprout—the late crop after the king's mowings. Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: yariko arategura kurungika igitero c’inzige mu gihugu. Ivyo vyabaye, inyuma y’uko umwami amaze kuronka umugabane wiwe w’umwimbu, imirima yo hanyuma iriko iratangura kwera.
2 When they finished eating the land's plants, I said, "Sovereign Father, please forgive! How can Jacob stand? He is so small!" Izo nzige zimaze kurya igiterwa cose gitotahaye, ndasemerera nti: “Uhoraho Nyeninganji, girira imbabazi abantu bawe! Mbega Yakobo yokira gute? Erega ni inkehwa!”
3 Our Father relented concerning this. "It will not happen," said our Father. Maze Uhoraho arigarura. Uhoraho aravuga ati: “Ivyo, ntibizoshika.”
4 This is what the Sovereign Father showed me: the Sovereign Father called for judgment by fire; it devoured the great deep and was consuming the land. Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: Uhoraho Nyeninganji yagomba gukoresha umuriro kugira ngo ahane abantu biwe. Umuriro wakamije amazi y’i kuzimu, uturira n’igihugu cose.
5 Then I said, "Sovereign Father, please stop! How can Jacob stand? He is so small!" Maze ndasemerera nti: “Yewe Uhoraho Nyeninganji, ndakwinginze, geza aho! Mbega Yakobo yokira gute? Erega ni inkehwa!”
6 Our Father relented concerning this. "This also will not happen," said the Sovereign Father. Maze Uhoraho arigarura. Uhoraho Nyeninganji aravuga ati: “N’ibi na vyo ntibizoshika.”
7 This is what he showed me: the Sovereign Father stood by a wall built straight, a plumb line in his hand. Ibi ni vyo yanyeretse: Imana yari ihagaze i ruhande y’uruhome rwubatswe hakoreshejwe igipimo karisho, cerekena ukugororoka kw’uruhome, kandi na yo yari ifise uwo mugozi n’ico gipimo mu kuboko kwayo.
8 And our Father said to me, "What do you see, Amos?" I said, "A plumb line." Then the Sovereign Father said, "Look, I am setting a plumb line among my people Israel; I will never again pass them by." Maze Imana irambaza iti: “Ubona iki ga Amosi?” Ndishura nti: “Mbona umugozi uriko karisho.” Maze Uhoraho aravuga ati: Raba, ndiko ndapimisha karisho abantu banje b’Abisirayeli; sinzosubira kubaziguriza na mba.
9 "The hilltop shrines of Isaac will be laid waste, and the sanctuaries of Israel will be ruined, and I will rise against the house of Jeroboam with the sword." “Ibibanza vyo gusengeramwo vyo ku misozi vya Isaka bizosamburwa kandi n’ibigabiro vya Isirayeli bizohinduka umusaka; nzoramvura inkota yanje ngwanye abo mu nda y’ingoma ya Yerobowamu.”
10 Amaziah, priest of Bethel, sent word to Jeroboam king of Israel: "Amos has conspired against you within the house of Israel. The land cannot bear all his words. Maze Amaziya umuherezi w’i Beteli arungikira ubutumwa Yerobowamu umwami w’Abisirayeli ati: “Amosi ariko ategura abantu bo kukugwanya, kandi bari aha hagati mu Bisirayeli. Igihugu ntigishobora kubandanya cihanganira amajambo yiwe.
11 This is what Amos said: 'Jeroboam will die by the sword, and Israel will surely go into exile, away from its land.'" Kuko uku ari ko Amosi avuga, ngo: ‘Yerobowamu azokwicwa n’inkota, kandi Abisirayeli nta kabuza bazojanwa ari inyagano, kure y’igihugu cabo c’amavukiro.’ ”
12 Amaziah said to Amos, "Go, seer! Run to Judah. Earn your bread there, prophesy there. Nuko Amaziya abwira Amosi ati: “Sohoka, yewe kamenyi! Subira mu gihugu c’i Buyuda. Wironkereyo ibigutunga kandi uvugishirizweyo.
13 But never prophesy again at Bethel, for it is the king's sanctuary, a royal temple." Ntusubire kuvugishirizwa i Beteli, kuko aha ni urusengero rw’umwami n’ingoro y’ubwami.”
14 Amos answered Amaziah, "I was no prophet or prophet's son, but a herdsman and a grower of sycamore figs. Amosi yishura Amaziya ati: “Sinigeze mba umuvugishwa canke ngo mbe n’umwana w’umuvugishwa, ahubwo nari umwungere kandi narima imisukomora.
15 But our Father took me from following the flock, and our Father told me, 'Go, prophesy to my people Israel.' Ariko Uhoraho yankuye inyuma y’imikuku arambwira ati: ‘Genda, uvugishwe ku bantu banje b’Abisirayeli.’
16 Now hear the word of our Father. You say, 'Do not prophesy against Israel, do not preach against the house of Isaac.' Nuko rero, niwumve ijambo ry’Uhoraho. Uvuze uti: ‘Ntuvugishwe ku Bisirayeli, kandi uhagarike kuburira bene Isaka.’
17 So our Father says: 'Your wife will become a prostitute in the city, your sons and daughters will fall by the sword, your land will be divided by a measuring line, and you yourself will die in an unclean land. Israel will surely go into exile, away from its own land.'" Ku bw’ivyo, uku ni ko Uhoraho avuze: ‘Umugore wawe azoba maraya mu gisagara, kandi abahungu bawe n’abakobwa bawe bazokwicwa n’inkota. Igihugu cawe kizogabuzwa umugozi kigaburwemwo ibice, kandi wewe ubwawe uzopfira mu gihugu c’abanyamahanga. Kandi Abisirayeli nta kabuza bazojanwa ari inyagano, kure y’igihugu cabo c’amavukiro.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]