Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Amos 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 This is what the Sovereign Father showed me: a basket of summer fruit. Ibi ni vyo Uhoraho Nyeninganji yanyeretse: nabonye igiseke c’ivyamwa vyeze.
2 He said, "Amos, what do you see?" I said, "A basket of summer fruit." Then our Father told me, "The end has come for my people Israel; I will never again pass them by." Arambaza ati: “Ubona iki, ga Amosi?” Ndishura nti: “Igiseke c’ivyamwa vyeze.” Maze Uhoraho ambwira ati: “Igihe kirageze, c’uko abantu banje b’Abisirayeli basoromwa, sinzosubira kubaziguriza.
3 "The songs of the temple will turn to wailing in that day," declares the Sovereign Father. "So many corpses, flung down everywhere—silence!" Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, “indirimbo zo mu rusengero zizohinduka amaborogo. Imivyimba myinshi, myinshi cane, izotabwa ahantu hose! Nimucereze!”
4 Hear this, you who trample the needy and do away with the poor of the land, Nimwumve ibi, mwebwe munyaga aboro mugasiribanga abakene,
5 saying, "When will the new moon be over, so we can sell grain? When will the Sabbath end, so we can open the wheat market—making the measure small and the weight large, and cheating with dishonest scales, mukavuga muti: “Mbega imboneko z’ukwezi zizogera ryari kugira ngo dusubire kwidandariza ingano; Isabato izohera ryari ngo dusubire kwigurishiriza ingano?” Aho rero mukoresha ingero z’ibinyoma, mukaduza ibiciro uko mwishakiye kandi mukiba mukoresheje iminzane y’ibinyoma.
6 buying the poor for silver and the needy for a pair of sandals, and selling the sweepings of the wheat?" Mugura umukene ifeza, n’umworo mukamugura umwambaro umwe w’ibirato, mukagurisha n’ingano mwavanze n’ibikumbi.
7 Our Father has sworn by the pride of Jacob: "I will never forget any of their deeds. Uhoraho ararahiye, uwo Yakobo yishimira ati: “Sinzokwigera nibagira na kimwe mu vyo bakoze.
8 Will not the land tremble for this, and all who live in it mourn? It will all rise like the Nile, be churned up, and sink again like the Nile of Egypt. Mbega igihugu ntikizohinda agashitsi kubera ivyo, ababa muri co na bo ntibazogandara? Igihugu cose kizohaguruka nk’uruzi Nili; kizoduga hejuru maze gihwame nka rwa ruzi rwa Egiputa.
9 On that day," declares the Sovereign Father, "I will make the sun go down at noon and darken the earth in broad daylight. Kuri uwo musi,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, “Nzotuma izuba rirenga ku murango, bwire kw’isi mu gihe c’amashoka.
10 I will turn your festivals into mourning and all your songs into a dirge. I will put mourning clothes on every waist and shave every head. I will make it like mourning for an only son, and its end like a bitter day. Nzohindura imisi mikuru yanyu ibe ibihe vyo kugandara n’imvyino zanyu zose ndazihindure amarira. Nzotuma mwese mwambara amagunira mwimoshe inkomvorera. Ico gihe nzokigira ico kuboroga nk’uwuborogera umwana wiwe w’ikinege kandi umusi wo kuganduka uzoba uw’umururazi.
11 The days are coming," declares the Sovereign Father, "when I will send a famine on the land—not a famine of bread, nor a thirst for water, but of hearing my words. Imisi iraje,” ni ko Uhoraho Nyeninganji avuze, “aho nzorungika inzara mu gihugu; ntizoba ari inzara y’ivyokurya canke inyota y’amazi, ariko izoba ari inzara yo kwumva amajambo y’Uhoraho.
12 They will stagger from sea to sea and wander from north to east, searching for the word of our Father, but they will not find it. Abantu bazokubita ku kiyaga baje ku kindi, bave mu buraruko baje mu buseruko, barondera ijambo ry’Uhoraho, ariko ntibazoribona.
13 In that day the beautiful young women and the young men will faint from thirst. Kuri uwo musi, inkumi nzizanziza n’abasore bezabeza bazorabikwa n’inyota.
14 Those who swear by the Guilt of Samaria, who say, 'As your god lives, Dan,' and, 'As the way of Beersheba lives'—they will fall, never to rise again." Abirahira ibigirwamana biteye isoni vy’i Samariya, abavuga bati: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’imana yawe, Dani,’ canke ngo: ‘Ni ukuri nk’ukubaho kw’imana y’i Berisheba,’ abo bose bazotemba, kandi ntibazokwongera kuvyuka.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]