Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 John 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 What was from the beginning, what we heard, what we saw with our own eyes, what we gazed on and touched with our hands—this we announce about the Word of life, Jesus. Ico tubabwira ni Jambo w’ubugingo yamyeho kuva mu ntango; uwo twumvise tukamubona n’amaso yacu, uwo twihweje kandi twakozeko n’iminwe yacu.
2 The life appeared; we saw it, testify to it, and proclaim to you the eternal life that was with our Father and appeared to us. Ubwo bugingo bwaraserutse turabubona kandi turabushingira intahe. Tubabwira ubugingo budashira bwamanye na Data hanyuma tukabuhishurirwa.
3 What we have seen and heard we proclaim to you too, so you may share deep communion with us—our deep communion is with our Father and his Son, Jesus Christ. Ivyo tubabwira ni ivyo twabonye kandi twumvise, kugira ngo mufatanye natwe. Twebwe dufatanije na Data n’Umwana wiwe, Yesu Kristo.
4 And we are writing these things so that our joy may be complete. Ibi tuvyanditse kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.
5 This is what we heard from him and tell you: our Father is light—no darkness in him at all. Ubu ni bwo butumwa twumvanye Yesu Kristo kandi ni na bwo tubabwira: Imana ni umuco, muri yo nta mwijima uhaba na gato.
6 If we say we have communion with him yet walk in the darkness, we lie and don't live the truth. Nimba tuvuga ko dufatanije na yo ariko tukagendera mu mwijima, turi ababeshi kandi ntidukora ivy’ukuri.
7 But if we walk in the light, as he is in the light, we share fellowship with each other, and the blood of his Son Jesus cleanses us from every sin. Ariko nimba tugendera mu muco, nk’uko Imana na yo iri mu muco, aho tuba dufatanije, kandi amaraso ya Yesu, Umwana wayo, atwoza ivyaha vyose.
8 If we claim to be without sin, we deceive ourselves and the truth is not in us. Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba twibesha kandi ukuri ntikuba kuri muri twebwe.
9 If we confess our sins, our Father is faithful and just to forgive us our sins and cleanse us from all wrongdoing. Imana ni iyo kwizigirwa kandi iragororotse. Iyo twatuye ivyaha vyacu, irabiduharira ikatweza ibibi vyose.
10 If we say we have not sinned, we make him a liar, and his word is not in us. Iyo tuvuze ko ata caha dufise, tuba tuyigize umubeshi kandi ijambo ryayo ntiriba riri muri twebwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]