Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Peter 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Beloved, this is now the second letter I write you; in both I stir up your sincere mind by reminder. Bakundwa, iri ni ikete rya kabiri ndabandikiye. Muri ayo yose uko ari abiri, nagomba gukangura imitima yanyu ngo mwiyumvire neza ku vyo nabandikiye.
2 Remember the words the holy prophets spoke beforehand, and the command of our Lord and Savior given through your apostles. Ndagomba kubibutsa amajambo yavuzwe kera n’abavugishwa n’Imana bera hamwe n’ibwirizwa ry’Umwami wacu n’Umukiza yabashikirije acishije mu ntumwa zabatumweko.
3 Know this first: mockers will come in the last days, mocking, following their own lusts. Ica mbere mukwiye kumenya ko mu misi y’iherezo hazoza abacokoranyi, bacokora ukuri kandi bagakurikira ivyipfuzo vyabo bibi.
4 They will ask, "Where is his promised coming? Since the fathers fell asleep, everything continues as it has since creation's beginning." Bazoba bavuga bati: “Ukwo ‘kugaruka’ yasezeranye kuri he? Kuva aho ba sogokuruza bapfiriye, vyose bihora uko vyamye ubwa mbere isi ikiremwa.”
5 They willfully ignore this: long ago, by our Father's word, heavens existed, and earth formed out of water and through water, Ariko biyibagiza ibigirankana ko amajuru yabayeho n’isi ikaremwa ikuwe mu mazi kandi igizwe n’amazi, biremwe n’Ijambo ry’Imana.
6 and through these the world of that time was deluged with water and perished. Mu nyuma, ayo mazi nyene ni yo yarengeye isi y’ico gihe arayihonya.
7 By the same word, today's heavens and earth are stored up for fire, kept for the day of judgment and destruction of the wicked. Bivuye muri iryo jambo nyene, amajuru y’ubu n’isi y’ubu bibikiwe kuzotongorwa n’umuriro, birindirijwe uwo musi wo guca imanza no guhonya abatubaha Imana.
8 Don't overlook this, loved ones: with our Father, one day is like 1,000 years, and 1,000 years like one day. Ariko ntimwibagire iki kimwe, bakundwa: Ku Mwami umusi umwe ni nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi ni nk’umusi umwe.
9 Our Father isn't slow to keep his promise, as some think; he's patient with you, wanting no one to perish, but all to reach repentance. Imana ntitebeje gushitsa isezerano ryayo, nk’uko bamwe biyumvira ko iritebeje. Yihanganira mwebwe, kuko idashaka ko hari n’umwe aranduka, ariko ishaka ko bose bashika ku kwihana.
10 But the day of our Lord Jesus will come like a thief: the heavens will vanish with a rushing sound, the elements will burn and melt, and the earth with all its works will be exposed. Ariko umusi Umwami wacu azogarukirako uzoshika nk’igisuma. Amajuru azozimangana mu kwasana guhambaye cane; ibiri mu kirere bizotongorwa n’umuriro, kandi isi n’ibiri muri yo vyose bizocirwa urubanza.
11 Since all this will dissolve, what sort of people should you be? You should live holy lives, devoted to God, None ko ivyo vyose bizosamburwa nk’uko, mukwiye kumera mute? Mukwiye kwubaha Imana mu ngeso zanyu
12 as you wait for and hasten the coming of our Father's day, when the heavens will be set ablaze and dissolved, and the elements melt in the heat. mu kurindira uwo musi w’Imana no gukora ibishoboka ngo ushike vuba. Uwo musi uzotuma amajuru asamburwa n’umuriro, kandi ibiri muri yo bitongorwe n’ikibengebenge gikomeye c’umuriro.
13 But as he promised, we wait for new heavens and a new earth, where righteousness lives. Ariko nk’uko Imana yasezeranye, twiteze ijuru risha n’isi nsha, aho ukugororoka kuzoba kwuzuye.
14 So, beloved, awaiting these things, strive to be found by him in peace, spotless and without defect. Nuko rero, bakundwa, ko murorereye ivyo, mugire umwete wo kuzosangwa mutagira umugayo, canke agasembwa imbere y’Imana mufitaniye amahoro na yo.
15 Regard our Lord's patience as salvation, just as our beloved brother Paul wrote you, with the wisdom given him, Mumenye ko ukwihangana kw’Umwami wacu ari agakiza, nk’uko umuvukanyi dukunda Pawulo na we yabibandikiye akoresheje ubwenge yahawe n’Imana.
16 as in all his letters, where he speaks about these things. Some parts are hard to understand, and the ignorant and unstable twist them—as they do the other Scriptures—to their own destruction. Ni ko yama yandika mu makete yiwe yose, aho avuga kuri ibi. Amakete yiwe arimwo ibintu bigoye gutahura, ivyo abatazi vyinshi n’abatagira uburagamo bagoreka, nk’uko babigira no ku bindi Vyanditswe, ari vyo bizotuma bahona.
17 So then, loved ones, knowing this in advance, guard yourselves, so you aren't swept away by the error of lawless people and lose your own firm standing. Nuko rero, bakundwa, ko musanzwe mubizi, mwame mugavye kugira ngo ntimuzimizwe n’inyigisho mbi z’abantu b’abagarariji ngo munyiganyige muve mu kibanza canyu.
18 Grow in the grace and knowledge of our Lord and Savior Jesus Christ. To him be glory, now and to the day of eternity. Amen. Ariko mukurire mu buntu no mu kumenya neza Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo. Icubahiro kibe iciwe uhereye ubu n’ibihe bidashira! Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]