Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Peter 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 False prophets arose among the people, just as false teachers will arise among you. They will secretly bring in destructive heresies, even deny the Master who bought them, and bring swift destruction on themselves. Ariko harabayeho kandi n’abavugishwa b’ibinyoma badutse mu bantu, nk’uko no muri mwebwe hazokwaduka abigisha b’ibinyoma. Bazozana mu mpisho inyigisho z’ibinyoma zisambura, zihakana na Shebuja yabacunguye, abo bikwegere uguhona kwihuse.
2 Many will follow their lust, and because of them the way of truth will be slandered. Benshi bazokurikira inzira zabo z’ibiteye isoni, bakengere inzira y’ukuri.
3 In their greed they'll exploit you with made-up words. Their judgment, decreed long ago, isn't idle; their ruin isn't asleep. Mu gukunda amaronko kwabo, bazobakuramwo inyungu bakoresheje amajambo y’uruhendo. Igihano cabo carateguwe kuva kera, kandi uguhona kwabo ntigutevye.
4 For if our Father did not spare angels who sinned, but threw them into the deepest pit of gloom, chained in darkness, kept for judgment; Kuko nimba Imana itihanganiye abamarayika igihe bacumura, ariko ikabaterera muri Gehinomu, mu minyororo y’umwijima gushika ku musi w’imanza.
5 if he didn't spare the ancient world, but protected Noah, an announcer of righteousness, with seven others, when he brought a flood on the wicked world; Kandi nimba itihanganiye isi ya kera igihe yarekurira umwuzure ku bantu b’ico gihe batubaha Imana, ariko igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, n’abandi ndwi gusa;
6 and if he condemned Sodom and Gomorrah, reducing their cities to ashes, as an example of what awaits the wicked; hanyuma kandi nimba yaraciriye kw’iteka ibisagara vya Sodomu na Gomora mu kubihindura umunyota, bigacika akarorero k’ibizoshikira abatubaha Imana;
7 and if he rescued righteous Lot, worn out by the shameless behavior of lawless people. ariko igakiza Loti, umugororotsi, yababazwa n’ibikorwa bibi vyakorwa n’abagarariji
8 That righteous man, living among them, was tormented day after day in his righteous soul by the lawless deeds he saw and heard, (kuko uwo mugororotsi yaba muri bo, imisi yose, akama ababazwa mu mutima wiwe ugororotse n’ibikorwa vy’ubugarariji bakora abibona kandi avyumva).
9 then our Father knows how to rescue the godly from trials, and keep the wicked under punishment until judgment day. Ivyo vyerekana ko Imana izi gukiza abayubaha ikabakura mu marushwa yabo, ariko kandi igashobora no kurindiriza abatayubaha kugeza ku musi w’imanza, aho izobahanira.
10 Especially those chasing flesh's corrupt desires and despising authority—bold, arrogant, unafraid to slander celestial beings. Izohana canecane abakurikira ivyipfuzo biva muri kamere k’imibiri yabo bagakengera ukuganza kwayo. Abo bantu ni intagondwa n’abanyabwibone, kandi ntibatinya no gutuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru;
11 Whereas angels, greater in strength and power, don't bring a slanderous judgment against them before our Father. ariko n’abamarayika, mbere basumvya abo bantu inkomezi n’ububasha, ntibubahuka kuvuga nabi no kwagiriza abameze batyo imbere y’Umwami Imana.
12 But these people, like unreasoning animals born by instinct to be caught and destroyed, insult what they don't understand, and will be destroyed in their destruction, Abo bantu bo, batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko gusa, bitagira ubwenge, vyavukiye gufatwa no kwicwa, kandi abo na bo bazohona nka vyo.
13 suffering wrong as pay for wrongdoing. They count it a pleasure to revel in broad daylight. They are stains and flaws, reveling in their deceptions while feasting with you. Bazosubirizwa mu nkoko ibibi bakoze. Birabanezera gukora ibiteye isoni ku murango. Iyo musangira na bo mu gihe c’imisi mikuru, ni agatetereza n’agasembwa muri mwebwe, kandi banezerererwa ubwo bubeshi bwabo.
14 Their eyes are full of adultery, never stopping from sin, luring unstable souls, hearts trained in greed—cursed children! Kubera amaso yabo yuzuye ubusambanyi, ntibahaga gucumura, basuka imitima y’abadakomeye, bashize imitima ku nyungu mbi, bariko umuvumo w’Imana!
15 Abandoning the straight path, they went astray, following the way of Balaam son of Beor, who loved the wages of wrongdoing. Barahevye inzira igororotse barazimira bakurikira inzira ya Balamu mwene Beyori, yakunze ingero mbi.
16 But he was corrected for his own wrongdoing: a mute donkey spoke with a human voice and stopped the prophet's madness. Ariko yahanuwe n’indogoba (igikoko kitavuga) mu vyo yariko arakora bibi, aho yatura ikavugisha ijwi ry’umuntu maze igahagarika ubusazi bw’uwo muvugishwa.
17 These are dry springs, storm-driven mists—thick darkness is kept for them. Abo bantu bameze nk’amasoko yakamye n’ibicu bikubebwa n’umuyaga. Kandi babikiwe umwijima w’umuzitanya.
18 With inflated, empty words they lure through the sensual desires of the flesh those barely escaping from people living in error. Kuko bavuga amajambo ata co amaze kandi yo kwishira hejuru, bagakoresha ivyipfuzo vy’ubusambanyi n’ivya kamere muntu, kugira ngo basuke abatarakomera, bakiva mu buzima bw’abagendera mu kinyoma.
19 They promise them freedom, while themselves enslaved to corruption—for whatever overcomes a person enslaves them. Babasezeranira umwidegemvyo, ariko na bo ubwabo bakiri abagurano b’ivyonona (kuko umuntu wese ni umugurano w’ikimuganza ico ari co cose).
20 For if, having escaped the world's corruption through knowing our Lord and Savior Jesus Christ, they are entangled in it again and overcome, their end is worse than their start. Ko bari barahunze bakava mu bibonona vy’iyi si babihawe no kumenya Umwami n’umukiza wacu Yesu Kristo, hanyuma bakongera kubohwa na vyo kandi bakaba baratsinzwe, ubu babaye babi kurusha ubwa mbere.
21 It would have been better for them never to know the way of righteousness than to know it and turn back from the holy commandment given to them. Icari kuba ciza kuri bo ni uko boba batigeze bamenya inzira y’ukugororoka, kuruta kuba barayimenye hanyuma bagatera ibitugu rya bwirizwa bari barashikirijwe.
22 The true proverb has happened to them: "A dog returns to its vomit," and "A washed sow returns to wallow in mud." Kuri bo wa mugani warashitse ngo: “Imbwa isubiye ku vyo idashwe,” kandi ngo: “Ingurube yari yogejwe isubiye kwivayanga mu vyondo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]