Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 Peter 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Simon Peter, servant and apostle of Jesus Christ, to those given a faith as precious as ours through the righteousness of our God and Savior Jesus Christ: Jewe Simoni Petero, umukozi n’intumwa ya Yesu Kristo, Ndabandikiye mwebwe mwakiriye ukwizera kw’agaciro nk’ukwacu biciye mu kugororoka kw’Imana yacu n’Umukiza Yesu Kristo:
2 May grace and peace be multiplied to you through knowing our Father and Jesus our Lord. Ubuntu n’amahoro bibe muri mwebwe bisesekaye, ivyo muronkeshwa no kumenya Imana na Yesu Umwami wacu.
3 His divine power gave us all we need for life and devotion to God, through knowing him who called us by his glory and excellence. Ubushobozi bw’ubumana bwiwe bwaduhaye ivya nkenerwa vyose kugira ngo tubeho twubaha Imana biciye mu kumenya uwaduhamagaje ubwiza bwiwe n’ukugira neza kwiwe.
4 Through these he gave us his precious and very great promises, so that through them you may share the divine nature, having escaped the world's corruption from evil desires. Ni muri ivyo nyene yaduhereye amasezerano yiwe ahambaye kandi y’agaciro kanini, kugira ngo muri vyo namwe mugire akamere k’Imana ngo muhunge muve mu kwononekara kw’iyi si kwazanywe n’ivyipfuzo bibi.
5 So, making every effort, add goodness to your faith, and to goodness, knowledge; Kubera iyo mvo nyene, mugire umwete kugira ngo ku kwizera kwanyu mwongereko ingeso nziza, ku ngeso nziza mwongereko ubumenyi;
6 to knowledge, self-control; to self-control, endurance; to endurance, devotion to God, ku bumenyi mwongereko ukwirinda; ku kwirinda mwongereko ugushishikara; ku gushishikara mwongereko kwubaha Imana;
7 to devotion to God, brotherly affection; to brotherly affection, love. ku kwubaha Imana mwongereko kugiriranira igishika; kugiriranira igishika mukwongereko urukundo.
8 If you have these qualities, growing, they'll keep you from being useless or fruitless in knowing our Lord Jesus Christ. Kuko nimwagira ivyo muri mwebwe kandi bigashishikara kugwira, bizobarinda kuba imburakimazi no kuba ingumba mu kumenya Umwami wacu Yesu Kristo.
9 Whoever lacks these things is blind, shortsighted, forgetting he was cleansed from his past sins. Ariko umuntu wese atabifise, abona hafi kandi ni impumyi. Yibagiye ko yogejwe ivyaha vyiwe vya kera.
10 So, brothers and sisters, strive to confirm your calling and election; do these things and you will never stumble. Nuko rero bene Data, murushirize kugira ishaka ryo gukomeza ihamagarwa ryanyu no gutoranywa kwanyu. Kuko nimwakora ivyo, ntimuzokwigera mutsitara,
11 This way you'll be richly given entrance into the eternal kingdom of our Lord and Savior Jesus Christ. kandi muzokwakiranwa igishika gikomeye mu Bwami budashira bw’Umwami n’Umukiza wacu Yesu Kristo.
12 So I will always remind you of these things, though you know them and stand firm in the truth you now hold. Ibi nzokwama ndabibibutsa, naho mubizi kandi mumaze gushinga imizi mu kuri mwigishijwe.
13 I think it right to keep stirring you with reminders while I remain in this tent, Nibaza ko ari vyiza kubibibutsa nkiri muri uru rusago ari rwo mubiri,
14 since I know I'll soon set my tent aside, as our Lord Jesus Christ showed me. kuko nzi ko vuba cane ngiye kuwamburwa, nk’uko Umwami Yesu Kristo yabimenyesheje.
15 I will also strive so you can always recall these things after I depart. Kandi nzogira umwete kugira ngo ninamara kugenda muze mwame muvyibuka.
16 For we didn't follow ingenious myths to tell you of our Lord Jesus Christ's power and coming—we were eyewitnesses of his majesty. Ntitwakurikiye imigani yashizweho n’ubwenge bw’abantu gusa igihe twababwira ivyo kuza mu bushobozi kw’Umwami wacu Yesu Kristo, ariko twebwe twari ivyabona, kuko twiboneye ubwiza bwiwe bw’akaburarugero.
17 He received honor and glory from our Father when a voice came to him from the Majestic Glory: "This is my Son, the one I love; I delight in him." Yahawe na Data Imana icubahiro n’ubwiza igihe ijwi rivuye mu bwiza burengeje ryavuga riti: “Uwu ni Umwana wanje nkunda cane kandi ampimbara.”
18 We ourselves heard this voice come from heaven, for we were with him on the holy mountain. Twebwe ubwacu twariyumviye iryo jwi rivuye mw’ijuru igihe twari kumwe na we kuri wa musozi wejejwe.
19 We also have the prophetic word made more certain—you do well to attend to it, like a lamp shining in a dark place, until day dawns and the morning star rises in your hearts. Kandi dufise n’ijambo ry’ubuvugishwa rirushaho kuba iryo kwizerwa. Namwe muzoba mugize neza nimwaryumvira, kuko rimeze kurya kw’itara rimurika ahantu hari umwijima, gushika umutwenzi ubonetse, aho inyenyeri yo mu gaturuturu izoserukira mu mitima yanyu.
20 Above all, you must understand that no prophecy of Scripture comes from one's own interpretation. Ikirengeye vyose, mumenye ko ata buvugishwa bwo mu Vyanditswe Vyera bushobora gusigurwa nk’uko umuntu yigombeye,
21 No prophecy ever came by human will, but men spoke from our Father, carried along by the Holy Spirit. kuko ubuvugishwa butava mu gushaka kw’umuntu, ahubwo abavugishwa bavuga ibivuye ku Mana, barongowe na Mpwemu Yera.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]