Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Peter 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 I urge the elders among you, as fellow elder, witness of Christ's sufferings, and sharer in the glory about to be revealed: Abarongozi b’ishengero bari muri mwebwe ndabinginga nk’umwe mu bo basangiye igikorwa, nkaba n’icabona c’imibabaro ya Kristo kandi nkaba niteze kuzosangira na we ubwiza buzohishurwa:
2 Shepherd our Father's flock among you, watching over it—not forced but willing, as our Father wants; not for shameful profit but eager, mube abungere b’ubusho Imana yabajeje, muburagire ata gahato, ariko mufise umutima ubikunze, nk’uko Imana ishaka ko mubikora; mutarondera inyungu mbi, ariko nk’abakorera Imana nyene.
3 not lording it over those entrusted to you, but being examples to the flock. Ntimutwaze umukazo abo bantu mwahawe kurongora, ariko mubere akarorero ubwo busho.
4 And when the Chief Shepherd appears, you will receive the unfading crown of glory. Kandi aho Umwungere Mukuru azoserukira, muzohabwa urugori rw’ubwiza rutazokwigera rutakaza ubwiza.
5 Likewise, younger ones, submit to elders. All of you, dress yourselves in humility toward each other, for our Father opposes the proud but gives grace to the humble. Rwaruka, namwe mwubahe uburongozi bw’ishengero. Kandi umwe wese muri mwebwe yicishe bugufi imbere ya mugenziwe kuko, “Imana igwanya abibona ariko igirira ubuntu abicisha bugufi.”
6 So humble yourselves under our Father's mighty hand, that he may lift you up in the right time, Nuko rero mwicishe bugufi, musi y’ikiganza c’Imana c’ubushobozi kugira ngo ize ibashire hejuru mu gihe gikwiye.
7 casting all your anxiety on our Father, because he cares for you. Muyikorere ingorane zanyu zose kuko irabitayeho.
8 Stay sober and watchful; your adversary the devil roams like a roaring lion, hunting someone to devour. Mwame mugavye. Wa mwansi wanyu, ari we Satani, azunguruka hirya no hino aroha nk’intambwe, arondera uwo yorotsa.
9 Resist him, standing firm in faith, knowing your fellow believers worldwide endure the same suffering. Mumugwanye mushikamye mu kwizera, kuko muzi yuko bene So benshi bariko baraca mu mibabaro nk’iyo mw’isi yose.
10 And our Father of all grace, who called you to his eternal glory in Christ, will himself restore, support, strengthen, and ground you after brief suffering. Kandi Imana nyene ubuntu, yabahamagariye ubwiza bwayo muri Yesu Kristo, mumaze kubabazwa igihe gito, izobiyegereza ibakomeze, ibaremeshe.
11 To him be the dominion forever. Amen. Ubushobozi ni ubwayo ibihe bidashira. Amen.
12 Through Silvanus, a faithful brother as I see him, I've written briefly—encouraging you and testifying that this is the true grace of our Father. Stand firm in it. Iri kete rigufi ndaryanditse mfashijwe na Silasi, uwo mfata nka mwene Data w’umwizigirwa, kugira ngo ndabatere intege kandi ndabamenyeshe ko ivyo muriko muracamwo ari ubuntu bw’Imana bw’ukuri. Nuko muhagarare mushikamye muri ubwo buntu.
13 She who is in Babylon, chosen together with you, sends you greetings, and so does Mark, my son. Ishengero riri i Babiloni ryatoranijwe co kimwe namwe rirabaramutsa, n’umwana wanje Mariko na we arabaramutsa.
14 Greet one another with a kiss of love. Peace to all of you who are in Christ. Muramukanishe indamukanyo y’urukundo. Amahoro abe kuri mwebwe mwese abari muri Kristo!
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]