Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Peter 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So, since Christ suffered in the flesh, arm yourselves too with the same mindset: whoever suffers in the flesh is done with sin. Nuko rero, ko Kristo yababajwe mu mubiri, namwe mwamane uwo mutima, igihe cose mwame mwiteguriye kubabazwa nk’uko yababajwe. Kuko uwumaze kubabazwa mu mubiri ahorwa Kristo aba atakiganzwa n’icaha.
2 So you no longer spend your remaining time in the flesh for human cravings, but for the will of our Father. Kandi uhereye ico gihe, imisi yose asigaje kubaho, ntaba akirongorwa n’ivyipfuzo vy’umubiri, ariko abaho arongorwa n’ivyo Imana igomba.
3 You've already spent enough time doing what those who don't know the Father want: living in sensuality, lust, drunkenness, wild parties, drinking bouts, and lawless idol worship. Muri kahise mwamaze umwanya munini mukora ivyo abapagani bakunda gukora: ubusambanyi, kwipfuza, kuborerwa, ivy’isoni nke no gusenga ibigirwamana.
4 They're surprised you no longer run with them into the same flood of wild living, so they insult you for it. Ni co gituma, abo mwabikorana kera, batangara babonye mutagifatanije na bo muri vyo, bigatuma babavuga nabi.
5 But they will answer to the one ready to judge the living and the dead. Ariko mwibuke ko bazorenguka imbere y’intebe y’imanza y’Imana kugira ngo babazwe ivyo bakoze vyose, igihe izocira urubanza abantu bose, abazoba bakiriho n’abazoba barapfuye.
6 This is why the gospel was preached even to those now dead: judged in the flesh as all people are, but they may live in the spirit as our Father does. Ni co gituma Ubutumwa Bwiza bwabwiwe mbere n’abari barapfuye kugira ngo n’aho bamaze gucirwa urubanza mu mubiri nk’uko biba ku bantu bose, baze babeho mu mpwemu nk’uko Imana iri.
7 The end of all things is near. Therefore be clear-minded and self-controlled so that you can pray. Umuhero wa vyose uri hafi. Ku bw’ivyo, mukwiye kubaho mwirinda kandi mugavye kugira ngo mushobore gusenga.
8 Above all, keep loving one another deeply, because love covers a multitude of sins. Ariko ikiruta vyose, mushishikare gukundana, kuko urukundo rupfuka ivyaha vyinshi.
9 Show hospitality to one another without grumbling. Mwakirane mu rukundo ata kwidodomba.
10 Each of you, use whatever gift you've received to serve others, as good stewards of our Father's varied grace. Umwe wese akoresha ingabire yose yahawe n’Imana ku nyungu z’abandi. Muzikoreshe nk’abizigirwa b’Imana bagabura ubuntu bw’Imana bw’uburyo bwinshi.
11 Whoever speaks should speak as one delivering the very words of our Father. Whoever serves should serve by the strength he supplies, so that in everything he may be glorified through Jesus Christ. To him belong the glory and the power forever and ever. Amen. Woba wahawe ingabire yo kuvuga? Uvuge nk’aho Imana ari yo iriko ivugira muri wewe. Woba wahawe ingabire yo gufasha abandi, bikorane inkomezi zose Imana itanga. Ivyo bizotuma muri vyose Imana ihabwa icubahiro mw’izina rya Yesu Kristo. Icubahiro cose n’ubushobozi bibe ivy’Imana ubu n’ibihe bidashira! Amen.
12 Dear friends, don't be surprised at the fiery trial testing you, as if something strange were happening to you. Bakundwa, ntimutangazwe n’uko muri mu muriro wo kubagerageza, nk’aho womenga mushikiwe n’ikintu kidasanzwe.
13 Instead, rejoice as much as you share Christ's suffering, so you may also rejoice with joy when his glory is revealed. Ahubwo, mushimire Imana kuko muhawe gusangira na Kristo imibabaro yababajwe, kuko muzogira umunezero wuzuye niyahishurwa mu bwiza bwiwe.
14 If insulted for Christ's name, you're blessed, for the Spirit of glory and of our Father rests on you. Nibabatuka babahora izina rya Kristo, muze munezerwe kuko Mpwemu w’ubwiza ari we Mpwemu w’Imana ari kuri mwebwe.
15 None of you should suffer as a murderer, thief, criminal, or meddler in others' affairs. Ntihakagire n’umwe muri mwebwe ababazwa ahorwa kuba umwicanyi, umusuma, guteza imigumuko, canke kwita mu vyo atajejwe.
16 But if you suffer as a Christian, don't be ashamed, but praise our Father that you bear that name. Ariko nihagira uwubabazwa ahorwa kuba Umukristo, ntibikamutere isoni. Ahubwo ahimbaze Imana kubera iteka atewe ryo kwitirirwa iryo zina!
17 For it is time for judgment to begin with the household of our Father; if it starts with us, what awaits those who disobey the good news of our Father? Kuko igihe cashitse c’uko urubanza ruhera mu nzu y’Imana. Nimba urubanza ruhereye kuri twebwe, mbega ntazoba ari akaga gakomeye ku bantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza bw’Imana!
18 And, "If the righteous are barely saved, what will become of the ungodly and sinner?" Kandi, “Nimba umugororotsi arokoka bigoranye, mbega uwutubaha Imana n’umunyavyaha bo bizobagendera gute?”
19 So then, those who suffer by our Father's will should entrust their souls to their faithful Creator, doing good. Nuko rero abababazwa bazira gukora ivyo Imana igomba, bashishikare kubikora, kandi babitse ubugingo bwabo Imana yabaremye, kuko ari iyo kwizigirwa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]