Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Peter 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Likewise, wives, submit to your own husbands, so that even if some disobey the word, they may be won without a word by their wives' conduct, Kandi muri iyo nzira nyene, bagore, mwubahe abagabo banyu; kugira ngo na barya batumvira Ubutumwa Bwiza, bahindurwe n’ingeso nziza z’abagore babo ata majambo arinze kuvugwa,
2 seeing your pure, reverent conduct. babonye ubugwaneza no kububaha bigaragara mu buzima bwanyu.
3 Do not let your beauty be the outward kind—braided hair, gold jewelry, fine clothing. Ntimwiteho cane ubwiza bw’inyuma ku mubiri buhagaze ku buryo kanaka bugezweho bwo gusokoza umushatsi, kwambara ibintu vyo kubashariza bikozwe mu nzahabu, canke impuzu z’igiciro kinini.
4 But let it be the hidden person of the heart, the undying beauty of a gentle, quiet spirit, precious in our Father's sight. Ariko mwambare ubwiza buva imbere muri mwebwe, budatituka ari bwo kugira umutima mwiza kandi utuje. Ubwo ni bwo bwiza bufise igiciro kinini imbere y’Imana.
5 For this is how the holy women of old who hoped in our Father adorned themselves, submitting to their own husbands, Ni muri ubwo buryo abagore bera ba kera bashaza. Bashize ivyizigiro vyabo mu Mana hanyuma bubaha abagabo babo.
6 as Sarah obeyed Abraham, calling him lord. And you have become her children if you do good, fearing no terror. Akarorero ni Sara, yumvira umugabo wiwe, Aburahamu, akamwita umwami wiwe. Namwe muba mubaye abakobwa b’uwo igihe mukoze ibibereye mudatinya.
7 Husbands, similarly, live with your wives with understanding, honoring each as the weaker vessel and as coheirs of the grace of life, so your prayers aren't hindered. Muri iyo ntumbero nyene, bagabo, mufate neza abagore banyu mu kubana na bo. Mububahe nk’abazoraganwa namwe ingabire y’ubugingo yatanzwe ku buntu, naho batanganya inkomezi namwe. Mubitwararike kugira ngo ntihagire ikizibira amasengesho yanyu.
8 Finally, all of you, be of one mind, sympathetic, loving one another as family, tenderhearted, and humble. Mu kurangiza, mwese nimuhuze umutima n’inama, mubabarane, mukundane nk’abavukana. Mugire umutima mwiza kandi umuntu wese yicishe bugufi imbere ya mugenziwe.
9 Do not repay evil for evil or insult for insult, but bless instead—you were called to this, so you may inherit blessing. Ntimukihorane canke ngo mwishure uwubatutse. Ahubwo mubahezagire kuko ico ari co Imana yabahamagariye gukora ngo namwe muragwe umuhezagiro.
10 For, "Whoever desires to love life and to see good days, let him keep his tongue from evil and his lips from speaking deceit. Kuko: “Umuntu wese ashaka ubugingo no kubona imisi myiza, narinde ururimi rwiwe kuvuga ikibi, n’iminwa yiwe kuvuga ibinyoma.
11 Let him turn away from evil and do good; let him seek peace and pursue it. Yitandukanye n’ikibi akore ivyiza, arondere amahoro kandi ayakurikirane.
12 For the eyes of our Lord are on the righteous, and his ears are open to their prayer, but the face of our Lord is against those who do evil." Kuko inyonga z’Uhoraho ziri ku bagororotsi kandi amatwi yiwe ayabangira ugusenga kwabo. Ariko igitsure ciwe kiri ku bakora ibibi.”
13 Now who is there to harm you if you are eager to do what is good? None ni nde azobagirira nabi mu gihe mufise ishaka ryo gukora ivyiza?
14 But if you suffer for righteousness, you are blessed. Don't fear their fear, don't be shaken. Ariko naho mwobabazwa muhorwa gukora ivyiza, Imana izobibahezagirira. “Ntimugatinye abantu kandi ntimugahagarike imitima yanyu.”
15 Set Christ apart as Lord in your hearts. Always be ready to answer anyone who asks the reason for your hope, but with gentleness and respect. Ahubwo mu mitima yanyu mwubahe Kristo nk’Umwami. Kandi igihe cose mwame mwiteguye kwishurana ubugwaneza no kwubaha umuntu wese ababajije ivyerekeye ivyizigiro vyanyu.
16 Keep a clear conscience, so that when you're slandered, those who insult your good conduct in Christ are shamed. Mubikorane umutima utabagiriza ikibi, kugira ngo n’ababavuga nabi bazomaramare babonye ingeso zanyu nziza muri Kristo.
17 Better to suffer for doing good, if that's our Father's will, than for doing evil. Mwibuke ko ari vyiza kubabazwa uhorwa gukora ivyiza nimba ari vyo Imana ishaka kurusha kubabazwa uhorwa gukora ibibi!
18 For Christ too suffered once for sins, the righteous for the unrighteous, to bring us to our Father—put to death in flesh, made alive in spirit, Kuko na Kristo yababarijwe ivyaha vyacu rimwe gusa, uwutagira icaha apfira abanyavyaha, kugira ngo abahuze n’Imana. Mu mubiri yarishwe, ariko Mpwemu Yera amusubiza ubugingo.
19 in which he also went and proclaimed to the spirits in prison, Kandi ari muri Mpwemu yagiye kubwira Ubutumwa Bwiza impwemu zari mw’ibohero,
20 who disobeyed long ago, when our Father waited patiently in Noah's days as the ark was being built, in which a few—eight people—were brought safely through the water. z’abantu banse kwumvira Ubutumwa Bwiza, igihe Imana yari icihanganiye abantu, aho Nowa yubaka ubwato. Abantu umunani gusa bari muri bwo ni bo barokotse bakira umwuzure.
21 This corresponding baptism now saves you too—not removing body dirt, but appealing to our Father for a good conscience—through Jesus Christ's resurrection, Kandi uwo mwuzure ni ishusho y’umubatizo, ubakiza namwe uno musi. Si mu buryo bwo kubakurako imvyiro zo ku mubiri, ahubwo ni mu buryo bwo kwitaba umuhamagaro w’Imana n’umutima ukeye. Ivyo bishoboka kuko Yesu Kristo yazutse mu bapfuye.
22 who entered heaven and is at our Father's right hand, with angels, authorities, and powers subject to him. Ubu rero Yesu yarasubiye mw’ijuru. Yicaye mu kibanza c’iteka i buryo bw’Imana kandi abamarayika, abanyabushobozi n’abanyabubasha bose bari musi y’ubushobozi bwiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]