Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 Peter 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So put away all malice and all deceit and hypocrisy and envy and all slander. Mwiyambure rero ingeso mbi zose. Muve mu bubeshi, uburyarya, ishari, hamwe n’amajambo mabi yose.
2 Like newborn babies, crave pure milk of the word, so you grow into salvation, Mumere nk’abana bato b’inzoya, mwipfuze kandi murondere kunywa amata y’impwemu atavanze, kugira ngo abakuze mu gakiza,
3 now that you have tasted that the Lord is good. nimba vy’ukuri mumaze kwumviriza mukamenya ukugira neza kw’Umwami wacu.
4 As you come to him, the living stone rejected by people but chosen, precious to our Father. Nimwegere Umwami, ni we buye rifise ubugingo ryagawe n’abantu ariko ryatoranijwe n’Imana.
5 You too are being built, like living stones, into a spiritual house and a holy priesthood, offering spiritual sacrifices our Father accepts through Jesus Christ. Kandi namwe muri amabuye afise ubugingo Imana iriko irubakisha urusengero rwayo rw’impwemu, kugira ngo mube abaherezi bayo bera, batanga ibimazi vy’impwemu biyihimbara, biciye muri Yesu Kristo.
6 Scripture says: "See, I set in Zion a chosen, precious cornerstone; whoever believes in him will never be put to shame." Nk’uko Ivyanditswe bivuga ngo: “Raba ndashira ibuye i Siyoni, ibuye rigumya imfuruka, ryatoranijwe kandi ry’igiciro, uwumwizera ntazokwigera amaramara.”
7 This honor, then, is for you who believe. For those who don't, the stone the builders rejected has become the cornerstone, Kuri mwebwe abizera, iryo buye rifise igiciro kinini; ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka. Ariko ku batizera bo, handitswe ngo: “Ibuye abubatsi bagaye ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka.”
8 and a stumbling stone, a rock that trips them. They trip because they disobey the word—exactly what they were appointed for. Kandi ngo: “Ni ibuye ritsitaza, n’urutare rugwisha.” Batsitara kuko batumvira ubutumwa bari barateguriwe.
9 But you are a chosen people, a royal priesthood, a holy nation, a people belonging to our Father, to proclaim the praises of the one who called you from darkness into his amazing light. Ariko mweho muri ubwoko bwatoranijwe, abaherezi b’Umwami, ihanga ryejejwe Imana yiharije, kugira ngo mukwize ishimwe ryayo, yo yabahamagaye ikabakura mu mwijima, ikabazana mu muco wayo utangaje.
10 Once you were not a people, now you are our Father's people; once you had not received mercy, now you have received mercy. Kera ntimwari ubwoko, ariko ubu muri ubwoko bw’Imana, kera ntimwari bwagirirwe imbabazi, ariko ubu mwarazigiriwe.
11 Dear friends, I urge you—foreigners and exiles—to avoid fleshly desires that war against your soul. Bakundwa, ndabahanura, ko muri abashitsi n’ingenzi mw’isi, mwirinde ivyipfuzo vy’umubiri vyama bigwanya ubugingo bwanyu.
12 Live good lives among the nations, so that when they slander you as wrongdoers, they may see your good deeds and glorify our Father on the day he visits us. Mugire inyifato nziza mu bo mubana batizera, kugira ngo n’aho babavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, baze babone ingeso zanyu nziza, bitume bahimbaza Imana umusi izobagendera.
13 Submit to every human authority for the Lord's sake—whether the emperor, as supreme, Ku bw’Umwami wacu, mwubahe ababaganza: umukuru w’igihugu kuko ari we ari hejuru ya bose,
14 or to governors, sent by the emperor to punish wrongdoers and praise those who do good. canke abatware yahaye kumutwarira intara kugira ngo bahane abakora ibibi kandi bashimire abakora ivyiza.
15 For this is our Father's will: that by doing good you silence the ignorant talk of foolish people. Kuko ico Imana igomba ni uko mukora ivyiza, bigatuma abatubaha Imana babura ico babavuga.
16 Live as free people—not using freedom to cover evil—but as servants of our Father. Mubeho mu mwidegemvyo, ariko uwo mwidegemvyo wanyu ntube uwo guhisha ububi; ahubwo mubeho nk’abeguriwe Imana.
17 Respect everyone, love the family of believers, fear our Father, honor the emperor. Mwubahe umuntu wese, mukunde bene Data, mutinye Imana, mwubahe umwami.
18 Servants, submit to your masters with full respect—not only the good and gentle, but also the harsh. Namwe bagurano, mwumvire ba shobuja mububaha rwose, mukore ivyo bababwiye mutabikorera abameze neza gusa, ariko na barya bagoye.
19 For it is commendable if someone bears up under the pain of unjust suffering, mindful of our Father. Kuko Imana inezerezwa no kubona mukora ibigororotse kandi mwihanganira imibabaro iyo murenganywa muzira kuyubaha.
20 What credit is it to endure a beating for doing wrong? But enduring suffering for doing good—this is commendable before our Father. Kuko nimba mwihanganiye guhanwa muhorwa gucumura, n’irihe teka ivyo vyobatera? Ariko nimba mubabazwa muhorwa kuba mwakoze ivyiza hanyuma mukihanganira iyo mibabaro, Imana irabanezererwa.
21 You were called to this, since Christ suffered for you too, leaving an example for you to follow in his steps. Kuko, Imana yabahamagariye gukora ivyiza, mbere no mu gihe ivyo bishobora kubashikana mu mibabaro, nk’uko Kristo na we yababajwe ku bwanyu. Ni we citegererezo canyu kandi mutegerezwa kumwigana.
22 "He committed no sin, and no deceit was found in his mouth." “Ntiyigeze acumura na rimwe, kandi ntiyigeze abesha umuntu n’umwe.”
23 When they hurled their insults at him, he did not retaliate; when he suffered, he made no threats, but entrusted himself to the one who judges justly. Abamututse ntiyabihora, canke ngo ahige kwihora abamuteje imibabaro. Ivyo yabirekeye Imana yoyo ica imanza ziroranye.
24 He himself bore our sins in his body on the tree, so that we might die to sin and live for righteousness; by his wounds you have been healed. Ku musaraba, Kristo ubwiwe yishizeko ivyaha vyacu, kugira ngo kamere muntu kacu ko gukunda icaha gapfe, tubeho dukunda gukora ivyo kugororoka. Mu bikomere vyiwe ni ho dukura gukira ingwara.
25 For you were straying like sheep, but now have returned to the Shepherd and Guardian of your souls. Kera mwari mumeze nk’intama zazimiye ariko ubu mwaragarutse ku mwungere w’ubugingo bwanyu.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]