Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 John 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 My dear children, I write this so you won't sin. But if anyone does sin, we have an advocate before the Father—Jesus Christ, the righteous one. Bana banje nkunda, ndabandikiye ibi kugira ngo ntimukore icaha. Ariko bishitse umuntu agacumura, turafise uwutuburanira imbere ya Data: ni Yesu Kristo Umugororotsi.
2 He himself is the atoning sacrifice for our sins, and not ours only but also the whole world's. Kuko Kristo ubwiwe yitanze nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu, kandi si ivyacu gusa, ahubwo ni ivy’abari mw’isi bose.
3 By this we know that we have come to know him: if we keep his commandments. Ikitwereka ko tuzi Kristo, ni uko dukurikiza amabwirizwa yiwe.
4 Whoever says, "I know him," yet doesn't keep his commands, is a liar—the truth isn't in him. Umuntu wese avuga ati: “Ndamuzi,” ariko ntiyumvire amabwirizwa yiwe, uwo ni umubeshi kandi nta kuri kuri muri we.
5 But whoever keeps his word, the love of our Father is truly complete in him. This is how we know we are in him: Ariko umuntu wese yitondera ijambo ryiwe aba yerekanye ko akunda Imana n’umutima wiwe wose. Ico ni co kitwemeza ko turi muri we.
6 Whoever claims to remain in him ought to walk in the very way he walked. Umuntu wese avuga ko aba muri Kristo akwiye kubaho nk’uko na we yabayeho.
7 Dear ones, I write you no new command, but an old one, held since the start—the old command is the word you heard. Bakundwa, sindabandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ni ibwirizwa rya kera mwumvise kuva mu ntango. Iryo bwirizwa rya kera ni bwo butumwa mwumvise.
8 Again, I write you a new command—true in him and in you—because the darkness is passing and the true light already shines. Ariko kandi iryo bwirizwa ni rishasha, kuko ukuri kwaryo kwabonekeye mu buzima bwa Kristo none kukaba kuriko kubonekera mu buzima bwanyu, kuko umwijima uriko urarengana kandi umuco w’ukuri uramaze kwaka.
9 Anyone who says they're in the light but hates their brother or sister is in the dark even now. Umuntu wese avuga ko agendera mu muco, ariko akanka mwene Data, uwo aracagendera mu mwijima.
10 Whoever loves his brother or sister abides in the light, and in him there is no cause for stumbling. Umuntu wese akunda mwene Data wundi agendera mu muco, kandi nta kintu na kimwe muri we cotuma atsitara.
11 But whoever hates his brother or sister is in the dark, walking in the dark, not knowing where he's going—the dark has blinded his eyes. Ariko umuntu wese yanka mwene Data aracari mu mwijima kandi agendera muri wo. Ntazi iyo aja, kuko umwijima wamuhumishije.
12 I write to you, little children, because your sins are forgiven for his name's sake. Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko mwahariwe ivyaha vyanyu ku bw’izina rya Yesu Kristo.
13 I write to you, fathers, because you know the One from the beginning. I write to you, young men, because you have defeated the evil one. Ndabandikiye, mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo, yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mwanesheje wa mubi.
14 Children, I write because you know the Father. Fathers, I write because you know the One from the beginning. Young men, I write because you're strong, and our Father's word lives in you, and you've overcome the evil one. Ndabandikiye mwebwe bana bato, kuko muzi Data. Ndabandikiye mwebwe bavyeyi, kuko muzi Kristo yamyeho kuva mu ntango. Ndabandikiye mwebwe rwaruka, kuko mufise inkomezi, kandi ijambo ry’Imana rikaba mu mitima yanyu, ndetse mwaranesheje wa mubi.
15 Do not love the world, or anything in the world. Whoever loves the world, the love of the Father is not in him. Ntimugakunde isi canke ikintu cose kiri mw’isi. Iyo umuntu akunze isi, ugukunda Data ntikuba kuri muri we.
16 Everything in the world—the craving of the flesh, the craving of the eyes, and the pride of life—is not from the Father but from the world. Ibintu vyose biri mw’isi, kwaba ukwipfuza ibinezereza umubiri, ukwipfuza ivyo amaso abona canke ukwishimira ubutunzi, ivyo vyose ntibiva kuri Data, ariko biva muri iyi si.
17 The world and its cravings are passing away, but whoever does the will of our Father remains forever. Kandi isi iriko iraherana n’ivyipfuzo vyayo. Ariko umuntu wese akora ivyo Imana ishaka abaho ibihe bidashira.
18 Children, it is the last hour. As you heard antichrist comes, so now many antichrists have come; by this we know it's the last hour. Bana nkunda, iki ni igihe ca nyuma. Mwarumvise ko antikristo agiye kuza, kandi ba antikristo benshi baramaze guseruka. Iki ni co kitwemeza ko turi mu gihe ca nyuma.
19 They went out from us, but were not of us; if they had been of us, they would have stayed with us. But they left, to show that none of them belonged to us. Bavuye muri twebwe, ariko mu vy’ukuri ntibari abacu. Kuko iyo baba abacu, bari kugumana natwe. Ukugenda kwabo kwerekanye ko ata n’umwe muri bo yari uwacu.
20 But you have an anointing from the Holy One, and you all know the truth. Ariko mwebwe Kristo yabahaye Mpwemu Yera, ni co gituma mwese muzi ukuri.
21 I write to you not because you don't know the truth, but because you do—and no lie comes from the truth. Sindabandikiye kuko mutazi ukuri, ariko ndabandikiye kuko mukuzi kandi kubera ata kinyoma kiva mu kuri.
22 Who is the liar, if not the one denying Jesus is the Christ? This is the antichrist, denying the Father and the Son. Ni nde mubeshi? Ni umuntu wese ahakana ko Yesu ari Kristo. Uwo muntu ni antikristo, kuko ahakana Data n’Umwana.
23 No one who denies the Son has the Father. Whoever confesses the Son has the Father also. Umuntu wese ahakana Umwana, ntaba afise na Data; ariko uwemera Umwana aba afise na Data.
24 You—let what you heard from the start remain in you. If what you heard from the start remains in you, you too will remain in the Son and the Father. Mwebwe, nimuzigame mu mitima yanyu ivyo mwigishijwe kuva mu ntango. Nivyagenda uko, namwe muzoguma mu Mwana no muri Data.
25 And this is the promise that he himself made to us—eternal life. Kandi ico Kristo yadusezeraniye ni ubugingo budashira.
26 I write these things to you about those who are trying to lead you astray. Ibi ndabibandikiye kugira ngo ndabagabishe ku bijanye n’abashaka kubazimiza.
27 As for you, the anointing you received from him remains in you, and you don't need anyone to teach you. But since his anointing teaches you about everything—true, not a lie—remain in him, just as it taught you. Ariko mwebwe, Mpwemu Yera mwahawe na Kristo aguma muri mwebwe, ni co gituma mudakeneye umuntu wo kubigisha. Uwo Mpwemu arabigisha ivyo mukwiye kumenya vyose, kandi ivyo abigisha ni ivy’ukuri; nta binyoma birimwo. Nuko mugume muri Kristo, nk’uko Mpwemu yabigishije.
28 And now, little children, remain in him, so that when he appears we may have confidence and not shrink from him in shame at his coming. Bana nkunda, nimugume muri Kristo kugira ngo aho azohishurirwa tuze dushire amanga, ntitwicwe n’isoni imbere yiwe niyagaruka.
29 If you know he's righteous, you also know that all who do right are born of him. Nimba muzi ko uwo ari umugororotsi, murazi kandi ko umuntu wese akora ibigororotse yavyawe n’Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]