Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 John 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 See what kind of love our Father has given us, that we should be called children of our Father! And we are. The world doesn't know us because it didn't know him. Nimurabe urukundo Data yadukunze kugeza aho atwita abana biwe! Kandi koko turi bo! Igituma ab’isi batazi ko turi abana n’Imana ni uko batayimenye.
2 Beloved, we are our Father's children now; what we will become has not yet been shown. But we know that when he appears, we will be like him, since we will see him as he is. Bakundwa, turi abana b’Imana, ariko uko tuzomera Kristo niyagaruka ntikuramenyekana. Ico tuzi ni uko tuzosa na we, kuko tuzomubona uko ari.
3 And everyone who has this hope in him purifies himself, just as he is pure. Kandi umuntu wese afise ibi vyizigiro muri Kristo ariyeza, nk’uko Kristo na we ari uwera.
4 Everyone who keeps committing sin also commits lawlessness; sin is lawlessness. Umuntu wese acumura aba arenze icagezwe n’Imana; kuko gukora icaha ni ukugarariza icagezwe n’Imana.
5 You know he appeared to take away our sins, and in him is no sin. Murazi ko Yesu Kristo yaje gukuraho ivyaha vyacu; kandi muri we nta caha kihaba.
6 Whoever remains in him doesn't go on sinning; whoever goes on sinning hasn't seen or known him. Nta muntu n’umwe aba muri we abandanya acumura. Umuntu wese abandanya acumura ntaramubona kandi ntaramumenya.
7 Little children, let no one deceive you. Whoever practices righteousness is righteous, just as he is righteous. Bana nkunda, ntimukemere ko hagira umuntu n’umwe abazimiza. Umuntu akora ibigororotse ni umugororotsi, nk’uko Kristo ari umugororotsi.
8 Whoever keeps on sinning is of the devil, for the devil has been sinning from the beginning. The reason the Son of our Father appeared was to destroy the works of the devil. Umuntu wese abandanya akora ivyaha ni uwa wa mubi, kuko uwo mubi yamye akora ivyaha kuva mu ntango. Ariko Umwana w’Imana yaje gusambura igikorwa ca wa mubi.
9 No one born of our Father keeps on sinning, because his seed abides in him; and he cannot keep on sinning, because he has been born of our Father. Nta muntu yavyawe n’Imana abandanya acumura, kuko afise imbuto y’Imana muri we. Ntashobora kubandanya acumura kuko Imana ari Se.
10 This shows who our Father's children are, and who the devil's children are: whoever doesn't do what's right isn't from our Father, nor is anyone who doesn't love their brother or sister. Ikitwereka abana b’Imana n’abana ba wa mubi ni iki: Umuntu wese adakora ibigororotse kandi ntakunde bene Data bandi si uw’Imana.
11 For this is the message you have heard from the beginning: that we should love one another. Ubu ni bwo butumwa twumvise kuva mu ntago: dukundane.
12 Not like Cain, who belonged to the evil one and killed his brother. Why did he kill him? Because his own deeds were evil and his brother's were righteous. Ntitukamere nka Kayini, yari uwa wa mubi akica umuvukanyi wiwe. Mbe ni kuki yamwishe? Ni kubera ibikorwa vya Kayini vyari bibi, ivya murumunawe bikaba ibigororotse.
13 Do not be surprised, brothers and sisters, if the world hates you. Ntimugatangare, bene Data, isi niyabanka.
14 We know we've passed from death to life, because we love each other. Whoever doesn't love remains in death. Icerekana ko twavuye mu rupfu tukaja mu bugingo, ni uko dukunda bene Data. Umuntu wese adakundana aracari mu rupfu.
15 Everyone who hates his brother or sister is a murderer, and you know no murderer has eternal life remaining in him. Umuntu wese yanka mwene Data wundi ni umwicanyi, kandi murazi ko ata mwicanyi yogira ubugingo budashira muri we.
16 This is how we know love: Christ laid down his life for us; we too should lay down our lives for one another. Iki ni co kitwereka urukundo ico ari co: Yesu Kristo yatanze ubuzima bwiwe ku bwacu. Natwe dukwiye gutanga ubuzima bwacu ku bwa bene Data bandi.
17 But if anyone has the world's goods and sees his brother or sister in need, yet closes his heart to them, how does our Father's love remain in him? Iyo umuntu afise ubutunzi bwo kw’isi, hanyuma akabona mwene Data wundi akenye, ariko ntamutere ikigongwe ngo amufashe, yoshobora kuvuga ko akunda Imana?
18 Little children, let us not love with words or talk, but in deed and in truth. Bana nkunda, urukundo rwacu ntirukwiye kuba urwo mu majambo n’akarimi gasosa gusa; ahubwo rukwiye guserukira mu bikorwa no mu kuri.
19 By this we'll know we come from the truth, and settle our heart before him, Iki ni co kizotwereka ko turi ab’ukuri, bigatuma imitima yacu ishira amanga imbere y’Imana.
20 whenever our heart condemns us; for our Father is greater than our heart, and he knows everything. N’igihe imitima yacu iducira urubanza, turazi ko Imana iruta imitima yacu kandi ko izi vyose.
21 Beloved, if our heart does not condemn us, we have confidence before our Father; Bakundwa, iyo imitima yacu itaducira urubanza, turashobora kwegera Imana tudatinya.
22 whatever we ask, we receive from him, because we keep his commands and do what pleases him. Kandi ico tuyisavye cose irakiduha, kuko twitondera amabwirizwa yayo, tugakora ibiyihimbara.
23 This is his command: believe in his Son Jesus Christ's name, and love one another as he commanded us. Ibwirizwa ryayo ni iri: ko twizera izina ry’Umwana wayo, Yesu Kristo, kandi tugakundana nk’uko yadutegetse.
24 Whoever keeps his commands remains in our Father, and our Father in them. This is how we know he remains in us: by the Holy Spirit he gave us. Umuntu yitondera amabwirizwa y’Imana aguma muri yo, na yo ikaguma muri we. Kandi ikitwereka ko Imana iguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye aba muri twebwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]