Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

1 John 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Beloved, don't believe every spirit, but test the spirits to see if they're from our Father, for many false prophets have gone out into the world. Bakundwa, ntimukizere abantu bose bavuga ko bavugishwa. Ariko mubageze kugira ngo murabe ko impwemu ibakoresha iva ku Mana. Kuko hari abavugishwa b’ibinyoma benshi bakwiragiye mw’isi.
2 By this you know the Spirit of our Father: every spirit confessing that Jesus Christ has come in the flesh is from our Father, Iki ni co cerekana ko bafise Mpwemu w’Imana: umuntu wese avuga ko avugishwa n’Imana, akemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri, uwo aba akoreshwa na Mpwemu w’Imana.
3 and every spirit that does not confess Jesus is not from our Father. This is the antichrist's spirit, which you heard was coming, and is already in the world now. Ariko umuntu avuga ko avugishwa n’Imana ariko ntiyature Yesu, uwo ntava ku Mana. Umuntu nk’uwo afise impwemu ya antikristo, uwo mwumvise ko azoza kandi aramaze gushika mw’isi.
4 You are from our Father, little children, and have overcome them, because greater is the one in you than the one in the world. Ariko mwebwe, bana nkunda, muva ku Mana kandi mwaranesheje abo bavugishwa b’ibinyoma, kuko Mpwemu aba muri mwebwe aruta impwemu iri mu b’isi.
5 They are from the world; therefore they speak from the world, and the world listens to them. Abo bavugishwa b’ibinyoma ni ab’isi ni co gituma bavuga nk’ab’isi kandi isi irabumviriza.
6 We are from our Father. Whoever knows him hears us; whoever is not from him does not hear us. This is how we know the Spirit of truth and the spirit of error. Twebwe turi ab’Imana, kandi abazi Imana baratwumviriza; ariko abatari ab’Imana ntibatwumviriza. Uko ni ko dushobora gutandukanya umuntu afise Impwemu y’ukuri n’umuntu afise impwemu y’ibinyoma.
7 Beloved, let us love one another, for love is from our Father, and all who love are born of him and know him. Bakundwa, muze dukundane, kuko urukundo ruva ku Mana. Umuntu wese akundana yavyawe n’Imana kandi arayizi.
8 Whoever does not love does not know our Father, because our Father is love. Umuntu wese adakundana ntazi Imana, kuko Imana ni urukundo.
9 This is how our Father's love was shown among us: our Father sent his one and only Son into the world so we might live through him. Uku ni ko Imana yatweretse urukundo rwinshi idukunda: yatumye umwana wayo w’ikinege mw’isi kugira ngo tugire ubugingo budashira ku bwiwe.
10 This is love: not that we loved our Father, but that he loved us and sent his Son as the atoning sacrifice for our sins. Icerekana urwo rukundo ni iki: si twebwe twakunze Imana, ahubwo ni yo yadukunze itanga umwana wayo nk’ikimazi kugira ngo duharirwe ivyaha vyacu.
11 Beloved, if our Father so loved us, we also ought to love one another. Bakundwa, ko Imana yadukunze urukundo rungana gutyo, natwe dukwiye gukundana.
12 No one has ever seen our Father; if we love one another, our Father remains in us and his love is made complete in us. Nta muntu n’umwe arabona Imana; ariko iyo dukundana, Imana iba muri twebwe kandi urukundo rwayo rwiyerekanira muri twebwe mu buryo busagutse.
13 By this we know we live in him and he in us: he has given us his Spirit. Ikitwereka ko tuguma mu Mana na yo ikaguma muri twebwe ni Mpwemu yaduhaye.
14 We have seen and testify that our Father sent the Son as Savior of the world. Vyongeye, twariboneye kandi turashinga intahe ko Data yarungitse Umwana wiwe kugira ngo abe Umukiza w’isi.
15 Whoever confesses Jesus is the Son of our Father, our Father remains in him, and he in our Father. Umuntu wese yemera ko Yesu ari Umwana w’Imana, Imana iba muri we na we akaba muri yo.
16 We have known and believed the love our Father has for us. Our Father is love, and whoever remains in love remains in him, and he in them. Turazi urukundo Imana yadukunze kandi twashize ivyizigiro vyacu mu rukundo rwayo. Imana ni urukundo. Umuntu wese aba mu rukundo aba mu Mana na yo ikaba muri we.
17 This is how love is made complete in us, so we may have confidence on judgment day, because as he is, so are we in this world. Kandi uko tuba mu Mana, urukundo rwacu rurushiriza kuba urwuzuye. Ivyo bituma tutazogira ubwoba ku musi w’imanza, kuko muri ino si tubayeho nk’uko Yesu Kristo yabayeho.
18 In love there is no fear; perfect love drives out fear, since fear involves punishment, and whoever fears is not complete in love. Nta bwoba buba mu rukundo. Urukundo nyakuri rwirukana ubwoba bwose, kuko ubwoba buterwa no gutinya igihano. Umuntu atinya ntaba azi urukundo rushitse.
19 We love because our Father first loved us. Twebwe dukunda kuko Imana yabanje kudukunda.
20 If anyone says, "I love our Father," yet hates his brother, he is a liar. For whoever does not love his brother, whom he has seen, cannot love our Father, whom he has not seen. Umuntu wese avuga ko akunda Imana ariko akanka mwene Data wundi, uwo ni umubeshi. Kuko umuntu adakunda mwene Data abona, ntashobora gukunda Imana atabona.
21 And this commandment we have from him: whoever loves our Father must also love his brother. Kandi ibwirizwa yaduhaye ni iri: umuntu akunda Imana ategerezwa gukunda bene Data.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]