Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Revelation 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The revelation of Jesus Christ, which our Father gave him to show his servants what must soon happen. Jesus made it known by sending his angel to his servant John, Iki gitabu kidonda ivyahishuwe na Yesu Kristo, ivyo Imana yamuhaye kugira ngo yereke abakozi biwe ibigiye gushika. Na we yabimenyekanishije mu kurungika umumarayika wiwe ku mukozi wiwe Yohana,
2 who testified to our Father's word and to the testimony of Jesus Christ—all he saw. na we ashingira intahe ivyo yabonye vyose bijanye n’ijambo ry’Imana n’intahe ya Yesu Kristo.
3 Blessed is the one who reads this prophecy aloud, and blessed those who hear and keep what's written in it—the time is near. Hahiriwe uwusoma aya majambo y’ubuvugishwa, kandi hahiriwe abayumva bakayashirako umutima, kuko igihe kiri hafi.
4 John, to the seven churches in Asia: grace and peace to you from the One who is, who was, and who is coming, and from the seven spirits before his throne, Jewe Yohana, Ndabandikiye mwebwe abo mu mashengero indwi yo muri Aziya: Ubuntu n’amahoro biva ku wuriho, uwamyeho kandi agira aze, no ku mpwemu indwi ziri imbere y’intebe y’inganji yiwe,
5 and from Jesus Christ, the faithful witness, firstborn from the dead, ruler of earth's kings. To him who loves us and freed us from our sins by his blood, no kuri Yesu Kristo we cabona co kwizigirwa, imfura mu bapfuye, umutware aganza abami bo kw’isi bose, bibane namwe. Icubahiro cose kibe ic’uwadukunze, akatubohora mu vyaha vyacu abanje gusesa amaraso yiwe.
6 and made us a kingdom, priests to his Father—to him glory and dominion forever and ever. Amen. Yatugize ubwami bw’abaherezi bo gukorera Imana ari yo Se. Icubahiro n’ububasha bibe ivyayo ibihe vyose! Amen.
7 Look, he is coming with the clouds—every eye will see him, even those who pierced him—and all earth's tribes will mourn over him. Yes, amen. “Ehe azananye n’ibicu,” kandi “amaso yose azomubona; n’abamucumise bazomubona,” kandi isi yose “izoboroga ku bwiwe.” Nibibe gutyo, Amen.
8 "I am the Alpha and the Omega," says the Sovereign God, "who is and who was and who is coming, the Almighty." “Ndi Alufa na Omega, Intango n’Iherezo,” ni ko Umwami Imana avuze, “uwuriho, uwamyeho kandi agira aze, Mushoboravyose.”
9 I, John, your brother and partner in the suffering, kingdom, and perseverance we have in Jesus, was on the island called Patmos because of the word of our Father and the testimony of Jesus. Jewe Yohana, mwene So mfatanije namwe mu mibabaro, mu Bwami bw’Imana no mu kwihangana, ivyo duhamagarirwa muri Yesu, nari najanywe mw’izinga ryitwa Patimo mporwa ijambo ry’Imana no gushingira intahe Yesu.
10 I was in the Spirit on the Lord's day and heard behind me a loud voice like a trumpet, Maze ku musi w’Umwami Imana, ndi muri Mpwemu, numva ijwi rivugira inyuma yanje rimeze nk’iry’inzamba isamirana,
11 saying, "Write what you see in a scroll and send it to the seven churches—Ephesus, Smyrna, Pergamum, Thyatira, Sardis, Philadelphia, and Laodicea." riti: “Wandike mu gitabu ivyo ubona vyose maze ubirungikire amashengero indwi mu bisagara vya Efeso, Simuruna, Perugamo, Tuwatira, Sarudi, Filadelufiya, na Lawodikiya.”
12 Then I turned to see the voice speaking to me, and when I turned I saw seven gold lampstands, Mpindukiye ngo ndabe uwuriko aramvugisha, nca mbona ibiterekwako amatara indwi bikozwe mu nzahabu,
13 among the lampstands, one like a son of man—Jesus—dressed in a robe down to his feet, with a gold sash across his chest. kandi hagati muri vyo hari hahagaze uwusa n’Umwana w’Umuntu, yambaye ikanzu ishika ku birenge, akenyeje umukanda w’inzahabu mu gikiriza.
14 The hair of his head was white, like wool, like snow; his eyes like fire's flame. Umushatsi wiwe warera derere; amaso yiwe yasa n’imbeya z’umuriro.
15 His feet were like burnished bronze, refined in a furnace; his voice like many waters roaring. Ibirenge vyiwe vyasa n’umwakaka wavugutiwe mw’itanure, ijwi ryiwe na ryo ryari rimeze nk’amazi menshi asuma.
16 He held seven stars in his right hand, and a sharp two-edged sword came from his mouth, and his face shone like the sun at full strength. Mu kuboko kwiwe kw’i buryo yari afise inyenyeri indwi, kandi mu kanwa kiwe havamwo inkota y’ubugi bubiri ikarishe. Mu maso hiwe harakayangana nk’izuba ryo ku murango.
17 When I saw him, I fell at his feet as dead. He put his right hand on me, saying, "Don't be afraid. I am the first and the last, Ndamubonye nca nikubita imbere y’ibirenge vyiwe nk’uwupfuye. Ariko aca anshirako ikiganza c’i buryo ambarira ati: “Ntutinye. Ndi Uwa Mbere kandi ndi Uwa Nyuma.
18 the living one. I was dead—look, I'm alive forever and ever! I hold the keys of Death and the grave. Ndi Uwuriho, nari narapfuye none ndi muzima ibihe vyose. Kandi mfise urupfunguruzo rw’urupfu na kuzimu.
19 Write therefore what you have seen, what is now, and what will take place after this. Wandike rero ivyo wabonye vyose, ibiriko biraba n’ibiza gukurikira.
20 This is the mystery of the seven stars you saw in my right hand, and the seven gold lampstands: the seven stars are the seven churches' angels, and the seven lampstands are the seven churches." Iyi ni yo nsiguro y’ibanga ry’inyenyeri indwi wabonye mu kiganza canje, n’igiterekwako amatara gikozwe mu nzahabu: inyenyeri indwi ni abamarayika b’amashengero indwi, ibiterekwako amatara na vyo ni ayo mashengero indwi.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]