Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Jude 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Jude, servant of Jesus Christ and brother of James, to those called, loved in our Father and kept for Jesus Christ: Jewe Yuda, umukozi wa Yesu Kristo n’umuvukanyi wa Yakobo, Ndabandikiye mwebwe abahamagawe, mukundwa n’Imana Data kandi muzigamwe na Yesu Kristo:
2 May mercy, peace, and love be multiplied to you. Imbabazi, amahoro n’urukundo bibe muri mwebwe bigwiriye.
3 Beloved, though eager to write about our shared salvation, I had to write urging you to fight for the faith once for all given to the holy ones. Bene Data nkunda, naho nari nipfuje cane kubandikira ku bijanye n’agakiza dusangiye, numvise ngoberwa kwandika ndabahimiriza ngo mugwanire ukwizera abera b’Imana bahawe rimwe rizima.
4 For some have slipped in unnoticed, long ago marked out for this judgment—godless people who twist our Father's grace into a license for lust, and deny our only Master and Lord, Jesus Christ. Ibi ndabivuze kuko hari abantu batubaha Imana binjiye muri mwebwe binyegeje, bakigisha ko ubuntu bw’Imana butwemerera kugendera mu buhumbu. Igihano c’abantu nk’abo cari caravuzwe mu vyanditswe kuko bahakana Yesu Kristo, ari we Databuja wenyene n’Umwami.
5 Now I want to remind you, though you already know all this, that Jesus, having saved a people out of the land of Egypt, afterward destroyed those who did not believe. Naho mwari musanzwe mubizi vyose, ndashaka kubibutsa ko Umwami Imana yatabaye ubwoko bw’Abisirayeli akabukura mu gihugu ca Egiputa, ariko hanyuma yahoneje abatizeye bo muri bo.
6 The angels who didn't keep their own position but left their proper home, he has kept in eternal chains, under deep darkness, for judgment on the great day. Kandi n’abamarayika batagumye mu bibanza Imana yabashizemwo, ariko bagahitamwo kubivamwo, Imana yabugaraniye ahantu h’umwijima, baboshwe n’iminyororo y’ibihe bidashira, barindiriye wa musi uhambaye w’imanza.
7 Likewise Sodom, Gomorrah, and the nearby towns, given to sexual sin and pursuit of unnatural flesh, stand as an example, suffering the punishment of eternal fire. Kandi mwibuke Sodomu na Gomora n’ibisagara vyari bihakikije. Abantu baho bihaye gukora ivyaha vy’ubuhumbu n’ivy’ubusambanyi vy’ubwoko bwose. Ni co catumye Imana ibatangako akarorero mu kubahanisha umuriro, igabisha abantu ko hari igihano c’umuriro udashira.
8 Yet these dreamers likewise pollute their flesh, reject authority, and insult glorious ones. Uko ni ko n’abo bantu bagendera mu ndoto zabo, bonona imibiri yabo, bagasuzugura ububasha bw’Imana bagatuka ivy’icubahiro vyo mw’ijuru.
9 But Michael the archangel, contending with the devil, argued about Moses' body, not daring to bring an insulting judgment against him, but said, "May our Father rebuke you." Ariko na Mikayeli, Umumarayika mukuru, aho yariko araharira na Satani bapfa umuvyimba wa Mose, ntiyubahutse kumutuka, ariko yavuze ati: “Uhoraho aguhane!”
10 But these people insult whatever they don't understand; what they do understand by instinct, like unreasoning animals, destroys them. Ariko abo bantu bo batuka ivyo badatahura. Bameze nk’ibikoko bitazi ubwenge kandi ivyo bibaza ngo barazi ni vyo bibahonya.
11 Woe to them! They took Cain's path, rushed for pay into Balaam's error, and died in Korah's revolt. Abo bazobona ibara! Bajanye inzira ya Kayini, bakurikira amaronko maze bagwa mu mutego Balamu yaguyemwo; bazohona kuko bagararije nka Kora.
12 These are hidden reefs at your love feasts, feasting with you without fear, feeding only themselves—dry clouds blown by wind, fruitless autumn trees, twice dead, uprooted. Kubana na bo iyo musangira mu misi mikuru y’urukundo nk’abizera ni agatetereza, kandi ivyo babikora ata co basonera. Bameze nk’abungere biragira ubwabo. Bameze nk’ibicu bitagira imvura bikubebwa n’umuyaga. Bameze kandi nk’ibiti bitagira ivyamwa mu gihe c’iyera, vyaranduranywe n’imizi bipfa kabiri.
13 Wild waves of the sea, foaming up their own shame; wandering stars, for whom deepest darkness is kept forever. Ibikorwa biteye isoni vyabo vyiyerekana nk’ifuro rikwiragizwa n’imipfunda yo mu kiyaga. Bameze n’inyenyeri ziyerera, zabikiwe gutererwa mu cobo c’umwijima w’umuzitanya w’ibihe bidashira.
14 Enoch, the seventh from Adam, prophesied about these also: "Look, our Lord Jesus came with ten thousands of his holy ones, Enoki, uwo mu runganwe rugira indwi inyuma ya Adamu, yavugishijwe kuri abo bantu ati: “Raba Uhoraho azananye n’ibihumbi n’ibihumbi vy’abamarayika bera,
15 to execute judgment on all and to convict every person of all the ungodly deeds they have committed in such an ungodly way, and of all the harsh things that ungodly sinners have spoken against him." aje gucira imanza abantu bose, no kwemeza abanyavyaha bose ibikorwa vyo kutubaha Imana bakoze, n’ibitutsi vyose abatubaha Imana bayitutse.”
16 These grumble and complain, chasing their own desires; their mouths boast, and they flatter people for gain. Abo bantu ni abanyamwikomo bama bidodombera abandi; bakurikira ivyipfuzo vyabo bibi; barishira hejuru kandi bakoresha amajambo meza babesha abandi mu kurondera inyungu.
17 But you, beloved, remember what our Lord Jesus Christ's apostles said beforehand. Ariko mweho bakundwa, mwibuke ivyo intumwa z’Umwami wacu Yesu Kristo zari zaravuze imbere y’igihe.
18 How they told you: "In the last time there will be mockers, following their own godless desires." Bababwiye bati: “Mu bihe vy’iherezo hazobaho abacokoranyi bakurikira ivyipfuzo vyabo vyo kutubaha Imana.”
19 These are the ones who cause divisions, worldly people, devoid of the Spirit. Abantu nk’abo ni bo babacamwo ibice, bakurikira ivyipfuzo vyabo vy’ab’isi gusa, ntibagira Mpwemu.
20 But you, beloved, building yourselves up in your most holy faith and praying in the Holy Spirit. Ariko mweho, bakundwa, mwiyubake mu kwizera kwanyu kwera cane kandi musengere muri Mpwemu Yera.
21 Keep yourselves in the love of our Father, waiting for the mercy of our Lord Jesus Christ, leading to eternal life. Mwizigamire mu rukundo rw’Imana mu kurindira ko Umwami wacu Yesu Kristo, mu mbabazi ziwe, abaha ubugingo budashira.
22 And have mercy on those who doubt; Mugirire impuhwe abakekeranya.
23 save some by seizing them from the fire; show others mercy in fear, hating even the garment stained by their sin. Mukize abandi mubakure mu muriro w’urubanza. Mwerekane imbabazi ku bandi ariko zivanze no gutinya. Yamara mwirinde no gukora ku mpuzu zandujwe n’imibiri yabo yandujwe n’ivyipfuzo vyabo bibi.
24 Now to him able to keep you from stumbling and set you blameless before his glory with great joy, Imana irashoboye kubazigama ngo ntimugwe no kubashikana imbere y’ubwiza bwayo mutagira ico mwogawa kandi munezerewe cane.
25 to our Father alone, our Savior, through Jesus Christ our Lord, be glory, majesty, dominion, and authority, before all time and now and forever. Amen. Ni yo Mana yonyene n’Umukiza wacu. Icubahiro, ubukuru, inkomezi n’ububasha bibe ivyayo, biciye muri Yesu Kristo Umwami wacu, uhereye kera hose, ubu no gushitsa ibihe bidashira! Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]