Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

3 John 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The elder, to the beloved Gaius, whom I love in truth. Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye wewe Gayo, uwo nkunda mu kuri.
2 Beloved, I pray you prosper in every way and stay healthy, as your soul prospers. Mugenzi nkunda, ndakwipfuriza kugira amagara meza no kuroranirwa mu mubiri, nk’uko umushaha wawe umerewe.
3 I rejoiced greatly when brothers arrived and testified about your faithfulness to the truth—for you truly are walking in it. Naranezerewe cane igihe bamwe muri bene Data baza bakambwira ingene uri umwizigirwa kandi ugendera mu kuri.
4 I have no greater joy than this: to hear that my children are walking in the truth. Nta munezero woza undutira kwumva ko abana banje bagendera mu kuri.
5 Beloved, you act faithfully in all you do for the brothers, even strangers. Mugenzi nkunda, werekana ubwizigirwa mu vyo uriko urakorera bene Data, naho ari abanyamahanga kuri wewe.
6 They testified to your love before the church. Send them on in a way worthy of our Father. Na bo bashingiye intahe urukundo rwawe imbere y’ishengero. Ndakwinginze ubandanye ubashigikira mu vyo bakeneye mu buryo bunezereza Imana,
7 For they went out for the sake of the Name, accepting nothing from the Gentiles. kuko bafashe urugendo bakorera izina rya Kristo, kandi ntibemeye gufashwa n’abatizera.
8 Therefore we ought to support such people, so that we may be fellow workers for the truth. Dutegerezwa kwakira n’umutima mwiza abantu nk’abo kugira ngo dufatanye na bo gukorera ukuri.
9 I wrote something to the church, but Diotrephes, who loves being first among them, does not receive us. Narandikiye ishengero; ariko Diyotirefe, akunda kwishira imbere, ntiyemera ikibanza cacu nk’abarongozi.
10 So if I come, I'll expose what he's doing—slandering us with malicious words. Not satisfied with that, he refuses to welcome the brothers, stops those who want to, and throws them out of the church. Ninaza, nzoshira ahabona ivyo ariko arakora, ibibi n’ibinyoma akwiragiriza atuvuga nabi. Uretse ko we ubwiwe yanka kwakira bene Data, ahubwo abuza n’abashaka kubakira, akanabataramura mw’ishengero.
11 Beloved, don't imitate evil, but good. Whoever does good is from our Father; whoever does evil hasn't seen our Father. Mugenzi nkunda, ntukigane ibibi, ariko wigane ivyiza. Umuntu wese akora ivyiza ava ku Mana. Umuntu wese akora ibibi ntarabona Imana.
12 All speak well of Demetrius, and so does the truth. We testify too, and you know our testimony is true. Demetiriyusi avugwa neza na bose, nk’uko ukuri na kwo kumushingira intahe. Natwe tumuvuga neza kandi urazi ko intahe yacu ari iy’ukuri.
13 I had much to write to you, but I would rather not write with pen and ink. Mfise vyinshi nshaka kukubwira, ariko sinshaka kubikwandikira.
14 I hope to see you soon, and we will talk face to face. Nizeye ko tuzobonana vuba, tukavugana amaso mu yandi.
15 Peace to you. The friends send their greetings. Greet each of the friends by name. Amahoro abane na we. Abakunzi turi kumwe barakuramutsa. Undamukirize abakunzi muri kumwe, umwe wese ku giti ciwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]