Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

2 John 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 The elder, to the chosen lady and her children, whom I love in truth—not only I, but all who know the truth, Jewe umutama w’ishengero, Ndakwandikiye mupfasoni watoranijwe n’Imana n’abana bawe, abo nkunda mu kuri, kandi umuntu wese azi ukuri arabakunda,
2 because of the truth that lives in us and will be with us forever. kuko ukuri kuba muri twebwe kandi kuzogumana natwe ibihe bidashira:
3 Grace, mercy, and peace will be with us from our Father and from Jesus Christ, our Father's Son, in truth and love. Ubuntu, imbabazi n’amahoro biva ku Mana Data no kuri Yesu Kristo, Umwana wayo, bibandanye bibana natwe mu kuri no mu rukundo.
4 I was overjoyed to find some of your children walking in truth, as our Father commanded us. Vyaranezereye cane kubona bamwe mu bana bawe bagendera mu kuri, nk’uko Data yadutegetse.
5 Now I ask you, dear lady: not a new command, but one we've had from the start—love one another. Ubu na ho ga mupfasoni, sindakwandikiye ibwirizwa rishasha, ahubwo ndakwandikiye kimwe twakira kuva mu ntango: ko dukwiye gukundana.
6 This is love: that we walk by his commands. This is the command, as you heard from the beginning: that you walk in love. Uru rukundo mvuga rusigura kwitondera amabwirizwa y’Imana, kandi yadutegetse gukundana, nk’uko mwavyumvise kuva mu ntango.
7 For many deceivers have gone out into the world, denying that Jesus Christ came in the flesh. This is the deceiver and the antichrist. Ibi ndabivuze kuko ababeshi benshi bakwiragiye mw’isi. Abo ntibemera ko Yesu Kristo yaje yambaye umubiri. Umuntu wese ameze uko ni umubeshi kandi ni antikristo.
8 Watch yourselves, so that you don't lose what we have worked for, but receive a full reward. Mwirinde kugira ngo ntimutakaze ico twakoreye, ahubwo mushishikare kugira ngo muze muhabwe impembo ikwiye.
9 Anyone who oversteps, not remaining in Christ's teaching, lacks our Father; whoever remains in the teaching has both our Father and the Son. Umuntu wese azimira akava mu nyigisho za Kristo nta bucuti afitaniye n’Imana. Ariko umuntu wese aguma mu nyigisho za Kristo afitaniye ubucuti na Data n’Umwana.
10 If someone comes to you without this teaching, don't welcome them into your home or greet them, Nihagira umuntu aza aho muri akazana inyigisho zitandukanye n’izi, ntimuze mumwakire mu nzu zanyu canke ngo mumuramutse.
11 for whoever greets him shares in his evil deeds. Umuntu wese amwakiriye aba amushigikiye mu bikorwa vyiwe bibi.
12 I have much to write, but I'd rather not use paper and ink. I hope to come and speak with you face to face, so our joy may be complete. Mfise vyinshi nshaka kubabwira, ariko sinshaka kubibandikira. Nizera ko nzobagendera tuvugana amaso mu yandi, kugira ngo umunezero wacu ube uwuzuye.
13 The children of your chosen sister greet you. Abana b’umuvukanyi wawe, umupfasoni yatoranijwe n’Imana, barakuramutsa.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]