Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Revelation 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "To the angel of the church in Ephesus write: The one holding the seven stars in his right hand, walking among the seven golden lampstands, says this: Wandikire umumarayika w’ishengero ryo muri Efeso uti: Uwufise inyenyeri indwi mu kuboko kw’i buryo kandi agendagenda hagati y’ibiterekwako amatara indwi, aravuga ati:
2 "I know your works, your labor, and your endurance, and that you cannot bear the wicked; you tested those calling themselves apostles but are not, and found them liars. Ndazi ibikorwa vyawe, ukuruha kwawe, n’ukwihangana kwawe. Ndazi ko utihanganira inkozi z’ibibi, kandi ko wasuzumye abo bose bigira intumwa kandi atari zo, ukamenya ko ari ababeshi.
3 You have endured and borne up for my name, and have not grown weary. Wihanganiye imibabaro myinshi ku bw’izina ryanje, ntiwadendebukirwa.
4 But I have this against you: you have abandoned the love you had at first. Ariko ico nkugaya ni uko watakaje urukundo rwawe rwa mbere.
5 So remember where you've fallen from; repent and do your first works. Otherwise I'm coming to you to remove your lampstand from its place—unless you repent. Niwibuke aho wavuye ukagwa, maze wihane, usubire ukore ibikorwa wakora ubwa mbere. Niyo utihana, nzoza nkure igiterekwako itara cawe mu kibanza caco.
6 But you do have this: you hate the works of the Nicolaitans, which I also hate. Ariko hari ico ushimirwa: wanse ibikorwa vy’Abanikolayite, nk’uko nanje ndavyanka.
7 Whoever has an ear, let him hear what the Holy Spirit says to the churches. To the one who conquers I will give to eat from the tree of life in the paradise of our Father. Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya ku vyamwa vyo ku giti c’ubugingo, kiri muri paradizo y’Imana.
8 "To the angel of the church in Smyrna write: The first and the last, who died and lived again, says this: Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Simuruna uti: Uwa mbere akaba n’uwa nyuma, uwapfuye akazuka, aravuga ati.
9 "I know your suffering and poverty—yet you are rich—and slander from those claiming to be Jews but are not, Satan's synagogue. Ndazi imibabaro yawe, n’ubukene bwawe, ariko uri umutunzi! Ndazi ibitutsi utukwa n’abiyita Abayuda kandi atari bo, ahubwo ari abo mw’isinagogi rya Satani.
10 Don't fear what you're about to suffer. The devil will throw some of you in prison to test you; you'll suffer ten days. Be faithful to death, and I'll give you the crown of life. Ntuterwe ubwoba n’imibabaro ugiye gucamwo, kuko wa mubi agiye gushira bamwe muri mwebwe mw’ibohero kugira ngo akugerageze. Muzobabazwa imisi cumi. Ariko niwaguma mu bwizigirwa gushika ku gupfa, nzoguha igitsibo c’ubugingo.
11 Whoever has an ear, let him hear what the Holy Spirit tells the churches. Whoever conquers won't be hurt by the second death. Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nta co urupfu rwa kabiri ruzomugira.
12 "To the angel of the church in Pergamum write: These are the words of him who has the sharp, two-edged sword: Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Perugamo uti: Uwufise inkota ikarishe, ifise ubugi bubiri, aravuga ati.
13 "I know where you live—where Satan's throne is. Yet you hold to my name and never denied your faith in me, even when Antipas, my faithful witness, was killed among you, where Satan lives. Ndazi ko uba mu gisagara Satani afisemwo intebe y’inganji, ariko wumiye kw’izina ryanje. Ntiwamvuyeko no mu gihe ca Antipa, icabona canje c’ukwizigirwa, uwagandaguriwe muri mwebwe, mu gisagara ca Satani.
14 But I have a few things against you: some there hold Balaam's teaching. He taught Balak to set a stumbling block before Israel, to eat food sacrificed to idols and commit sexual sin. Ariko ico nkugaya ni uko hari bamwe muri mwebwe bagikurikira inyigisho za Balamu, yigishije Balaki kugwisha Abisirayeli mu vyaha, bakarya ivyaterekerewe ibigirwamana bagakora n’ivyaha vy’ubusambanyi.
15 So also you have some who hold the teaching of the Nicolaitans. Kandi muri mwebwe hariho n’abakurikira inyigisho z’Abanikolayite.
16 Repent, then. Otherwise I'll come to you soon and fight those who hold to it with the sword of my mouth. None rero niwihane. Ahandi ho nzoza vuba kukugwanya nitwaje inkota yo mu kanwa kanje.
17 Anyone with an ear should hear what the Holy Spirit tells the churches. To the victor I will give hidden manna and a white stone inscribed with a new name that only its receiver knows. Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero. Uwuzonesha nzomuha kurya kuri manu yahishijwe. Nzomuha kandi ibuye ryera ryanditseko izina rishasha; nta wuzomenya iryo zina kiretse uwuzohabwa iryo buye.
18 "To the angel of the church in Thyatira write: The Son of our Father, whose eyes are like a flame of fire and feet like polished bronze, says: Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Tuwatira uti: Umwana w’Imana, uwufise amaso aca ibibatsi nk’imbeya z’umuriro, akagira n’ibirenge vyakaka nk’umuringa, aravuga ati.
19 "I know your works—your love, faith, service, and endurance—and that your last works exceed the first. Ndazi ibikorwa vyawe, urukundo rwawe, ukwizera kwawe, ukwitanga kwawe n’ukwihangana kwawe. Ndazi kandi ko ibikorwa vyawe vy’ubu biruta mu bwinshi ivyo wakora mu ntango.
20 But I have this against you: you tolerate the woman Jezebel, who calls herself a prophet, teaching and misleading my servants into sexual sin and eating food sacrificed to idols. Ariko ico nkugaya ni uko waretse uwo mugore Yezebeli yiyita umuvugishwa, akazimiza abantu banje, akabajana mu busambanyi no mu kurya ivyaterekerewe ibigirwamana.
21 I gave her time to repent, but she won't repent of her sexual sin. Namuhaye umwanya ukwiye ngo yihane ariko ntagomba kuva mu ngeso ziwe z’ubusambanyi.
22 I will throw her onto a sickbed, and those who commit adultery with her into great suffering, unless they turn from her deeds. None rero nzomuterera ku buriri bw’imibabaro, kandi n’abasambana na we nzobatera imibabaro myinshi, kiretse bihanye bakareka ibikorwa vyabo bibi.
23 And I will strike her children dead. Then all the churches will know I am he who searches mind and heart, and will repay each of you for your works. Nzokwica abana biwe bose. Aho ni ho amashengero yose azomenya ko ndi Imana isuzuma ivyanyegejwe mu mitima no mu vyiyumviro kandi ko nzoha umuntu wese impembo ikwiranye n’ivyo yakoze.
24 But to the rest of you in Thyatira who don't hold this teaching, who haven't learned Satan's so-called deep things: I lay no other burden on you. Ariko mwebwe abasigaye b’i Tuwatira mutifatanije n’izo nyigisho mbi, kandi mutakurikiye ivyo abantu bise amabanga akomeye ya Satani, ‘Nta wundi mutwaro ndabikoreza,
25 Only hold fast to what you have until I come. uretse kwumira ku co mufise gushika ngarutse.’
26 Whoever conquers and keeps my works to the end, I will give them authority over the nations, Uwuzonesha akabandanya anyumvira gushika kw’iherezo, nzomuha kuganza amahanga.
27 and he will rule them with an iron rod, shattering them like clay pots—as I also received authority from my Father. Azoyatwazanya umukazo, ayamenagure nk’uwumena inkono z’ibumba. Nzomuha ububasha nahawe na Data,
28 And I will give him the morning star. kandi nzomuha n’inyenyeri yo mu mutwenzi.
29 Whoever has an ear, let him hear what the Holy Spirit says to the churches." Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]