Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Revelation 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 "To the angel of the church in Sardis write: The one holding the seven Spirits of our Father and the seven stars says: I know your works. You have a name for being alive, but you are dead. Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi uti: Uwufise mu biganza impwemu indwi z’Imana n’inyenyeri indwi avuga ati: Ndazi ibikorwa vyawe. Abantu benshi bazi ko uri muzima kandi warapfuye.
2 "Wake up! Strengthen what is left and about to die, for I have not found your works finished before my Father. Ikangure ukomeze ivyo usigaranye bigikomeye ariko bigiye gupfa, kuko ibikorwa vyawe bidatunganye imbere y’Imana.
3 So remember how you received and heard; keep it, and turn back. If you don't stay awake, I'll come like a thief, and you won't know what hour I come to you. Wibuke inyigisho wumvise ukazakira. Uzigendere wongere wihane. Nutikangura, nzoza nk’igisuma kandi ntuzomenya igihe nzokugendera.
4 But you have a few in Sardis who haven't stained their clothes; they will walk with me in white, for they are worthy. Ariko uracafise abantu bakeya i Sarudi batanduje impuzu zabo. Abo bazogendana nanje bambaye imyambaro yera kuko birababereye.
5 The conqueror will be dressed like them in white, and I will never wipe his name from the book of life. I will acknowledge his name before my Father and before his angels. Uwuzonesha nzomwambika imyambaro yera. Sinzokwigera mpanagura izina ryiwe mu gitabu c’ubugingo, ahubwo nzorivuga imbere ya Data n’abamarayika biwe.
6 Whoever has an ear, let him hear what the Holy Spirit says to the churches. Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.
7 "And write to the angel of the church in Philadelphia: The holy one, the true one, who holds David's key, who opens and no one shuts, who shuts and no one opens, says this: Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Filadelufiya uti: Uwera kandi uw’ukuri, uwufise urupfunguruzo rwa Dawidi mu kiganza; ico yuguruye nta wushobora kucugara, kandi ico yugaye nta wushobora kucugurura, avuga ati.
8 "I know your works. Look, I've put an open door before you that no one can shut, because you have little power, yet kept my word and didn't deny my name. Ndazi ibikorwa vyawe. Ehe, nakwugururiye umuryango ata n’umwe ashobora kwugara. Ndazi ko ufise intege nke, ariko wazigamye ijambo ryanje, ntiwanyihakana.
9 I will give some from Satan's synagogue—who call themselves Jews but are not; they lie—I will make them come and bow before your feet, and know I have loved you. Ehe, nzozana abo mw’isinagogi rya Satani biyita Abayuda kandi atari bo, bapfukame imbere yawe, bamenye ko ndagukunda.
10 Because you kept my word of endurance, I too will keep you from the hour of trial coming on the whole world to test those living on earth. Ko witondeye ibwirizwa ryanje ryo kwihanganira ibikugerageza, nanje nzokurinda ibihe vy’amagorwa bigiye kuza kw’isi yose kugerageza abayibako.
11 I am coming soon. Hold fast what you have, so that no one may seize your crown. Ehe ndaza vuba. Wumire ku co ufise kugira ngo ntihagire uwugutwara impera yawe.
12 Whoever conquers, I will make him a pillar in my Father's temple, and he will never leave it. On him I will write my Father's name, and the name of my Father's city, the new Jerusalem coming down out of heaven from my Father, and my new name. Uwuzonesha nzomugira inkingi mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazokwigera ahava. Nzomwandikako izina ry’Imana yanje, hamwe n’iry’igisagara c’Imana yanje, ni co Yerusalemu nshasha, imanuka iva mw’ijuru ku Mana yanje; kandi nzomwandikako izina ryanje rishasha.
13 Whoever has an ear, let him hear what the Holy Spirit says to the churches. Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.
14 "To the angel of the church in Laodicea write: The Amen says, the faithful and true witness, the beginning of our Father's creation. Wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Lawodikiya uti: Uwitwa Amen, umwizigirwa kandi icabona c’ukuri, uwuganza ivyaremwe n’Imana vyose, avuga ati:
15 "I know your works: you are neither cold nor hot. I wish you were cold or hot! Ndazi ibikorwa vyawe. Ndazi ko udakonje kandi utabize. Ese iyo ukonja canke ukabira!
16 So, because you are lukewarm—neither hot nor cold—I am about to spit you out of my mouth. Ko uri akazuyazi, udakonje canke ngo ubire, ngira ndakudahwe.
17 Because you say, 'I'm rich, I've grown wealthy, and need nothing,' unaware you are miserable, pitiful, poor, blind, and naked. Uvuga ngo uratunze, ufise vyinshi kandi ngo nta co ukenye. Ariko ntuzi ingene uri umugorwa ateye ikigongwe. Uri umukene, urahumye kandi ugenda gusa.
18 I advise you: buy from me fire-refined gold, so you become rich; white clothes to wear, so your naked shame isn't exposed; and ointment for your eyes, so you can see. Ni co gituma ndaguhanura ngo ungureko inzahabu zivugutiwe mu muriro kugira ngo ube umutunzi. Ungureko imyambaro yera kugira ngo ufuke ubwambure bwawe buteye isoni, ungureko kandi n’umuti wo gusiga ku maso yawe kugira ngo ushobore kubona.
19 Those whom I love, I rebuke and discipline. So be earnest and repent. Uwo nkunda ndamukankamira, nkanamuhana. None rero, gira umwete, wihane.
20 Look! I stand knocking at the door. Whoever hears my voice and opens the door, I'll come in to him, eat with him, and he with me. Ehe mpagaze ku muryango ndiko ndadodora. Uwumva ijwi ryanje akugurura umuryango, ndinjira iwe dusangire.
21 Whoever conquers I will seat with me on my throne, as I also conquered and sat with my Father on his throne. Uwuzonesha nzomuha kwicarana nanje ku ntebe y’inganji, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe y’inganji yiwe.
22 Whoever has an ear, let him hear what the Holy Spirit says to the churches." Uwufise amatwi niyumve ico Mpwemu abwira amashengero.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]