Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Philippians 2 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So if any encouragement in Christ, any comfort from love, any deep communion in the Holy Spirit, any tenderness and compassion exist, Nimba hari ukuremeshwa muronkeshwa no kuba muri Kristo, nimba hari ukwirurwa kuva mu rukundo rwiwe, nimba hari ugufatanya hagati yanyu kuva muri Mpwemu, nimba hari ubugwaneza n’impuhwe hagati yanyu,
2 complete my joy: think alike, love alike, unite in spirit, one in purpose. nimwuzuze umunezero wanje mu kugira umutima umwe n’urukundo rumwe, muhuje umutima n’inama mu vyiyumviro no mu ntumbero.
3 Do nothing out of selfish ambition or empty conceit, but in humility consider others better than yourselves. Ntihakagire ico mukora musunitswe n’ukwikunda canke n’ukwishira hejuru, ariko mu kwicisha bugufi, mushire abandi imbere.
4 Each of you should attend not only to your own interests, but also to others'. Ntihagire ico mukora muronderera inyungu zanyu gusa, ariko mwiyumvire no ku nyungu z’abandi.
5 Have this mindset among yourselves—one that is yours in Christ Jesus, Mu migenderanire yanyu, mugire inyifato nk’iyo Kristo Yesu yari afise:
6 who, existing in the form of our Father, did not consider equality with our Father something to be grasped, We, naho yari Imana, ntiyigeze abona ko kungana n’Imana ari ikintu co kwumirako.
7 but emptied himself by taking on the form of a servant and being born in human likeness. Ahubwo, yiyambuye ubumana bwiwe, yambara ishusho y’umugurano, acika uwusa n’abantu.
8 And appearing as a human being, he humbled himself by becoming obedient to death—even death on a cross. Kandi amaze kuboneka mw’ishusho y’umuntu, yicisha bugufi, aragamburuka gushika no ku rupfu, mbere urupfu rwo ku musaraba.
9 Therefore our Father exalted him to the highest place and gave him the name that is above every name, Ni co catumye Imana imushira hejuru cane, imuha izina rirengeye ayandi mazina yose
10 so that at the name of Jesus every knee should bow, in heaven and on earth and under the earth, kugira ngo mw’izina rya Yesu, amavi yose aze apfukame, ari ay’ivyo mw’ijuru, ay’ivyo kw’isi n’ay’ivy’i kuzimu,
11 and every tongue confess that Jesus Christ is Lord, to the glory of our Father. kandi indimi zose zize zature ko Yesu Kristo ari Umwami, kugira ngo biheshe Imana Data icubahiro.
12 So, my dear ones, as you've always obeyed—not only in my presence but now much more in my absence—keep working out your salvation with fear and trembling, Bakunzi banje, nk’uko mwamye mugamburuka igihe cose nari kumwe namwe, n’ubu ntari kumwe namwe, mukwiye kurushirizaho. Mukorane umwete ibikorwa bigaragaza agakiza kanyu, mwubaha Imana, muhinda agashitsi imbere yayo,
13 for our Father works in you, giving both the will and the work for his good purpose. kuko Imana ari yo ikorera muri mwebwe, ikabaha ugushaka no gukora ivyo igomba.
14 Do everything without grumbling or arguing, Mukore vyose mutidodomba kandi mudaharira,
15 so you may be blameless and pure, faultless children of our Father amid a crooked and depraved generation—shining among them like stars in the world, kugira ngo mubeho mutagira umugayo, mugororotse, mube abana b’Imana batagira agatosi mu bantu b’iki gihe bagoramye kandi bononekaye, abo mubonekamwo mwakaka nk’inyenyeri zo kw’ijuru.
16 holding firmly to the word of life, so I can boast on Christ's day that I didn't run or work for nothing. Mugumye cane ijambo ritanga ubugingo, ni ho nzoronka ico nirata ku musi w’ukugaruka kwa Kristo, kuko ntazoba nirukiye ubusa, kandi igikorwa canje ntikizoba cabaye impfagusa.
17 But even if I'm poured out as a drink offering on the sacrifice and service of your faith, I'm glad and rejoice with you all. Mbere n’aho ndi hafi gutanga ubuzima bwanje ngo busukwe nk’uko ibinyobwa bisukwa kw’ishikanwa, iryo naryo akaba ari ibikorwa vyanyu biva mu kwizera, ndabinezererewe kandi nezeranywe namwe mwese.
18 So you too should be glad and rejoice with me. Ni vyo bikwiye, na mwebwe nyene mukwiye kunezeranwa nanje.
19 I hope, in the Lord Jesus, to send Timothy to you soon, so I too may be encouraged, knowing how you are. Umwami Yesu niyabikunda, nzobarungikira Timoteyo, kugira ngo nanje nzoterwe intege igihe nzokwumva amakuru yanyu.
20 I have no one else like him, who will genuinely care for your welfare. Nta wundi n’umwe mfise abitwararitse vy’ukuri nka we.
21 For they all look after their own interests, not those of Jesus Christ. Abandi bose bitayeho ivyabo, nta witayeho ivya Yesu Kristo.
22 You know Timothy's proven worth—like a son with a father, he served with me in the gospel work. Ariko murazi ko Timoteyo yerekanye ubwizigirwa bwiwe, kuko yakoranye nanje mu kuvuga Ubutumwa Bwiza, nk’uko umwana akorana n’umuvyeyi.
23 So I hope to send him as soon as I see how things go with me, Nizigiye kuzoca ndamubarungikira maze kubona uko ivyanje bizoba bigiye kumera.
24 and I am confident in the Lord that I myself will come soon. Kandi nanje nizeye ko Umwami azonshoboza kubagendera vuba.
25 I thought it necessary to send Epaphroditus back to you—my brother, coworker, and fellow soldier, your messenger and servant for my needs. Ariko, nabonye ko ari vyiza kurungika Epafurodite akagaruka iwanyu. Ni mwene Data vy’ukuri akorana nanje kandi agwanana nanje intambara. Mwamundungikiye nk’intumwa kugira ngo amfashe mu vyo nari nkeneye.
26 He has longed for you all, and is troubled that you heard he was sick. Ndamurungitse kuko abakumbuye cane kandi ahagaritswe umutima n’uko mwumvise ko yagwaye.
27 Indeed he was sick, and nearly died. But our Father had mercy on him—not only him but me too, sparing me sorrow upon sorrow. Ni vyo yaragwaye ahakwa no gupfa, ariko Imana yamugiriye ubuntu nk’ubwo yangiriye, kugira ngo sinicwe no kugira umubabaro ukuranwa n’uwundi.
28 So I'm more eager to send him, so seeing him again you'll rejoice and I'll worry less. Ni co gituma nezerewe cane no kumubarungikira, kugira ngo nimwamubona muze munezerwe, nanje nsubize umutima mu nda ku bwanyu.
29 Welcome him in the Lord with all joy, and honor people like him, Mumwakire mu Mwami n’umunezero mwinshi, mumuhe icubahiro kibereye abantu nka we,
30 because he neared death for Christ's work, risking his life to make up your missing help to me. kuko yahatswe gupfa azira igikorwa ca Kristo akongera agahakwa gupfa ariko ankorera ibikorwa mutari gushobora kunkorera muri hiyo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]