Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Philippians 1 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Paul and Timothy, servants of Christ Jesus, to all the holy ones in Christ Jesus at Philippi, with the overseers and deacons: Twebwe Pawulo na Timoteyo abakozi ba Kristo Yesu, Turabandikiye mwese abera bo muri Kristo Yesu muri i Filipi, hamwe n’abarongozi b’Ishengero n’abadiyakoni bose:
2 Grace to you and peace from our Father and the Lord Jesus Christ. Ubuntu n’amahoro biva ku Mana Data wa twese no ku Mwami wacu Yesu Kristo bibane namwe.
3 I thank my Father every time I remember you, Nama nshima Imana igihe cose ndabibutse.
4 always praying for all of you with joy in every prayer, Kandi igihe cose nsenze, nama ndabasengera nuzuye umunezero
5 because of your partnership in the gospel from the first day until now. kuko twafatanije gukwiza Ubutumwa Bwiza, uhereye igihe mwabwumva kugeza n’ubu.
6 I'm confident of this very thing: the one who began a good work in you will complete it until the day of Christ Jesus. Sinkekeranya ko Imana yatanguje ico gikorwa ciza muri mwebwe izokibandanya gushika ikirangije, ku musi Kristo Yesu azogarukirako.
7 I'm right to feel this about you—I hold you in my heart, all of you sharing with me in grace, in my chains and in defending and confirming the gospel. Birabereye ko ndabiyumvira gutyo mwese, kuko ndabafise ku mutima. Mwese musangiye nanje ubuntu bw’Imana, haba mu gihe ndi mw’ibohero canke ndiko ndagwanira Ubutumwa Bwiza ndabwemanga.
8 For our Father is my witness, how I long for you all with Christ Jesus's deep affection. Imana ni yo yombera icabona c’ingene ndabakunda n’ingene nipfuza kubabona n’umutima w’inkumbu ziva kuri Kristo Yesu.
9 This is my prayer: that your love overflow more and more, with knowledge and all discernment, Ico nsengera ni uko urukundo rwanyu rworushiriza kugwira, kandi mugakomeza kwunguka ubwenge n’ugutahura,
10 so you can discern what is best, staying pure and blameless until the day of Christ. kugira ngo mushobore kumenya neza iciza kurusha ibindi ico ari co, mutanduye kandi mutagira umugayo gushika aho Kristo azogarukira.
11 Filled with the fruit of righteousness through Jesus Christ, to our Father's glory and praise. Ndabipfuriza kwama mwuzuye ivyamwa vy’ukugororoka biva kuri Kristo Yesu, kugira ngo biheshe Imana icubahiro n’amashimwe.
12 I want you to know, brothers and sisters, that my circumstances have actually advanced the gospel, Bene Data, ndashaka ko mumenya ko ivyanshikiye vyatumye Ubutumwa Bwiza butera buja imbere.
13 so my chains for Christ became known to the whole imperial guard and everyone else. Kuko umuntu wese hano, mbere n’abacunze ikirimba bose barimwo, barazi neza ko ndi mw’ibohero kubera Kristo.
14 Most of the brothers and sisters, made confident in the Lord by my chains, now dare more to speak the word fearlessly. Kandi, bivuye ku kubohwa kwanje, bene Data ba hano barashize amanga mu Mwami, bituma bashobora kuvuga ijambo ry’Imana bashize ubwoba.
15 Some, it is true, preach Christ out of envy and rivalry, but others out of goodwill. Ni ivy’ukuri ko bamwe bavuga ivya Kristo babitewe n’ishari n’umutima w’impari, ariko hariho n’abavuga ivya Kristo bafise intumbero nziza.
16 These act from love, knowing I'm assigned to defend the gospel. Abo babikora kubera kunkunda, kuko bazi ko mbohewe hano kubera kugwanira Ubutumwa Bwiza.
17 The others proclaim Christ out of selfish ambition, not sincerely, thinking to stir up trouble for me in my chains. Barya bandi bo bigisha Kristo ku bw’inyungu zabo, badasunitswe n’umutima utunganye, kuko bagomba kunteza imibabaro mu gihe ndi mw’ibohero.
18 What then? Only that in every way—whether in pretense or truth—Christ is proclaimed, and I rejoice in this. Yes, I will keep rejoicing. Ariko nta co bitwaye. Babikora mu kuri canke babikora mu buryarya, igihambaye ni uko Kristo ariko aravugwa. Kandi ivyo ndabinezererewe, mbere nzokomeza kubinezerererwa.
19 For I know this will result in my rescue, through your prayers and the help of Jesus Christ's Spirit. Kuko ndazi ko kubera amasengesho munsengera n’imfashanyo iva kuri Mpwemu wa Kristo Yesu ivyo vyose bizotuma mbohorwa.
20 My eager expectation and hope: I will never be ashamed, but with full courage, now as always, Christ will be praised in my body, whether by life or by death. Mfise ivyizigiro vyinshi ko ntazokwigera maramara, ariko ko nzokomeza gushira ubwoba, nk’uko namye. Kandi ndizera ko ubu n’ibihe vyose Kristo azokwama ahabwa icubahiro mu mubiri wanje, haba mu kubaho kwanje canke mu rupfu rwanje.
21 For to me, to live is Christ, and to die is gain. Kuko kuri jewe, kubaho ni ku bwa Kristo, kandi gupfa ni vyo vyiza kurusha.
22 If I am to go on living in the body, this will mean fruitful work for me. Yet I don't know which to choose. Mbandanije kubaho mu mubiri, vyotuma nama ivyamwa vyinshi kubwa Kristo. Mu vy’ukuri, sinzi ico nohitamwo!
23 Torn between the two, I want to leave and be with Christ—far better, Numva vyose binkwega: gupfa nkigira kubana na Kristo, ni vyo birushirije kuba vyiza kuri jewe,
24 but to remain in the body is more necessary for your sake. ariko ku bwanyu, iciza ni uko nobandanya kubaho mu mubiri.
25 Convinced of this, I know I'll remain and stay with you all, for your progress and joy in the faith, Kandi kubera ivyo ndazi ntakekeranya ko nzokomeza kubaho, kugira ngo nkomeze kubafasha gukura no kwumva umunezero uva mu kwizera.
26 so your boasting in Christ Jesus may overflow because of me, when I come to you again. Ivyo bizotuma ninagaruka iwanyu, muzorushiriza kunezerwa muri Kristo Yesu kubera ibikorwa vyiza ariko arakorera muri mwebwe.
27 Just live worthy of the gospel of Christ, so that whether I come and see you, or am absent, I hear you stand firm in one spirit, contending together with one mind for the gospel's faith, Muri vyose, mugire ingeso zijanye n’Ubutumwa Bwiza bwa Kristo kugira ngo, ninashobora kuza tukongera tukabonana canke bidashobotse, nzokwumve ko mushikamye kandi muri umwe mu Mpwemu, mufise umutima umwe, mugwanira ukwizera kuva ku Butumwa Bwiza.
28 and not scared of your opponents at all—proof to them of their destruction, but of your salvation, and that from our Father. Ntimuterwe ubwoba n’ababagwanya. Ico ni co kizobabera ikimenyetso ko bagiye kurandurwa, ariko ko mwebwe mugiye kuronka agakiza, na ko kakaba kava ku Mana yonyene.
29 For it has been graciously granted to you, for Christ's sake, not only to believe in him but also to suffer for him, Kuko mutagiriwe ubuntu bwo kwizera Kristo gusa, ahubwo mwahawe n’ubwo gushobora kubabazwa ku bwiwe.
30 going through the same struggle you saw me face, and now hear that I still face. Turi kumwe muri iyo ntambara. Mwarabonye ingene nayigwanye muri kahise, kandi murazi ko n’ubu nkiri muri yo.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]