Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Philippians 3 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Finally, brothers and sisters, rejoice in the Lord. Writing the same things again is no trouble for me, and it protects you. Bene Data, munezerwe mu Mwami mu vyo mucamwo vyose! Ibi ntibindambira gusubira kubibandikira, kuko ari kugira ngo bizigame ukwizera kwanyu.
2 Watch for the dogs, watch for the evil workers, watch for those who mutilate the flesh. Mwirinde za mbwa, mwirinde za nkozi z’ibibi, bamwe bikebagura bakababwira ko mutegerezwa gukebwa kugira ngo mukizwe.
3 We are the circumcision—worshiping by the Spirit of our Father, boasting in Christ Jesus, trusting nothing in the flesh, Kuko, twebwe dusengera Imana muri Mpwemu, tukirata Kristo Yesu, kandi ntitwishimire ivy’uwu mubiri, ni twebwe twakebwe ugukebwa kw’ukuri.
4 though I too could have confidence in the flesh. If anyone else thinks he has grounds for confidence in the flesh, I have more: Ariko, jewe noronka ivyo nishimira bivuye mu nkomezi zanje, kurusha uwari we wese. Mu vy’ukuri nimba hariho abandi bafise ibituma bishimira ibivuye mu nkomezi zabo, jewe ndabarusha.
5 Circumcised the eighth day; Israelite by birth, from Benjamin's tribe; Hebrew of Hebrews; a Pharisee under the law. Nakebwe ku musi ugira umunani, ndi Umwisirayeli ku bw’amaraso, ngakomoka mu muryango wa Benyamini, ndi Umuheburayo w’ukuri; ku vyerekeye ivyagezwe, ndi Umufarisayo;
6 In zeal, persecuting the church; in righteousness under the law, blameless. ku vyerekeye ishaka, nahama ishengero, kandi ku vyerekeye ukugororoka kuzanwa n’ivyagezwe, nta mugayo wambonekako.
7 But whatever was gain to me, I now count as loss for the sake of Christ. Ariko ivyo n’aho nahora nibaza ko bifise agaciro, ubu ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi, kubera ivyo Kristo yakoze.
8 Yes, I count everything as loss because of the priceless worth of knowing Christ Jesus my Lord. For his sake I've lost all things, and count them garbage, so I may gain Christ, Ikirengeye ivyo vyose, n’uko ubu ibintu vyose ndavyiyumvira nk’ibitagira ikimazi kubera namenye ikibirengeye ari co Kristo Yesu, Umwami wanje. Ku bw’uwo, nahevye ibindi vyose, ndabihindura ubusa kugira ngo ndonke Kristo,
9 and be found in him, not having my own righteousness from the law, but that through faith in Christ—the righteousness from our Father based on faith, kandi mboneke ndi muri we, ntafise ukugororoka kwanje kuzanwa no kwubahiriza ivyagezwe, ariko mfise ukugororoka kuzanwa n’ukwizera Kristo. Kuko inzira y’Imana mu kuduhindura abagororotsi imbere yayo ica ku kwizera.
10 so I may know him, his resurrection's power, sharing his sufferings, becoming like him in death, Nipfuza kumenya Kristo no kumenya burya bushobozi bwamuzuye mu bapfuye no gusangira na we imibabaro yiwe, nse na we no mu rupfu rwiwe,
11 if somehow I may attain to the resurrection from the dead. kugira ngo nanje nzobe mw’izuka ry’abapfuye.
12 Not that I have already obtained it, or am already perfected, but I press on to grasp that for which Christ Jesus grasped me. Singomba kuvuga ko ivyo maze kubishikira, canke ko maze gutunganywa rwose. Ariko, ndabandanya kugira ngo nshikire ukwo gutunganywa kwatumye Kristo Yesu amfata.
13 Brothers, I don't count myself as having grasped it yet. But one thing: forgetting what's behind, reaching for what's ahead, Bene Data, siniyumvira ko maze gufata ico ndondera. Ariko, ico nkora ni iki kimwe: Nibagira ivyarenganye, ngakurikira ibiri imbere.
14 I press toward the goal for the prize of our Father's heavenward call in Christ Jesus. Ndabandanya kugira ngo nshike ku mpera y’umuhamagaro, hanyuma ndonke impera yo mw’ijuru, iyo Imana yaduhamagariye muri Kristo Yesu.
15 Let all of us who are mature think this way; if you think differently on anything, our Father will reveal that to you too. Abakuze mu kwizera twese twiyumvire dutyo. Nihagira ico tutumva co kimwe, Imana izokibatahuza.
16 Only let us hold true to what we have already attained. Ariko ivyo tumaze gutahura tubigenderemwo.
17 Brothers, imitate me together, and watch those who live by the pattern you have in us. Bene Data, mumfatireko akarorero, kandi mwigire kuri abo bose bakurikiza akarorero kacu.
18 Many live as enemies of Christ's cross—I've told you this often, and now say it in tears. Nari maze kubibabwira kenshi, kandi n’ubu ndongeye ndabibasubiriyemwo n’amarira menshi, ko hari benshi bigenza nk’abansi b’umusaraba wa Kristo.
19 Their end is destruction, their god the stomach, their glory their shame, minds fixed on earthly things. Iherezo ryabo ni ukurandurwa. Imana yabo ni inda yabo, kandi ivyobateye isoni ni vyo bihimbaro vyabo. Nta kindi biyumvira atari ivy’iyi si gusa.
20 But our citizenship is in heaven; from there we eagerly await a Savior, the Lord Jesus Christ, Ariko twebwe iwacu ni mw’ijuru, ni ho twiteze ko Umukiza azozanana, ni Umwami Yesu Kristo.
21 who will transform our lowly body to match his glorious body, by the power that subjects all things to himself. Azofata uwu mubiri wacu w’intege nke kandi upfa, akawuhindure umubiri w’ubwiza usa n’uwiwe, muri bwa bushobozi afise bumushoboza gushira vyose musi y’inganji yiwe.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]