Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Philippians 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 So, my dear, longed-for brothers and sisters, my joy and crown, stand firm in the Lord this way, dear ones. None rero, bene Data, abo nkunda kandi nipfuza cane kubona, mwebwe munezero wanje n’igitsibo canje, muhagarare mushikamye mu Mwami Yesu, bakunzi banje.
2 I urge Euodia and I urge Syntyche to agree with each other in the Lord. Ndinginze Ewodiya na Sintike ngo basubize hamwe mu Mwami.
3 Yes, I ask you too, true partner: help these women—they struggled with me for the gospel, along with Clement and my other coworkers, whose names are in the book of life. Kandi ndakwinginze nawe dufatanije mu gikorwa, ngo ufashe abo bagore, kuko babanye nanje cane mu gikorwa co kubwira abandi Ubutumwa Bwiza, co kimwe na Kelementi n’abandi twakoranye, abo amazina yabo yanditswe mu gitabu c’ubugingo.
4 Rejoice in the Lord always; again I will say, rejoice. Mwame munezerewe mu mwami, ndabisubiyemwo ubugira kabiri: nimunezerwe.
5 Show your gentleness to everyone. The Lord is near. Ubugwaneza bwanyu bumenywe n’abantu bose, kuko Umwami wacu ari hafi.
6 Worry about nothing; instead, in everything, through prayer and petition with thanksgiving, make your requests known to our Father. Ntimukiganyire ku kintu na kimwe, ariko ivyo mukeneye vyose mubimenyeshe Imana mu gusenga no mu kwinginga, bifatanije no gukenguruka.
7 The peace of our Father, beyond all understanding, will guard your hearts and your minds in Christ Jesus. Maze amahoro y’Imana arengeye ugutahura kw’abantu azoca aza, azigamire imitima yanyu n’ubwenge bwanyu muri Kristo Yesu.
8 Finally, brothers, fix your minds on whatever is true, honorable, right, pure, lovely, admirable, excellent, and praiseworthy—and keep dwelling on these things. Ibisigaye bene Data, mushire ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukuri vyose, ivy’ukwubahwa vyose, ivy’ukugororoka vyose, ibitunganye vyose, ivy’igikundiro vyose, ibishimwa vyose. Ivyo abe ari vyo mwiyumvira.
9 What you have learned and received and heard and seen in me—do these things, and our Father of peace will be with you. Ivyo mwigishijwe canke mwanyumvanye, canke ivyo mwambonyeko, mubishire mu ngiro. Imana y’amahoro izobana namwe.
10 I rejoiced greatly in the Lord that at last you renewed your concern for me—you were indeed concerned, but lacked opportunity. Ndanezerewe cane mu Mwami kuko mwasubiriye kunyitaho. Ndazi ko mwamye munyitaho kuva kera ariko ntimwari bwaronke akaryo ko kubingaragariza.
11 Not that I speak from need—I've learned to be content in any circumstance. Ibi sindabivugishijwe n’ubukene, kuko muri vyose namenyereye kubumbwa n’ivyo mfise.
12 I know how to be brought low, and I know how to overflow. In any and every circumstance I've learned the secret: full and hungry, overflowing and lacking. Ndazi ico ari co kuba mu bukene, kandi ndazi kubaho mu musesekara. Narize ibanga ryo kubaho muri vyose, haba mu gahimbo canke mu nzara, haba mu musesekara canke mu bukene.
13 I can do all things through Christ who strengthens me. Nshobozwa vyose na Kristo ampa inkomezi.
14 Yet it was kind of you to share my trouble. Mwagize neza kwifatanya nanje mu mibabaro ndimwo.
15 You Philippians know too: when the gospel began, when I left Macedonia, no church shared with me in giving and receiving except you alone. Kandi nk’uko mubizi mwese ab’i Filipi, mu misi ya mbere igihe Ubutumwa Bwiza bwabashikira, igihe nagomba kuja i Makedoniya, ata rindi shengero na rimwe ryamfashishije ivyo nari nkeneye, atari mwebwe,
16 Even in Thessalonica you sent me help for my needs more than once. kuko n’igihe nari i Tesalonike, mwagumye mundungikira ivyo nari nkeneye.
17 Not that I seek the gift, but I seek the fruit that increases to your credit. Ibi sindabivugishijwe no gushaka ibindi, ariko nipfuje kubashimira ku neza mwangiriye.
18 I have received full payment, and more—filled, having received from Epaphroditus your gifts, a fragrant offering, a sacrifice acceptable and pleasing to our Father. Ubu mfise ivyo nkeneye vyose, ndetse n’umusesekara, kuko naronse ingabire nyinshi mwarungikanye Epafurodite. Zimeze nk’amavuta amota neza, ikimazi cemerwa, gihimbara Imana.
19 And my Father will supply all your needs according to his riches in glory in Christ Jesus. Imana izobaha ivyo mukeneye vyose nk’uko ubutunzi bw’ubwiza bwayo butangaje buri muri Kristo Yesu.
20 Now to our Father be glory forever and ever. Amen. Icubahiro kibe ic’Imana Data wa twese ibihe vyose, Amen.
21 Greet every saint in Christ Jesus. The brothers who are with me greet you. Mundamukirize abera bose muri Kristo Yesu. Bene Data turi kumwe barabatasha.
22 All the saints greet you, especially those of Caesar's household. Abera bose barabatasha, na canecane abo mu nzu kwa Kayisari.
23 The grace of the Lord Jesus Christ be with your spirit. Amen. Ubuntu bw’Umwami wacu Yesu Kristo bubane n’impwemu yanyu. Amen.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]