Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Malachi 4 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Look—a day is coming, burning like a furnace, when all the arrogant and every wrongdoer will be stubble; that day will set them ablaze, says the Father of heaven's armies, leaving them neither root nor branch. “Nta nkeka uwo musi uraje, kandi uje waka nk’itanure. Abibona n’inkozi z’ibibi bazoba nk’ubwatsi bwumye, kandi uwo musi uje uzobatongora,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze. “Nta kimeze nk’umuzi canke ishami kizosigara kuri bo.
2 But for you who fear my name, the sun of righteousness will rise with healing in its wings, and you'll go out leaping like calves from the stall. Ariko mwebwe muhindira agashitsi imbere y’izina ryanje, izuba ry’ubugororotsi rizobarasira, rifise ugukiza mu mishwarara yaryo. Maze muzosohoka mwishire mwizane, mutamba mwiginagura nk’uko inyana ziginagura iyo zisohowe ziva mu ruhongore.
3 You will trample the wicked, for they will be ashes under the soles of your feet on the day I act, says the Father of heaven's armies. Kandi ku musi nzokorerako ivyo, muzohonyanga inkozi z’ibibi, babe nk’umukungugu musi y’ibirenge vyanyu,” ni ko Uhoraho Mushoboravyose avuze.
4 "Remember the instruction of my servant Moses, the statutes and judgments I commanded him at Horeb for all Israel. Nimwibuke Ivyagezwe vy’umusavyi wanje Mose, amabwirizwa n’ivyagezwe namugereye i Horebu kubw’Abisirayeli bose.
5 See, I will send you Elijah the prophet before the great and awesome day of our Father comes. “Raba nzobarungikira Eliya uwuvugishwa n’Imana, imbere y’uko uwo musi w’Uhoraho uteye ubwoba ushika.
6 He will turn the hearts of fathers to their children and the hearts of children to their fathers, so I will not come and strike the land with utter destruction." Ubutumwa bwiwe buzosubiza imitima y’abavyeyi ku bana babo, n’imitima y’abana ku bavyeyi babo. Ahandi ho nzoza ndanduze isi umuvumo.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]