Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 7 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 After he had finished saying all this to the people, he entered Capernaum. Yesu ahejeje kwigisha abantu muri ayo majambo yose, aca aja i Kaperinawumu.
2 A centurion's servant who was dear to him was sick and at the point of death. Aho hari umusoda mukuru w’Umuroma yari afise umukozi yakunda cane. Uwo mukozi yari agwaye, ari hafi yo gupfa.
3 Hearing about Jesus, the centurion sent Jewish elders, asking him to come and heal his servant. Yumvise inkuru za Yesu, aca arungika bamwe mu bakuru b’Abayuda, ngo bamwinginge aze akize umukozi wiwe.
4 Reaching Jesus, they pleaded urgently: he deserves to have you do this for him, Bashitse aho Yesu ari, baramwinginga bashimitse bati: “Uwu muntu birakwiye ko umufasha,
5 for he loves our nation, and he is the one who built us our synagogue. kuko arakunda ihanga ryacu kandi yaratwubakiye n’isinagogi.”
6 Jesus went with them. He was nearly at the house when the centurion sent friends to say, "Lord, don't trouble yourself—I'm not worthy for you to enter under my roof. Yesu aca ajana na bo. Ari hafi yo gushika, wa musoda aca arungika abagenzi biwe ngo baje kumubwira bati: “Mwami, ntiwirirwe urigora, kuko ntibimbereye kukwakira mu nzu yanje.
7 So I did not presume to come to you. But say the word, and let my servant be healed. Simbereye no kuza aho uri ngo duhure. Ariko vuga ijambo rimwe gusa, umukozi wanje arakira.
8 For I too am a man under authority, with soldiers under me. I tell one, 'Go,' and he goes; another, 'Come,' and he comes; my servant, 'Do this,' and he does it." Kuko nanje ndafise abantegeka kandi mfise n’abasoda ntegeka. Iyo mbwiye umwe nti: ‘Genda,’ aca agenda; nabwira uwundi nti: ‘Ngwino,’ agaca aza; kandi iyo mbwiye umukozi wanje nti ‘Kora iki,’ aca agikora.”
9 Hearing this, Jesus was amazed at the centurion, turned to the crowd following him, and said, "I tell you, I have not found such faith even in Israel." Yesu avyumvise aratangara cane, aca arahindukira abarira abo bari kumwe ati: “Ndababwire ukuri, sinari bwabone uwufise ukwizera gukomeye nk’uku no muri Isirayeli.”
10 And when those who had been sent returned to the house, they found the servant well. Maze bamwe bari batumwe baragaruka, basanga wa mukozi yakize.
11 Soon after, he went to a town called Nain, with his disciples and a big crowd. Inyuma y’ivyo Yesu aca amanuka mu gisagara citwa Nayini, ari kumwe n’abigishwa hamwe n’isinzi ry’abantu bamukurikiye.
12 As he neared the town gate, a dead man was being carried out—an only son to his mother, a widow—and a large crowd from the town was with her. Ageze hafi y’irembo ry’igisagara, haza abantu bagiye guhamba umuntu. Yari umuhungu w’ikinege kandi nyina yari umupfakazi. Hariho kandi n’isinzi ry’abantu bo muri ico gisagara bari bamuherekeje.
13 When the Lord saw her, he felt compassion for her and said, "Don't cry." Umwami Yesu abonye uwo muvyeyi, amugirira impuhwe, aca amubwira ati: “Reka kurira!”
14 He stepped up and touched the bier; the carriers stopped, and he said, "Young man, I tell you, get up." Maze Yesu yegera isandugu yarimwo ikiziga, abari bayiteruye baca barahagarara. Hanyuma avuga ati: “Muhungu, ndakubwiye, haguruka!”
15 And the dead man sat up and began to speak, and Jesus gave him to his mother. Wa muhungu yari yapfuye aravyuka, atangura kuvuga, Yesu aca amusubiza nyina.
16 Fear gripped them all; they praised our Father: "A great prophet has risen among us!" "Our Father has visited his people!" Abari aho bose baterwa n’ubwoba, bongera bashima Imana, bati: “Uwuvugishwa n’Imana ahambaye yatwiyeretse, Imana yaje gutabara abantu bayo.”
17 And this report about him spread through the whole of Judea and all the surrounding country. Nuko inkuru ya Yesu ikwira i Yudaya hose no mu micungararo yaho.
18 John's disciples told him all these things. Then John called two of his disciples, Maze abigishwa ba Yohana Umubatizi baragenda bamubwira ivyo Yesu ariko arakora vyose. Aca ahamagara babiri muri bo,
19 sent them to the Lord: "Are you the one who is to come, or should we look for another?" abatuma kubaza Umwami Yesu bati: “Mbega ni wewe twari twiteze ko uzoza canke twitege uwundi?”
20 When the men reached him, they said, "John the Baptist sent us to you, asking, 'Are you the one who is to come, or should we expect someone else?'" Bashikiriye Yesu bamubwira bati: “Yohana Umubatizi adutumye ngo tukubaze: ‘Woba uri umwe yategerezwa kuza, canke turindire uwundi?’ ”
21 In that hour he healed many of diseases, plagues, and evil spirits, and gave sight to many blind. Ako kanya nyene Yesu aca akiza abantu benshi bari bafise ingwara n’ubumuga butandukanye, ababoshwe n’impwemu mbi, ahumura n’impumyi nyinshi.
22 He answered them, "Go tell John what you've seen and heard: the blind see, the lame walk, lepers become clean, the deaf hear, the dead rise, and the poor hear good news. Maze abarira ba bigishwa ati: “Genda mubarire Yohana ivyo mwabonye n’ivyo mwumvise: abahumye barahumuka, abamugaye baragenda, abanyamibembe barahumanuka, abatumva barumva, abapfuye barazuka, kandi aboro barabwirwa Ubutumwa Bwiza.
23 And blessed is the one who is not offended by me." Hahiriwe umuntu adatsitazwa n’ivyanje.”
24 When John's messengers left, Jesus spoke to the crowds about John: "What did you go into the wilderness to see? A reed swaying in the wind? Ba bigishwa bamaze kugenda, Yesu aca atangura kuvuga ivyerekeye Yohana Umubatizi, ati: “Mbega mwagiye kuraba iki mu bugaragwa? Ni irenga rizungagizwa n’umuyaga?
25 What then did you go out to see? A man dressed in soft clothes? Look—those dressed in splendor, living in luxury, are in kings' palaces. Nimba atari uko, mwari mwagiye kuraba iki? Umuntu yambaye impuzu z’igiciro kinini? Si vyo, kuko abambara impuzu z’igiciro kinini, n’abiyamira mu bikayangana baba mu ngoro z’abami.
26 But what did you go out to see—a prophet? Yes, I tell you: more than a prophet. None mwagiye kuraba iki? Uwuvugishwa n’Imana? Ego cane, mbere ndababwiye ko mwagiye kuraba uwuruta uwuvugishwa n’Imana.
27 This is the one Scripture speaks of: 'Look, I'm sending my messenger ahead of you to prepare your way before you.' Kuko uwo ni we Ivyanditswe bivugako ngo: ‘Ngira ndungike intumwa yanje imbere yawe, igutegurire inzira.’
28 I tell you: no one born of women is greater than John—yet the least in our Father's kingdom is greater than he." Ndababwire ukuri, mu bantu bose bavyawe n’abagore, nta wuruta Yohana; ariko umuntu mutoya musi y’abandi mu Bwami bw’Imana arahambaye kumuruta.”
29 (When all the people, including the tax collectors, heard this, they declared our Father just, having been baptized with John's baptism, Maze abantu bose, harimwo n’abatozakori, bumvise ayo majambo ya Yesu, baca baremera ko inzira z’Imana zigororotse, kuko bari babatijwe na Yohana.
30 but the Pharisees and lawyers rejected our Father's purpose for themselves, not baptized by him.). Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bo baranse umugambi w’Imana kuri bo, kuko banse ko Yohana ababatiza.
31 "To what then should I compare the people of this generation, and what are they like? Yesu yongera kubabwira ati: “Mbega ab’uru runganwe nobagereranya n’iki? Bameze gute?
32 They are like children sitting in the marketplace, calling to each other: 'We played the flute for you, and you didn't dance; we sang a dirge, and you didn't weep.' Bameze nk’abana bicaye ku mbuga, bahamagara bagenzi babo bakababarira bati: ‘Twabavugirije umwironge, ariko ntimwatamvye; hanyuma tubaririmbira indirimbo z’ikigandaro, ntimwarira.’
33 For John the Baptist came eating no bread, drinking no wine, and you say, 'He has a demon.' Kuko Yohana Umubatizi yaje atarya, atanywa n’umuvinyu, muca muvuga ngo: ‘Arimwo dayimoni.’
34 The Son of Man came eating and drinking, and you say, 'See, a glutton and a drunkard, a friend of tax collectors and sinners!' Umwana w’Umuntu na we aza arya, kandi anywa, muca muvuga ngo: ‘Ni umukunzi w’inda kandi ni imborerwa, agendana n’abatozakori n’abandi banyavyaha.’
35 Yet wisdom is justified by all her children." Ariko icerekana ubwenge bw’Imana ni ubuzima bw’ababwakiriye.”
36 A Pharisee invited him to eat with him; he went into the Pharisee's house and reclined at the table. Maze umwe mu Bafarisayo atumira Yesu ngo amuzimane. Nuko Yesu aragenda, yinjira mu nzu yiwe, yicara ku meza.
37 A woman in the city, a sinner, learned he was reclining at table in the Pharisee's house and brought an alabaster bottle of perfume. Hanyuma umugore umwe wo muri ico gisagara yari azwi nk’umunyavyaha yumva ko Yesu ariko afungurira mu nzu y’uwo Mufarisayo. Aca aza azanye icupa ririmwo amavuta amota cane y’igiciro kinini,
38 Standing behind him at his feet, weeping, she began wetting his feet with her tears, wiped them with her hair, kissed his feet, and anointed them with the perfume. apfukama i ruhande y’ibirenge vya Yesu arira, ajojotereza amosozi yiwe ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, arabisomagura yongera abisiga ya mavuta.
39 Seeing this, the Pharisee who'd invited him thought, "If he were a prophet, he'd know who's touching him and what kind of woman she is—a sinner." Wa Mufarisayo yamutumira abibonye, atangura kwivugana mu mutima ati: “Iyaba uwu muntu yari uwuvugishwa n’Imana, yari kumenya uwuriko aramukorako, n’ubuzima bw’uwo mugore, ko ari umunyavyaha.”
40 Jesus replied to him, "Simon, I have something to say to you." He said, "Say it, Teacher." Yesu aca aramubwira ati: “Simoni, ndafise ico ndakubwira.” Simoni na we ati: “Mbarira, Mwigisha!”
41 "A certain moneylender had two debtors. One owed 500 denarii, and the other fifty. Yesu aca amucira umugani ati: “Habaye muntu yaguranye idenariyo abantu babiri. Umwe amuha amajana atanu, uwundi mirongo itanu.
42 Since neither could pay, he canceled both debts. So which of them will love him more?" Abonye ata n’umwe muri abo ashoboye kumwishura, aca azibahebera bompi. None ni nde muri abo babiri azomukunda cane?”
43 Simon answered, "I suppose the one he forgave the larger debt." Jesus said, "You judged rightly." Simoni na we arishura ati: “Nibaza ko ari uwo yahebewe menshi.” Yesu aca amubwira ati: “Wishuye neza.”
44 Turning to the woman, he told Simon, "Do you see this woman? I entered your house—you gave no water for my feet, but she wet my feet with her tears and wiped them with her hair. Aca arahindukira araba wa mugore, hanyuma abwira Simoni ati: “Wabonye uwu mugore? Aho ninjira mu nzu yawe ntiwampaye amazi yo kwoza ibirenge, ariko we yatotesheje ibirenge vyanje n’amosozi yiwe, abihanaguza umushatsi wiwe.
45 You gave me no kiss, but she, from when I came in, hasn't stopped kissing my feet. Ntiwangumbiriye mu kundamutsa, ariko kuva ninjira ntahengeshanya kunsomagura ku birenge.
46 You did not anoint my head with oil, but she has anointed my feet with perfume. Ntiwansize amavuta ku mutwe, ariko we yansize amavuta amota cane ku birenge.
47 So I tell you, her many sins are forgiven, because she loved much. But whoever is forgiven little loves little." Ni co gituma, nanje ndakubwiye ko, yerekanye urukundo rwinshi kuko yahariwe ivyaha vyiwe vyinshi. Ariko uwahariwe bike, yerekana urukundo ruke.”
48 And he said to her, "Your sins are forgiven." Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ivyaha vyawe urabihariwe.”
49 Then his fellow guests began asking each other, "Who is this, who even forgives sins?" Abandi batumire baca batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni nde, aho yubahuka kuvuga ko aharira abantu ivyaha?”
50 And he said to the woman, "Your faith has saved you; go in peace." Yesu aca abarira wa mugore ati: “Ukwizera kwawe gutumye uronka agakiza, igire amahoro.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]