Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 8 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Soon after, he traveled through towns and villages, preaching and announcing the good news of our Father's kingdom. The twelve were with him, Hanyuma y’ivyo, Yesu agendagenda mu bisagara no mu mihana, avuga Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana. Bamwe cumi na babiri bari kumwe na we,
2 and some women healed of evil spirits and illnesses: Mary, called Magdalene, from whom seven demons had left, hamwe n’abagore yabohoye baboshwe n’impwemu mbi, akabakiza n’izindi ngwara, ari bo Mariya Magadalena yirukanywemwo abadayimoni indwi,
3 and Joanna, wife of Chuza, manager for Herod, and Susanna, and many others, who supported them from their own resources. Yowana muka Kuza; umunyabigega wa Herode, Suzana hamwe n’abandi benshi. Abo bagore bashigikira Yesu n’abigishwa biwe bakoresheje uburyo bwabo.
4 As a large crowd gathered, with people from every town coming to him, he spoke in a parable: Umusi umwe, abantu benshi bari bakoranye bavuye mu bisagara bitandukanye, maze Yesu abacira uwu mugani ati:
5 "A sower went out to sow. As he sowed, some seed fell on the path, got trampled, and birds of the sky ate it. “Habaye umurimyi yagiye kubiba imbuto ziwe. Ariko arabiba, zimwe zigwa i ruhande y’inzira, maze abantu barazihonyanga, kandi inyoni zo mu kirere ziraza zirazinobagura.
6 Other seed fell on rock; sprouting, it withered from lack of moisture. Izindi zigwa ku rutare; zimeze zica ziruma kuko hatari habomvye.
7 Some fell among the thorns, and the thorns grew up with it and choked it. Izindi na zo zigwa mu mahwa; zimeze zikurana na yo, aca arazinyoha.
8 Other seed fell on good soil, grew, and yielded a hundredfold." Saying this, he called out, "Whoever has ears to hear, let him hear." Ariko hariho n’izaguye mw’ivu ryiza, zirakura kandi zirama, zimbuka incuro ijana.” Ahejeje kubacira uwo mugani, yongerako ati: “Uwufise amatwi yumva, niyumve.”
9 His disciples asked him what this parable meant. Abigishwa biwe baca bamubaza insiguro y’uwo mugani.
10 He said, "You've been given to know the secrets of our Father's kingdom; the rest get parables, so that 'seeing they may not see, and hearing they may not understand.'" Na we ababwira ati: “Ni mwebwe mwahawe kumenya amabanga y’ivy’Ubwami bw’Imana. Ariko ku bandi nkoresha imigani kugira ngo, ‘naho baraba ntibabone, kandi naho bumviriza ntibatahure.’
11 "Now the parable is this: The seed is the word of our Father. Iyi ni yo nsiguro y’uwu mugani: imbuto ni ijambo ry’Imana.
12 Those along the path are the ones who hear; then the devil comes and takes the word from their hearts, so they won't believe and be saved. Imbuto zaguye aho abantu baca, ni abantu bumva Ijambo ry’Imana, ariko Satani agaca aza akarikura mu mitima yabo kugira ngo ntibizere, maze ngo bakizwe.
13 Those on the rock hear the word and receive it with joy, but have no root; they believe for a while, then fall away in time of testing. Imbuto zaguye ku rutare: ni abantu bakirana umunezero, ijambo ry’Imana, ariko kubera batarireka ngo rishinge imizi muri bo, bizera akanya gato. Hagize ibibagerageza, baca bata ukwizera.
14 What fell among thorns: these are those who hear, but as they go, life's worries, wealth, and pleasures choke them, and their fruit never matures. Imbuto zaguye mu mahwa: ni abantu bamaze kwumva ijambo ry’Imana, imyitwarariko y’ivy’ubu buzima, ubutunzi n’ibihimbaro vy’iyi si bica biza bikanyoha iryo jambo ryatewe muri bo, hanyuma mu buzima bwabo ntibigere bakura, ngo bame imbuto nziza.
15 But the one in good soil: these hear the word with an honest, good heart, hold it firmly, and bear fruit through perseverance." Ariko imbuto zaguye mw’ivu ryiza, ni abantu bamaze kwumva ijambo ry’Imana, baryakirana umutima mwiza kandi ukunze, maze bakarigumya; hanyuma kubera ukwihangana, bakama ivyamwa vyinshi.
16 "No one lights a lamp, covers it with a jar, or puts it under a bed; instead, he sets it on a stand, so those entering can see the light. Nta wudomeka itara hanyuma ngo aryubikeko igiseke canke ngo arinyegeze musi y’uburiri. Ahubwo aritereka ku giterekwako itara kugira ngo riboneshereze abinjira mu nzu.
17 For nothing is hidden that won't be revealed, nothing secret that won't be known and brought to light. Kuko ata canyegejwe kitazoshirwa ahabona, kandi ata cagizwe ibanga kitazomenyekana.
18 So watch how you listen, for whoever has, more will be given to him; whoever has not, even what he thinks he has will be taken away." Nuko rero mwiyubare ku vyo mwumva. Uwufise azokwongererezwa, uwudafise na we azokwakwa n’ivyo yari afise.”
19 His mother and brothers came to him but couldn't reach him because of the crowd. Nyina wa Yesu na bene nyina baje kumuraba babura aho baca ngo bamushikire kuko hari abantu benshi cane.
20 And he was told, "Your mother and your brothers are standing outside, wanting to see you." Umuntu umwe aca amubwira ati: “Nyoko na bene nyoko bahagaze hanze, bariko barakurondera.”
21 But he answered them, "My mother and my brothers are those who hear the word of our Father and do it." Yesu amwishura ati: “Mama na bene mama ni abo bumva ijambo ry’Imana bakaryumvira.”
22 One day he and his disciples got into a boat. He said to them, "Let us cross over to the other side of the lake." So they set out. Umusi umwe Yesu yabariye abigishwa biwe ati: “Tujabuke tuje hakurya y’ikiyaga.” Nuko batambukira mu bwato, bafata urugendo.
23 As they sailed, he fell asleep. A windstorm swept down on the lake; the boat filled with water, and they were endangered. Bakiriko barasoza, Yesu arasinzira. Haca haduka umuyaga mwinshi mu kiyaga, maze ubwato butangura kwuzura amazi; bari bageramiwe cane.
24 They woke him, saying, "Master, Master, we're dying!" He got up, rebuked the wind and the raging water; they stopped, and it grew calm. Abigishwa baca baja kumuvyura bavuga bati: “Mwigisha, mwigisha, turapfuye!” Nuko aravyuka akankamira uwo muyaga n’imipfunda, igihuhusi kirahagarara, ubwo nyene haba agahwekere!
25 He asked them, "Where is your faith?" Afraid and amazed, they said to each other, "Who then is this? He commands even the winds and water, and they obey him." Yesu aca abaza ba bigishwa ati: “Ukwizera kwanyu kuri he?” Maze baratangara, bagira n’ubwoba bwinshi, batangura kubazanya bati: “Mbega uwu ni umuntu ki? Ategeka umuyaga n’amazi kandi bikamwumvira!”
26 Then they sailed to the region of the Gerasenes, which is opposite Galilee. Nuko barasoza bashika mu ntara ya Gerasene, hakurya y’ikiyaga harabana n’i Galilaya.
27 As Jesus stepped onto land, a demon-possessed man from the city met him. For a long time he'd worn no clothes and stayed not in a house but among the tombs. Yesu atambukiye ku nkengera y’ikiyaga, asanganirwa n’umugabo yarimwo abadayimoni, aje ava mu gisagara. Yari amaze igihe kirekire atambara impuzu canke ngo abe mu nzu; yaba mw’itongo ry’abapfuye.
28 Seeing Jesus, he cried out, fell before him, and said loudly, "What do you want with me, Jesus, Son of the Most High God? I beg you, don't torment me!" Abonye Yesu, aca akoma induru, yikubita ku birenge vyiwe, asemerera n’ijwi rirenga ati: “Undonderako iki ga Yesu, Mwana w’Imana Musumbavyose? Ndakwinginze ntunkubagure imibabaro!”
29 Jesus had ordered the unclean spirit out of the man, for it had often seized him; though guarded and bound with chains and shackles, he would break them and be driven by the demon into the wilderness. Ivyo yabivuze kuko Yesu yari yategetse iyo mpwemu mbi kumuvamwo. Kenshi iyo mpwemu mbi imufashe, naho bamubohesha iminyororo n’amaguru yiwe bakayashira mu vyuma kugira ngo agume hamwe, yarabicagagura, iyo mpwemu mbi igaca imutwara kuyerera mu gahinga.
30 Jesus asked him, "What is your name?" He said, "Legion," for many demons had entered him. Yesu arayibaza ati: “Witwa nde?” Na yo iramwishura iti: “Nitwa Gitero,” kuko yarimwo abadayimoni benshi.
31 And they begged him not to command them to depart into the abyss. Abo badayimoni binginga Yesu ngo ntabarungike i kuzimu.
32 A large herd of pigs was feeding on the hillside there. The demons begged him to let them enter the pigs, and he allowed it. Hafi y’aho hari umukuku w’ingurube nyinshi zari ziragiwe ku musozi. Abo badayimoni binginga Yesu ngo abarungike muri izo ngurube, maze arabemerera.
33 So the demons left the man and entered the pigs; the herd rushed down the cliff into the lake and drowned. Nuko ba badayimoni bava muri wa muntu, binjira muri za ngurube, na zo ziriruka zimanuka, zisuka mu kiyaga ziradwibira, zicwa n’amazi.
34 Herdsmen saw it, fled, and reported it in the city and in the countryside. Abari baragiye izo ngurube babibonye baca bariruka, baja kubivuga mu gisagara no mu mihana.
35 The crowd came out to see what had happened. Reaching Jesus, they found the man freed of demons sitting at Jesus' feet, dressed and clear-minded—and fear seized them. Maze abantu bava mu gisagara baza kuraba ivyabaye. Bashitse aho Yesu ari, babona uwo muntu yavuyemwo abadayimoni, yicaye imbere ya Yesu, yambaye kandi afise ubwenge bukwiye, na bo bagira ubwoba.
36 And those who had seen it told them how the demon-possessed man had been healed. Ababonye uko vyagenze baca babiganira ingene uwo muntu yari aboshwe n’abadayimoni yakize.
37 All the people of the Gerasene region asked him to leave them, because great fear gripped them. So he boarded the boat and went back. Nuko abantu bose bo mu ntara y’Abagerasene binginga Yesu ngo abavireho, kuko bari bagize ubwoba bwinshi. Yesu aca yurira ubwato arigira.
38 The man the demons had left begged to go with him, but Jesus sent him away, saying, Wa mugabo yakize abadayimoni yinginga Yesu ngo bajane, ariko Yesu aramurungika, amubwira ati:
39 "Return home; tell how much our Father has done for you." He went, proclaiming throughout the whole city how much Jesus had done for him. “Subira i muhira ubarire abantu ivyo Imana yagukoreye.” Wa muntu aca arataha aca hose mu gisagara, agenda arabwira abantu ivyo Yesu yamukoreye.
40 Now when Jesus returned, the crowd welcomed him, for they were all waiting for him. Yesu asubiye inyuma asanganirwa n’abantu benshi cane bari bamurindiriye.
41 A man named Jairus, a synagogue leader, came and fell at Jesus' feet, begging him to come to his house, Umugabo yitwa Yayiro, yari umukuru w’isinagogi, araza yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu aramwinginga ngo bajane i muhira iwe,
42 for he had an only daughter, about twelve years old, dying. As Jesus went, crowds pressed around him. kuko umukobwa wiwe yariko aracikana. Yari amufise ari umwe kandi yari afise imyaka nka cumi n’ibiri. Yesu ari mu nzira agenda, yari akikijwe n’abantu benshi bamugunda.
43 A woman had bled for twelve years; she had spent her whole livelihood on doctors, but none could heal her. Hariho umugore yari amaze imyaka cumi n’ibiri agwaye ingwara yo mu gitereko yo kuguma ava amaraso, vyaranse ko akira.
44 Coming up behind him, she touched the tassel of his cloak, and her bleeding stopped instantly. Aca yegera Yesu amuturutse inyuma, akora ku musozo w’impuzu yiwe. Ubwo nyene kwa kuva amaraso guca kurahera.
45 Jesus said, "Who touched me?" When all denied it, Peter said, "Master, the crowds crowd and press against you." Yesu na we aca arabaza ati: “Ni nde ankozeko?” Bose babihakanye, Petero amubwira ati: “Mwigisha, abantu ni benshi kandi bariko barakugunda.”
46 But Jesus said, "Someone touched me, for I felt that power had gone out from me." Yesu aravuga ati: “Hari umuntu yankozeko kuko hari ubushobozi numvise bumvuyemwo.”
47 Seeing she couldn't stay hidden, the woman came trembling, fell before him, and declared in front of everyone why she'd touched him and how she was instantly healed. Wa mugore abonye ko ico yakoze camenyekanye, aca aza ajugumira, yikubita imbere y’ibirenge vya Yesu, amubwirira imbere ya bose icatumye amukorako, kandi ko yaciye akira ako kanya nyene.
48 And he said to her, "Daughter, your faith has healed you; go in peace." Yesu aca aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije. Igire amahoro.”
49 While he was still speaking, someone from the synagogue leader's house said, "Your daughter has died; don't bother the Teacher anymore." Akiriko aravuga, haza umuntu avuye kwa Yayiro, wa mukuru w’isinagogi, amubwira ati: “Umukobwa wawe yamaze gucikana. Nta co ubandanya ugora umwigisha.”
50 But Jesus heard and answered him, "Don't be afraid; just believe, and she'll be saved." Yesu nawe avyumvise aca abwira Yayiro ati: “Ntutinye, ariko wizere gusa, araja gukira.”
51 Arriving at the house, he let no one enter with him except Peter, John, James, and the child's father and mother. Ashitse mu nzu kwa Yayiro ntiyemera ko hagira umuntu n’umwe binjirana, kiretse Petero, Yohana, na Yakobo, hamwe na se na nyina b’uwo mwana.
52 All were weeping and mourning her, but he said, "Don't weep, for she's not dead, only asleep." Ico gihe abantu bose bariko baramuririra. Yesu arababarira ati: “Nta co murira kuko ntiyapfuye, ahubwo arasinziriye.”
53 And they laughed at him, knowing that she was dead. Na bo baramutwenga, kuko bari bazi neza ko umwana yapfuye.
54 But he took her by the hand and called out, "Child, get up." Yesu aca afata ukuboko kwa wa mukobwa, amubwira ati: “Mwana wanje, vyuka!”
55 Her spirit returned, and she got up instantly. He told them to give her something to eat. Ubwo nyene impwemu yiwe imusubiramwo, arahaguruka. Maze Yesu ababwira ngo bamugaburire.
56 Her parents were amazed, but he ordered them to tell no one what had happened. Abavyeyi biwe baratangara cane, ariko Yesu arabihanikiriza ngo ntihagire uwo babwira ivyabaye.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]