Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 6 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 On a Sabbath, Jesus walked through grainfields; his disciples picked heads of grain, rubbed them in their hands, and ate. Umusi umwe, Yesu yaciye mu mirima y’ingano, kandi hari kw’Isabato. Abigishwa biwe baca batangura guca imitwe y’ingano zeze, barazivungura, bakuramwo intete, barazirya.
2 Some of the Pharisees said, "Why are you doing what is not lawful on the Sabbath?" Bamwe mu Bafarisayo baramubaza bati: “Ni kuki mukora ikizira ku musi w’Isabato?”
3 Jesus answered them, "Haven't you read what David did when he and those with him were hungry, Yesu arabishura ati: “Mbega ntimurasoma ivyo Dawidi yakoze igihe we n’abo bari kumwe bari bashonje?
4 how he entered our Father's house, took the bread of the Presence, ate it, gave some to his companions, though it's not lawful for any but the priests to eat it?" Yinjiye mu nzu y’Imana, afata imikate yashikaniwe Imana arayirya, yongera ahako n’abari kumwe na we; kandi abaherezi ari bo bonyene bari bemerewe kuyirya.”
5 Then he said to them, "The Son of Man is Lord of the Sabbath." Yongera arababwira ati: “Umwana w’Umuntu ni Umwami w’Isabato.”
6 On another Sabbath he entered the synagogue and taught; a man was there with a withered right hand. Ku wundi musi w’Isabato, Yesu yinjira mw’isinagogi, atangura kwigisha. Aho hari umugabo akongataye ukuboko kw’i buryo.
7 The scribes and Pharisees watched him closely to see if he would heal on the Sabbath, so they could find a charge against him. Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe baca bamushinga ijisho kugira ngo barabe ko amukiza, maze bace bamwagiriza ko yakijije umuntu kw’Isabato.
8 But knowing their thoughts, he told the man with the withered hand, "Get up and stand here." So he got up and stood there. Ariko Yesu amenye ivyo biyumvira mu mitima, aca abarira wa mugabo akongataye ukuboko ati: “Haguruka uhagarare hano imbere y’ishengero!” Nuko arahaguruka, ahagarara imbere.
9 Then Jesus said to them, "I ask you: is it lawful on the Sabbath to do good or do harm, to save a life or destroy it?" Maze Yesu arababaza ati: “Mbega icemewe gukorwa ku musi w’Isabato ni ikihe? Iciza canke ikibi? Gukiza umuntu canke kumwica?”
10 Looking around at them all, he told the man, "Stretch out your hand." He did, and his hand was restored. Nuko Yesu arabitegereza bose, maze abwira wa muntu ati: “Gorora ukuboko kwawe!” Akugoroye, guca kurakira.
11 But filled with rage, they discussed with each other what to do to Jesus. Ariko ba Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe barashavura cane, batangura kuja inama babazanya bati: “Yesu tumugire dute?”
12 In those days Jesus went out to the mountain to pray, spending the whole night in prayer to our Father. Umusi umwe Yesu aduga ku musozi, akesha ijoro ryose asenga Imana.
13 At daybreak he called his disciples and chose twelve of them, naming them apostles: Bukeye, akoranya abigishwa biwe bose, atoranyamwo cumi na babiri, abagira intumwa. Na bo ni aba:
14 Simon, whom he named Peter, and his brother Andrew; James and John; Philip and Bartholomew; Simoni, uwo Yesu yise Petero, mwene nyina Andereya, Yakobo, Yohana, Filipo, Baruteremi,
15 Matthew and Thomas; James son of Alphaeus, and Simon who was called the Zealot; Matayo, Toma, Yakobo mwene Alufayo, Simoni Umuzelote,
16 Judas son of James, and Judas Iscariot, who became a traitor. Yuda mwene Yakobo, na Yuda Isikariyote, ari we yahavuye amugurisha.
17 He came down with them and stood on a level place, with a large crowd of his disciples and a large multitude of people from all Judea, Jerusalem, and the coast of Tyre and Sidon. Hanyuma Yesu ava kuri uwo musozi amanukana na bo, bashika ahantu hateze, bahasanga abigishwa biwe benshi, hamwe n’abandi bantu isinzi bari baje bava i Yudaya, i Yerusalemu, no mu micungararo y’intara za Tiro na Sidoni yegereye ikiyaga,
18 They came to hear him and be healed of their diseases; those troubled by unclean spirits were also cured. bazanywe no kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara. Nuko abari baboshwe n’impwemu mbi barakira,
19 The whole crowd tried to touch him, since power went out from him, healing everyone. kandi abantu bose bagerageza kumukorako, kuko ububasha bwo gukiza ingwara bwamuvamwo bugakiza abantu bose.
20 Looking up at his disciples, he said: "Blessed are you who are poor, for yours is the kingdom of our Father. Nuko Yesu yitegereza abigishwa biwe, aravuga ati: “Murahiriwe mwebwe mwumva ko mukenye, kuko Ubwami bw’Imana ari ubwanyu.
21 "Blessed are you who hunger now, for you will be satisfied. Blessed are you who weep now, for you will laugh. Murahiriwe mwebwe mushonje muri kino gihe, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira muri kino gihe, kuko muzotwenga.
22 Blessed are you when people hate you, and when they exclude you and revile you and reject your name as evil, because of the Son of Man. Muzoba muhiriwe abantu nibabanka, bakabakumira, bakabatuka, bakabavuga nabi nk’inkozi z’ibibi, babahora Umwana w’Umuntu.
23 Rejoice in that day and leap for joy, for your reward is great in heaven; for that is how the persecutors' ancestors treated the prophets. Ico gihe muze munezerwe kuko impera yanyu izoba ari nini mw’ijuru. Kandi mwibuke ko ba sekuruza babo ari ko bagiriye abavugishwa n’Imana ba kera.
24 But woe to you who are rich, for you have already received your comfort. Ariko muragowe mwebwe abatunzi, kuko mumaze kuronka umunezero wanyu.
25 Woe to you who are full now, for you will be hungry. Woe to you who laugh now, for you will mourn and weep. Muragowe mwebwe muhaze muri kino gihe, kuko muzosonza. Muragowe mwebwe mutwenga muri kino gihe, kuko muzobabara muboroge.
26 Woe to you when everyone speaks well of you, for that is how the flatterers' ancestors treated the false prophets. Muragowe mwebwe mushimagizwa na bose, kuko uko ari ko ba sekuruza babo bashimagiza abavugishwa b’ibinyoma.
27 But I tell you who listen: love your enemies, do good to those who hate you, Ariko ndababwire mwebwe munyumva: mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka.
28 bless those who curse you, pray for those who mistreat you. Muhezagire ababavuma, musengere ababagirira nabi.
29 Whoever strikes you on one cheek, offer the other too; whoever takes your coat, do not hold back your shirt. Nihagira uwugukubita mu musaya umwe, umuhindukirize n’uwundi. Hagize uwugutwara ikoti, umuhebere n’ishati na yo.
30 Give to everyone who asks you, and don't demand back what is taken from you. Umuntu niyagusaba ikintu ukimuhe, uwukunyaze ivyawe ubimuhebere.
31 Do to others as you would have them do to you. Ivyo mugomba ko abantu babagirira, abe ari vyo mubagirira namwe.
32 Loving those who love you—what credit is that? Even sinners love those who love them. Nimwakunda ababakunda gusa, muzoba murushije iki abandi? Kuko n’abanyavyaha bakunda ababakunda.
33 If you do good to those doing you good, what credit is that to you? Even sinners do the same. Kandi nimwagirira neza ababagirira neza gusa, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibabigenza batyo?
34 And if you lend expecting repayment, what credit is that? Even sinners lend to sinners to get back the same amount. Nimwagurana abo mwizeye ko bazobasubiza bonyene, muzoba murushije iki abandi? Mbega abanyavyaha bo ntibagurana abo bizeye ko bazobasubiza yose?
35 But love your enemies, do good, and lend expecting nothing back; your reward will be great, and you will be children of the Most High, for he is kind to the ungrateful and evil. Ariko, mukunde abansi banyu, mubagirire neza. Mubagurane mutiteze ko babasubiza, ni ho impera yanyu izoba nini mw’ijuru. Aho muzoba mwerekanye vy’ukuri ko muri abana b’Iyisumbavyose, kuko igirira neza intashima n’abanyakibi.
36 Be merciful, just as your Father is merciful. Mugire impuhwe nk’uko So wo mw’ijuru ari umunyempuhwe.
37 Do not judge, and you will not be judged. Do not condemn, and you will not be condemned. Forgive, and you will be forgiven. Ntimugacire imanza abandi, kugira ngo namwe ntimuzozicirwe. Ntimugatsindishe abandi, kugira ngo namwe ntimuzotsindishwe. Mugire imbabazi, ni ho namwe muzozigirirwa.
38 Give, and it will be given to you: a good measure—pressed down, shaken, overflowing—will be poured into your lap. For the measure you use will be measured back to you." Mutange, namwe muzohabwa. Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe kandi isesekaye ni yo muzogererwa. Kuko ingero mugereramwo abandi ari yo namwe muzogererwamwo.”
39 He also gave them a parable: "Can a blind person guide a blind person? Won't both fall into a pit? Yesu abacira n’uwu mugani ati: “Mbega impumyi yorongora iyindi? Zose ntizohava zigwa mu kinogo?
40 No student surpasses their teacher; whoever is fully trained becomes like their teacher. Umwigishwa ntaruta umwigisha, ariko umwigishwa yigishijwe neza amera nk’umwigisha wiwe.
41 Why do you see the speck in your brother's eye, yet miss the beam in your own eye? Ni kuki ushinga ijisho akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, ariko ntiwiteho inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe?
42 How can you tell your brother, 'Brother, let me remove the speck from your eye,' when you don't see the beam in your own eye? Hypocrite! First remove the beam from your own eye—then you'll see clearly to remove the speck from your brother's eye. Ni kuki ubwira mugenzawe uti: ‘Tega ndagutosore akatsi kari mu jisho,’ kandi nawe ugendana inkingi y’igiti mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, tangura ukure inkingi y’igiti iri mu jisho ryawe, ni ho uzobona neza akatsi kari mu jisho rya mugenzawe, uheze ugakureyo.
43 For no good tree bears bad fruit, nor again does a bad tree bear good fruit. Nta giti ciza cama ivyamwa bibi, kandi nta giti kibi cama ivyamwa vyiza.
44 Each tree is known by its own fruit; figs aren't gathered from thornbushes, nor grapes picked from a bramble. Igiti cose kimenyekanira ku vyamwa vyaco. Nta wokwamura inzabibu ku bisaka vy’amahwa, nk’uko ata wokwamura insukoni ku mitobotobo.
45 A good person produces good from the heart's good store; an evil person produces evil from the evil store; for the mouth speaks from the heart's overflow. Umuntu mwiza akura ivyiza mu bubiko bwiza bw’umutima wiwe, umubi na we agakura ibibi mu bubiko bubi bw’umutima wiwe. Kuko ivyuzuye mu mutima ni vyo akanwa kavuga.
46 Why do you call me 'Lord, Lord,' and not do what I say? Ni kuki mumpamagara ngo: ‘Mwami, Mwami,’ ariko ntimukore ivyo ndababwira?
47 Everyone coming to me, hearing my words, and doing them—I'll show you what he's like: Umuntu wese aza aho ndi akumva amajambo yanje hanyuma akayashira mu ngiro, ngira ndabereke uko ameze:
48 He's like a man building a house, who dug deep and laid its foundation on rock. When the flood came, the river crashed into that house but couldn't shake it—it was built well. ameze nk’umwubatsi yimvye cane akubaka umushinge w’inzu yiwe ku rutare. Iyo hateye umwuzure, inzuzi zigasuriranya, iyo nzu ntishobora kunyiganyiga kuko yubatse neza.
49 But whoever hears my words and doesn't act on them is like a man who built a house on the ground, without a foundation. The flood crashed against it, and it collapsed at once—that house's ruin was great." Ariko uwumva amajambo yanje ntayashire mu ngiro, ameze nk’uwubaka inzu kw’isi ahatagira umushinge. Iyo inzuzi zisuriranije kuri ya nzu, irasenyuka kandi isenyuka ryayo riba irikomeye.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]