Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 5 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Once, as the crowd pressed around him to hear our Father's word, Jesus stood by Lake Gennesaret. Umusi umwe Yesu yari ku nkengera y’ikiyaga c’i Genezareti, akikujwe n’isinzi ry’abantu bariko bumviriza ijambo ry’Imana.
2 He saw two boats standing by the lake; the fishermen had left them and were washing their nets. Maze abona ubwato bubiri abarovyi bari basize ku nkengera y’ico kiyaga, bariko boza insenga zabo.
3 Getting into one of the boats, Simon's, he asked him to move out a little from shore, then sat down and taught the crowds from the boat. Nuko yurira bumwe muri bwo; kandi bwari ubwa Simoni, aca amusaba ngo abwigize gatoya mu mazi. Maze, aca abwicaramwo, atangura kwigisha abantu.
4 When he stopped speaking, he told Simon, "Push out into deep water and lower your nets for a catch." Ahejeje kwigisha, aca abarira Simoni ati: “Nimuterere insenga zanyu hagati mu kiyaga, murobe.”
5 Simon answered, "Master, we worked all night and caught nothing. But at your word, I'll let down the nets." Simoni aramwishura ati: “Mwigisha, twakoze ijoro ryose turaruha, ariko ntitwaronka ifi n’imwe. Yamara ko ubivuze, reka nterere insenga.”
6 Doing this, they caught so many fish their nets began tearing. Batereye insenga, baroba ifi nyishi cane, gushika n’aho insenga zitangura gutabuka.
7 They signaled to partners in the other boat to come help; they came and filled both boats so that they began to sink. Baca bahamagara bagenzi babo bari mu bundi bwato ngo baze babafashe, maze buzuza ubwato bwabo bwompi gushika aho butangura kwibira.
8 Seeing this, Simon Peter fell at Jesus' knees and said, "Leave me, Lord, for I'm a sinful man!" Simoni Petero abibonye, apfukama imbere ya Yesu, amubwira ati: “Mwami, igira kure yanje kuko ndi umunyavyaha!”
9 For amazement gripped him and all with him at the catch of fish they had caught, Ivyo Petero yabivuze kubera we na bagenziwe bari batangajwe cane n’ubwinshi bw’ifi bahejeje kuroba.
10 and so were James and John, Zebedee's sons and Simon's partners. Jesus told Simon, "Don't be afraid; from now on you'll catch people." Abo bagenziwe, yari Yakobo na Yohana bene Zebedayo. Yesu abwira Simoni ati: “Ntutinye, kuko uhereye ubu, ugiye kuba umurovyi w’abantu.”
11 So they pulled their boats up on shore, left everything, and followed him. Baca bakwegera ubwato bwabo ku nkengera y’ikiyaga, basigaho vyose, baramukurikira.
12 While Jesus was in one of the towns, a man covered with a serious skin disease appeared. Seeing Jesus, he fell facedown and begged, "Lord, if you're willing, you can make me clean." Yesu ari muri kimwe mu bisagara vy’aho hantu, haza umuntu yuzuye imibembe umubiri wose. Abonye Yesu, yikubita imbere yiwe yubamye, aramwinginga ati: “Mwami, ubishatse woshobora kumpumanura.”
13 Jesus reached out his hand, touched him: "I am willing. Be clean." At once the skin disease left him. Yesu aca aramvura ukuboko, amukorako. Amubwira ati: “Ndabishatse, kira uhumanuke!” Ubwo nyene imibembe ica iramuvako.
14 Jesus ordered him to tell no one, "but go, show yourself to the priest and offer what Moses commanded for your cleansing, as proof to the people." Maze Yesu aramwihaniza ati: “Ntihagire umuntu n’umwe ubibwira. Ariko genda ku muherezi agusuzume, hanyuma utange ikimazi Mose yashinze ko uwuhumanutse atanga, kugira ngo bibabere ikimenyetso ko wahumanutse.”
15 But word about him spread even more; large crowds gathered to hear him and be healed of their sicknesses. Yamara inkuru za Yesu zirushirizaho kumenyekana, abantu isinzi bakama baza aho ari kumwumviriza no kugira ngo abakize ingwara.
16 But Jesus often withdrew to deserted places and prayed. Ariko Yesu yama aja ahantu hiherereye mu bugaragwa gusenga.
17 One day as he taught, Pharisees and teachers of the law sat, having come from every village of Galilee, and from Judea and Jerusalem. And our Father's power was there for him to heal the sick. Umusi umwe Yesu yariko arigisha, kandi bamwe mu Bafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe bari ngaho; bari baje bava mu bisagara bitandukanye vy’i Galilaya, i Yudaya n’i Yerusalemu; kandi ububasha bw’Umwami Imana bwo gukiza ingwara bwari kuri Yesu.
18 Just then, men came carrying a paralyzed man on a mat, trying to bring him in and lay him before Jesus. Nuko haza abantu bateruye ku nderuzo umuntu akongataye, barondera ingene bomwinjiza mu nzu ngo bamuryamike imbere ya Yesu.
19 Finding no way through the crowd to bring him in, they went up on the roof and lowered him on his mat through the tiles, into the middle, right before Jesus. Babonye ko badashobora kwinjira kubera ubwinshi bw’abantu, baca burira hejuru ku nzu, basambura aho bacisha iyo nderuzo aryamyeko, bayururukiriza hagati mu bantu, imbere ya Yesu.
20 When Jesus saw their faith, he said, "Friend, your sins are forgiven you." Yesu abonye ukwizera kwabo, avuga ati: “Mugenzi, ivyaha vyawe urabihariwe.”
21 The scribes and Pharisees began debating, "Who is this man insulting God? Who but God alone can forgive sins?" Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kwiyumvira bati: “Mbega uwu ni nde aza gutuka Imana? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?”
22 Knowing what they were thinking, Jesus answered them, "Why are you reasoning in your hearts? Yesu aca amenya ivyo bariko bariyumvira, maze arababaza ati: “Ni kuki muriko mwiyumvira gutyo mu mitima yanyu?
23 Which is easier: to say, 'Your sins are forgiven you,' or to say, 'Get up and walk'? Mbega icoroshe ni uko novuga nti: ‘Ivyaha vyawe urabihariwe,’ canke ni uko novuga nti: ‘Haguruka ugende’?
24 But so you'll know the Son of Man has authority on earth to forgive sins"—he told the paralyzed man—"I tell you, get up, pick up your mat, and go home." Ariko nshaka ko mumenya ko Umwana w’Umuntu afise ububasha kw’isi bwo guharira ivyaha.” Aca ategeka wa muntu akongataye ati: “Haguruka, ikorere inderuzo yawe witahire.”
25 At once he stood before them, picked up his mat, went home glorifying our Father. Ubwo nyene aca arahaguruka bose babibona, yikorera ico yari aryamyeko, ataha ahimbaza Imana.
26 Amazement seized them all; they glorified our Father, filled with awe, saying, "We saw remarkable things today." Abari ngaho bose baratangara cane kandi bagira n’ubwoba, bahimbaza Imana bavuga bati: “Uwu musi amaso yacu abonye ibitangaza!”
27 After this, Jesus went out and saw a tax collector named Levi sitting at the tax booth. "Follow me," he said. Inyuma y’ivyo, Yesu ariko arava muri ico gisagara, abona umutozakori yitwa Lewi yicaye aho yatoreza ikori, amubwira ati: “Nkurikira!”
28 So Levi got up, left everything behind, and followed him. Lewi aca ava hasi, aramukurikira.
29 Then Levi hosted a great banquet for Jesus at his house, and a large crowd of tax collectors and others reclined with them. Mu nyuma Lewi ategurira amazimano Yesu i muhira iwe, atumira n’abatozakori benshi n’abandi bantu, baraza basangira na bo.
30 But the Pharisees and their scribes grumbled to his disciples, "Why do you eat and drink with tax collectors and sinners?" Ariko Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe babaza abigishwa ba Yesu babidodombera bati: “Ni kuki mwicarana n’abatozakori n’abandi banyavyaha, mugasangira na bo?”
31 Jesus answered them, "It is not the healthy who need a doctor, but the sick. Yesu arabishura ati: “Abakomeye si bo bakeneye umuganga, ahubwo abagwaye ni bo bamukeneye.
32 I have not come to call the righteous, but sinners to repentance." Sinaje kurondera abagororotsi, ahubwo naje kurondera abanyavyaha, kugira ngo bihane.”
33 They said to him, "John's disciples fast often and pray, likewise the Pharisees' disciples, but yours eat and drink." Baca baramubaza bati: “Ni kuki abigishwa ba Yohana, co kimwe n’ab’Abafarisayo bisonzesha kenshi bakongera bagasenga, ariko abawe bakaguma birira kandi binywera nk’uko bisanzwe?”
34 Jesus said, "Can you make the bridegroom's friends fast while he is with them? Yesu arabishura ati: “Mbega abatumire b’umukwe bokwisonzesha bakiri kumwe na we mu musi mukuru? Ntibishoboka!
35 But days will come when the bridegroom is taken from them, and then, in those days, they will fast." Ariko hazogera aho umukwe abakurwamwo; ico gihe rero bazoheza bisonzeshe.”
36 He told them a parable too: "No one tears a patch from a new garment and sews it on an old one. Otherwise, he tears the new, and the new patch won't match the old. Aca abacira uwu mugani ati: “Nta wutabura igitambara ku mpuzu nshasha ngo akibaririre ku mpuzu y’umushire. Abikoze uko, aba yononye iyo mpuzu nshasha, kandi ico gitambara gishasha ntigishobora gufatana n’impuzu y’umushire.
37 No one puts new wine into old wineskins; otherwise the new wine will burst the skins, spill out, and the skins will be ruined. Ni nk’uko ata wosuka umuvinyu mushasha mu mukuza w’urusato ushaje. Abigize uko, uwo mukuza womeneka, umuvinyu ugaseseka.
38 No, new wine must be poured into new wineskins. Ahubwo umuvinyu mushasha bawushira mu mukuza mushasha.
39 And no one after drinking old wine wants the new, for he says, 'The old is good.'" Kandi nta muntu anywa umuvinyu wa kera ngo aheze yipfuze kunywa mushasha, kuko avuga ngo: ‘Umuvinyu wa kera ni wo uryoshe kuruta mushasha.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]