Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 18 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Then Jesus told them a parable about the need to always pray and never lose heart. Yesu aca abacira umugani, kugira ngo abereke ko bakwiye kwama basenga, ntibadendebukirwe.
2 "In a certain town there was a judge who neither feared God nor respected people. Arababwira ati: “Mu gisagara kimwe habaye umucamanza atubaha Imana kandi ntiyumvire umuntu n’umwe.
3 A widow in that town kept coming to him, saying, 'Grant me justice against my opponent.' Muri ico gisagara nyene, hariho umupfakazi yama aza kumwinginga ati: ‘Ncira urubanza runkiza uwundenganya.’
4 For a while he refused, but then said to himself, 'Though I don't fear God nor respect people, Uwo mucamanza amara igihe atamwumviriza. Ariko arateba aribwira ati: ‘N’aho ntantinya Imana kandi sinumvire n’abantu,
5 since this widow keeps troubling me, I'll grant her justice, so she doesn't wear me out with her endless visits.'" kubera uwu mupfakazi angoye cane; ngira ndamutunganirize kugira ngo ntabandanye aza kunduhisha.’ ”
6 And the Lord said, "Listen to what the unjust judge says. Umwami Yesu yongerako ati: “Nimwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.
7 Won't our Father bring justice for his chosen ones who cry to him day and night? Will he keep delaying? Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?
8 I tell you, he will grant them justice quickly. But when the Son of Man comes, will he find faith on earth?" Ndababwire ukuri, izokwihuta kubatunganiriza. Ariko none, aho Umwana w’Umuntu azogarukira, azosanga ukwizera kw’isi?”
9 He also told this parable to some who trusted in themselves as righteous and despised everyone else: Yesu arongera acira uwu mugani abantu bishimira ukugororoka kwabo bagakengera abandi, ati:
10 "Two men went up to the temple to pray, one a Pharisee and the other a tax collector. “Abantu babiri baduze mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo uwundi akaba umutozakori.
11 The Pharisee stood and prayed about himself: 'God, I thank you I'm not like other people—robbers, wrongdoers, adulterers—or even like this tax collector.' Wa Mufarisayo ahagarara ukwiwe, asenga avuga ati: ‘Mana ndagushima ko ntameze nk’abandi: abasuma, inkozi z’ikibi, abasambanyi, kandi simeze nk’urya mutozakori.
12 'I fast twice a week; I give a tenth of all I get.' Nisonzesha kabiri mu ndwi, kandi ntanga ikigiracumi c’ivyo ndonka vyose.’
13 But the tax collector, standing far off, would not even raise his eyes to heaven, but beat his chest, saying, 'our Father, have mercy on me, a sinner.' Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’
14 I tell you, this man went to his home justified, not the other. Everyone who lifts himself up will be humbled; the one who humbles himself will be lifted up." Ndababwire ukuri, uwo mutozakori yatashe yemewe nk’umugororotsi imbere y’Imana, ariko kuri wa Mufarisayo si uko vyagenze. Kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.”
15 People were even bringing their infants to him to touch them, but the disciples saw this and warned them off. Umusi umwe abavyeyi bazanye abana babo bato aho Yesu ari kugira ngo abakoreko. Ariko abigishwa barabakankamira.
16 But Jesus called the children to him and said, "Let the children come to me; don't stop them—the kingdom of our Father belongs to ones like these. Ariko Yesu asaba ko babamuzanira, abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo.
17 Truly I tell you: whoever doesn't accept the kingdom of our Father like a little child will never enter it." Ndababwire ukuri, umuntu wese atakira Ubwami bw’Imana nk’umwana muto ntazokwigera abwinjiramwo.”
18 A certain ruler asked him, "Good Teacher, what must I do to inherit eternal life?" Umutware umwe aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nokora iki kugira ngo ndagwe ubugingo budashira?”
19 Jesus said to him, "Why call me good? No one is good except our Father alone. Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ariho, kiretse Imana yonyene.
20 You know the commandments: 'Do not commit adultery, Do not murder, Do not steal, Do not testify falsely, Honor your father and mother.'" Urazi ko amabwirizwa avuga ngo: ‘Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.’”
21 "All these I have kept since my youth," he said. Na we yishura ati: “Ayo yose nayakurikije kuva nkiri muto.”
22 Hearing this, Jesus said, "One thing you still lack: sell all you own, give to the poor, and you'll have treasure in heaven; then come, follow me." Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”
23 But when he heard this, he became very sad, for he was extremely rich. Wa muntu avyumvise arababara cane kuko yari atunze cane.
24 Jesus looked at him and said, "How hard it is for the wealthy to enter our Father's kingdom! Yesu abonye ukuntu ababaye, aca avuga ati: “Biragoye cane ko abatunzi binjira mu Bwami bw’Imana.
25 For it's easier for a camel to pass through a needle's eye than for a rich person to enter our Father's kingdom." Vyokworoha ko ingamiya ica mu gatoboro k’urushinge rwo kubarira kurusha ko umutunzi yinjira mu Bwami bw’Imana.”
26 Those who heard it asked, "Then who can be saved?" Abavyumvise baramubaza bati: “None, nimba biri uko, ni nde ashobora gukizwa?”
27 But he said, "What is impossible for people is possible for our Father." Yesu arabishura ati: “Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.”
28 Then Peter said, "Look, we have left our own homes and followed you." Maze Petero aramubarira ati: “Twebwe twasize ivyacu vyose turagukurikira!”
29 He said to them, "Truly I tell you: no one has left house, wife, brothers, parents, or children for the sake of our Father's kingdom, Yesu aramwishura ati: “Ndababwire ukuri, nta muntu yasize inzu, canke umugore, canke abavukanyi, canke abavyeyi, canke abana kubera Ubwami bw’Imana,
30 who will not receive many times more now, and eternal life in the age to come." atazobishumbushwa incuro nyinshi muri iki gihe, kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.”
31 He took the Twelve aside and said, "Look, we're going up to Jerusalem, and all the prophets wrote about the Son of Man will be fulfilled. Hanyuma Yesu aca yihereranya bamwe cumi na babiri, arababwira ati: “Ehe tugira tuduge i Yerusalemu, aho ivyanditswe n’abavugishwa n’Imana vyose ku Mwana w’Umuntu bizomushikako.
32 For he will be handed over to the Gentiles, mocked, insulted, and spit on. Azotangwa ahabwe abanyamahanga, bamucokore, bamutuke, bamucireko amate,
33 They will flog him and kill him, and on the third day he will rise." bamukubite, hanyuma bamwice. Ariko ku musi ugira gatatu, azozuka.”
34 But they understood none of this; this saying was hidden from them, and they did not grasp what was said. Ariko abigishwa ntibigera batahura ikintu na kimwe mu vyo ababwiye. Insiguro yavyo yari ihishijwe, bituma badatahura ico ashatse kubabwira.
35 As Jesus drew near to Jericho, a blind man was sitting by the roadside begging. Yesu agira ashike i Yeriko, hari umuntu w’impumyi yari yicaye ku nzira asegerereza.
36 Hearing a crowd going by, he asked what was happening. Yumvise abantu benshi bariko bararengana, abaza ibiriko biraba.
37 They told him, "Jesus of Nazareth is passing by." Na bo bamubwira bati: “Ni Yesu w’i Nazareti ariko ararengana.”
38 So he called out, "Jesus, Son of David, have mercy on me!" Aca arasemerera ati: “Yesu, Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
39 Those who were in front rebuked him and told him to be quiet, but he cried out all the more, "Son of David, have mercy on me!" Abari imbere ya Yesu baramuzibiza ngo ahore, ariko arushiriza gusemerera ati: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi!”
40 Jesus stopped and ordered him brought to him. When he came near, Jesus asked, Yesu aca arahagarara, asaba ko bamumuzanira. Amushikiriye, Yesu aramubaza ati:
41 "What do you want me to do for you?" He said, "Lord, let me see again." “Ushaka ko ndagukorera iki?” Na we arishura ati: “Mwami, ndashaka guhumuka.”
42 And Jesus said to him, "Receive your sight; your faith has saved you." Yesu aramubwira ati: “Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije.”
43 At once he could see and followed Jesus, glorifying our Father. All the people who saw it praised our Father too. Ako kanya nyene aca arahumuka, akurikira Yesu ashima Imana. Abari aho bose babibonye bashima Imana.
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]