Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 17 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 He told his disciples, "Offenses are sure to come, but woe to the one they come through! Umusi umwe Yesu yabwiye abigishwa biwe ati: “Ibituma abantu bacumura ntibizoreka kuza, ariko umuntu abizana azobona ibara.
2 Better for him to have a millstone hung around his neck and be thrown into the sea than to cause one of these little ones to stumble. Ikimukwiye ni uko yoboherwa ibuye rinini kw’izosi, agatererwa mu kiyaga, hako acumuza n’umwe muri aba bato.
3 "Watch yourselves. If your brother sins, rebuke him, and if he repents, forgive him. Nuko rero mwiyubare mu vyo mukora. Umuvukanyi wawe niyacumura, umwihanize. Niyihana, umuharire.
4 If he sins against you seven times a day, and seven times returns saying, 'I repent,' forgive him." Niyagucumurako incuro indwi ku musi, akagaruka incuro indwi nyene akubwira ati: ‘Ndihanye mbabarira,’ uze umubabarire.”
5 The apostles said to the Lord, "Increase our faith!" Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”
6 The Lord said, "If you had faith like a mustard seed, you could tell this mulberry tree, 'Be uprooted and planted in the sea,' and it would obey you. Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera na gutoya kungana n’akabuto ka mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.
7 Which of you with a servant plowing or tending sheep tells him, coming in from the field, 'Come at once, recline at the table'? Ni nde muri mwebwe, afise umukozi, yohengera avuye kurima canke kuragira, akamubwira ati: ‘Kaze ku meza dufungure’?
8 Won't he instead say, 'Get my supper ready, dress to serve me while I eat and drink, then you may eat and drink'? Mbega ntaca avuga ati: ‘Ntegurira imfungurwa, hanyuma wambare neza ungaburire, ninaheza gufungura nawe uraheza ufungure’?
9 "Does he thank the servant because he did what he was commanded? Mbega arashimira uwo mukozi ko yakoze ivyo yamutegetse vyose? Haba na mba!
10 So you too, having done all you were commanded, say: 'We are unworthy servants; we've only done our duty.'" Nuko rero namwe nimwaheza gukora ivyo mwategetswe vyose, muze muvuge muti: ‘Turi abakozi b’imburakimazi, twakoze ivyo dutegerezwa gukora.’ ”
11 On the way to Jerusalem he was passing along between Samaria and Galilee. Yesu ariko araja i Yerusalemu, aca ku rubibe rwa Samariya na Galilaya.
12 As he entered a village, ten men who had leprosy met him. They stood at a distance, Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe.
13 and called out loudly, "Jesus, Master, have mercy on us!" Barasemerera bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!”
14 Seeing them, he said, "Go, show yourselves to the priests." As they went, they were made clean. Ababonye, arababwira ati: “Nimugende, mwiyereke abaherezi.” Bakiri mu nzira bagenda, baca barakira imibembe, barahumanuka.
15 One of them, seeing he was healed, turned back, praising our Father loudly, Umwe muri bo abonye ko akize, aca asubira inyuma aja iyo Yesu ari, ashima Imana n’ijwi rirenga.
16 and he fell on his face at Jesus' feet, giving him thanks. Now he was a Samaritan. Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.
17 Jesus said, "Weren't ten made clean? Where are the nine? Yesu arabaza ati: “Mbega abakize bagahumanuka ntibari cumi? None abandi icenda bari he?
18 Was no one found to return and give glory to our Father except this foreigner?" Nta n’umwe yagarutse guha icubahiro Imana atari uwu munyamahanga?”
19 And he said to him, "Rise and go; your faith has made you well." Aca aramubwira ati: “Haguruka wigire, ukwizera kwawe kwagukijije.”
20 Asked by the Pharisees when the kingdom of our Father would come, he answered them, "The kingdom of our Father does not come with observation, Umusi umwe Abafarisayo babajije Yesu aho Ubwami bw’Imana buzozira, na we arabishura ati: “Ubwami bw’Imana ntibuza mu buryo bubonwa n’amaso,
21 nor will they say, 'Look, here!' or 'There!' For the kingdom of our Father is among you." kandi nta wuzovuga ngo: ‘Ehe buri hano’ canke ngo: ‘Ehe buri hariya.’ Kuko Ubwami bw’Imana buri hagati muri mwebwe.”
22 He told the disciples, "Days are coming when you will long to see one of the days of the Son of Man, and you won't see it. Aca abwira abigishwa biwe ati: “Hazogera igihe mwipfuza kubona n’umusi umwe mu misi y’Umwana w’Umuntu, ariko ntimuzowubona.
23 They will say to you, 'Look, there!' or 'Look, here!' Don't go, don't chase after them. Abantu bazobabwira bati: ‘Ehe ari hariya!’ Canke ngo: ‘Ehe ari hano!’ Ntimuze mujeyo canke ngo mubakurikire.
24 For as lightning flashes and lights the sky from one edge to the other, so the Son of Man will be in his day. Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera umusi Umwana w’Umuntu azoba aje.
25 But first he must suffer many things and be rejected by this generation. Ariko azobanza kubabazwa cane no kwankwa n’abantu b’iki gihe.
26 As Noah's days were, so will the Son of Man's days be. Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe c’Umwana w’Umuntu.
27 They ate, drank, married, and were given in marriage, until the day Noah entered the ark, and the flood came and destroyed them all. Bararya, baranywa, bararongora, bagashingiza, gushika umusi Nowa yinjiye mu bwato, maze umwuzure ukaza ukabatikiza bose.
28 It was the same in Lot's days: eating, drinking, buying, selling, planting, building, Ni ko vyari bimeze no mu gihe ca Loti. Bararya, baranywa, barasuma, baradandaza, bararima, barubaka amazu,
29 but the day Lot left Sodom, fire and sulfur rained from heaven and destroyed them all, gushika umusi Loti yaviriye i Sodomu, maze umuriro n’ibizuku bikoroka bivuye mw’ijuru, birabarigita bose.
30 so will it be on the day when the Son of Man is revealed. Ni ko bizoba no ku musi Umwana w’Umuntu azohishurirwako.
31 On that day, whoever is on the roof with goods inside must not go down for them; likewise, whoever is in the field must not turn back. Kuri uwo musi, uwuzoba ari hejuru ku nzu, ntazosubire mu nzu kurondera ivyiwe. N’uwuzoba ari mu murima, ntaze asubire i muhira.
32 Remember Lot's wife. Mwibuke ivyashikiye muka Loti.
33 Whoever seeks to preserve his life will lose it, but whoever loses his life will keep it. Uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzobuheba azobukiza.
34 I tell you, that night two will be in one bed: one will be taken, and the other left. Ndababwire, abantu babiri bazoba baryamye ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi asigare.
35 There will be two women grinding together; one will be taken and the other left." Abagore babiri bazoba bariko barasya bari hamwe, umwe azojanwa, uwundi asigare. [
36 Not in this edition Abagabo babiri bazoba bari kumwe mu murima, umwe azojanwa, uwundi asigare.”]
37 They asked, "Where, Lord?" He said, "Wherever a corpse lies, the vultures will gather there." Maze abigishwa baramubaza bati: “None ivyo bizobera he ga Mwami?” Na we arabishura ati: “Aho umuvyimba uzoba uri, ni ho ibisiga vy’amero bizokoranira.”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]