Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 16 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 He also told his disciples, "A rich man had a manager who was accused of squandering his possessions. Inyuma y’aho Yesu abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umutunzi yari afise umunyabigega asesagura.
2 He called him and said, 'What is this I hear about you? Give an account of your management, for you can no longer manage.' Umusi umwe aramuhamagara, amubaza ati: ‘Ivyo ndakwumvako ni ibiki? Harura ivyo nakujeje ubinsubize, kuko ntukibereye kuzezwa ubutunzi bwanje.’
3 "The manager said to himself, 'What should I do? My master is taking my position from me. I'm not strong enough to dig, and I'm ashamed to beg.' Wa munyabigega aca aribaza ati: ‘Mbega ndabigenza gute ko databuja agira ankure mu kazi? Nta nkomezi mfise zo kurima, kandi gusega vyontera isoni.
4 I know what to do, so that when I lose this job, people will welcome me into their homes.' Ndatoye ico ngiye gukora, kugira ngo ninava muri aka kazi, abantu bazompe indaro.’
5 He called in his master's debtors, one after another, and asked the first, 'How much do you owe my master?' Maze ahamagara abo yahaye amadeni bose. Uwa mbere amubaza ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’
6 He said, 'one hundred measures of olive oil.' He told him, 'Take your bill, sit quickly, and write fifty.' Na we yishura ati: ‘Utugunguru ijana tw’amavuta ya elayo.’ Wa munyabigega aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike utugunguru mirongo itanu.’
7 Then he asked another, 'And you, how much do you owe?' 'one hundred measures of wheat,' he said. 'Take your bill,' he told him, 'and write eighty.' Abaza uwa kabiri na we ati: ‘Databuja umuheraniye ibingana gute?’ Na we yishura ati: ‘Ingero ijana z’ingano.’ Aca amubwira ati: ‘Akira urupapuro wandike mirongo umunani.’
8 "The master praised the dishonest manager for acting shrewdly, for this age's children are shrewder with their own generation than the children of light. Maze shebuja ashima urwenge uwo munyabigega asesagura yakoresheje. Ni ko n’abana b’iyi si bazi ubwenge bwo kwitunganiriza ivy’ubuzima kurusha abana b’umuco.
9 I tell you, make friends for yourselves with worldly wealth, so that when it fails, they welcome you into eternal dwellings. Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.
10 Whoever is faithful in the least is also faithful in much; whoever is dishonest in the least is also dishonest in much. Uwubaye umwizigirwa muri bike azozezwa vyinshi, kandi uwuzotakaza ubwizigirwa muri bike azobutakaza no muri vyinshi.
11 If then you weren't faithful with worldly wealth, who will trust you with the true riches? None mutabaye abizigirwa mu vy’ubutunzi bwa hano kw’isi, ni nde yobazeza ivy’ubutunzi nyakuri?
12 And if you haven't been faithful with another's things, who will give you what's your own? Kandi mutabaye abizigirwa mu gutunganya ivy’ubutunzi bw’abandi, ni nde azobaha ubutunzi mwiganzira?
13 No household servant can serve two masters. He will hate one and love the other, or hold to one and despise the other. You cannot serve both our Father and wealth." Nta mukozi n’umwe yoshobora gushimisha abakoresha babiri: agerageje kunezereza umwe, yosanga yababaje uwundi; kandi agerageje kuba umwizigirwa kuri umwe, yosanga yahemukiye uwundi. Ntimushobora gukoreshwa n’Imana ngo mwongere mukoreshwe n’amahera.”
14 The Pharisees, who loved money, heard all this and were ridiculing him. Abafarisayo, kubera ko bakunda amahera cane, bumvise ivyo vyose baca baramutwenga.
15 He told them, "You justify yourselves before others, but our Father knows your hearts. What is prized among people is detestable to our Father." Na we arababwira ati: “Mwebwe mwigira abagororotsi mu maso y’abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu. Kuko ivyo abantu baha agaciro kanini ari ibisesema imbere y’Imana.
16 "The Law and Prophets lasted until John; since then, the good news of the kingdom of our Father is proclaimed, and everyone forces their way into it. Igihe c’ivyagezwe n’abavugishwa cagarukiye kuri Yohana. Kuva ico gihe, Ubutumwa Bwiza bw’Ubwami bw’Imana buravugwa, kandi umuntu wese agerageza kugwana ngo abwinjiremwo.
17 But it's easier for heaven and earth to pass away than for one stroke of the Law to fail." Ariko biroroshe cane ko ijuru n’isi bikurwaho, hako agakwabu ko mu vyagezwe kokurwaho.
18 "Whoever divorces his wife and marries another commits adultery; marrying a woman divorced from her husband is adultery too." Umugabo yirukanye umugore wiwe hanyuma akarongora uwundi mugore aba asambanye, kandi umugabo arongoye umugore yahukanye, na we aba asambanye.
19 "There was a rich man dressed in purple and fine linen, feasting lavishly every day. Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.
20 And a poor man named Lazarus was laid at his gate, covered with sores, Kw’irembo ryiwe hama haryamye umukene yitwa Lazaro, asega.
21 wanting to eat the crumbs falling from the rich man's table; even dogs came and licked his sores. Umubiri wiwe wari wuzuye ibikomere, akama yipfuza utwo kurya dukorotse tuva ku meza y’uwo mutunzi, mbere n’imbwa zama ziza kurigata ivyo bikomere vyiwe.
22 The poor man died; angels carried him to Abraham's side. The rich man also died and was buried, Igihe carageze uwo mworo arapfa, maze abamarayika baraza bamudugana mu gikiriza ca Aburahamu. Mu nyuma, wa mutunzi na we nyene arapfa, arahambwa,
23 and in the grave, in torment, he looked up and saw Abraham far off and Lazarus at his side. Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.
24 He cried out, 'Father Abraham, have mercy on me. Send Lazarus to dip his fingertip in water and cool my tongue, for I'm in agony in this flame.' Wa mutunzi arasemerera ati: ‘Data Aburahamu, ngirira ikigongwe, urungike Lazaro, akoze isonga ry’urutoke rwiwe mu mazi, ampfuvye ku rurimi kuko ndiko ndababarizwa cane muri uno muriro.’
25 "But Abraham said, 'Child, remember: you received good things in your life, and Lazarus likewise bad things. Now he is comforted here, and you are in anguish. Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Mwana wanje, ibuka ingene mu buzima bwawe kw’isi waronse ivyo wipfuza vyose, Lazaro na we aba mu magorwa menshi. Ubu, ariko arahozwa amarira, na we uri mu mibabaro.
26 Besides all this, a great chasm separates us from you, so those who want to cross from here to you can't, nor can anyone cross from there to us.' Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata n’uwushobora kuva hiyo ngo aze ino.’
27 "And he said, 'Then I beg you, father, to send him to my father's house, Wa mutunzi arishura ati: ‘Ndakwinginze data Aburahamu, rungika Lazaro agende mu muryango kwa data.
28 for I have five brothers—let him warn them, so they won't also come to this place of torment.' Ndafise abo tuvukana batanu, nshaka ko agenda kubaburira kugira ngo na bo ntibazoze hano hantu ho kubabarizwa.’
29 "But Abraham said, 'They have Moses and the Prophets; let them hear them.' Aburahamu aramwishura ati: ‘Bafise ivyagezwe vya Mose n’ivyanditswe n’abavugishwa; nibabikurikize.’
30 He said, 'No, father Abraham, but if someone from the dead goes to them, they'll repent.' Wa mutunzi na we ati: ‘Oya data Aburahamu, ivyo ntibikwiye. Kumbure hagize uwugenda avuye mu bapfuye bokwihana.’
31 He told him, 'If they won't listen to Moses and the Prophets, they won't be convinced even if someone rises from the dead.'" Ariko Aburahamu aramwishura ati: ‘Batumviye Mose n’abavugishwa n’Imana, nta wundi bokwumvira, n’aho yoba azutse mu bapfuye.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]