Skip to content
The Believer's Library

Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025

Luke 15 OKCB

Show OKCB only
Verse × ×
1 Now the tax collectors and sinners were all drawing near to hear him. Umusi umwe abatozakori n’abanyavyaha bari bakikije Yesu bamwumviriza.
2 And the Pharisees and the scribes grumbled, saying, "This man welcomes sinners and eats with them." Maze ivyo bituma Abafarisayo n’abigisha b’ivyagezwe batangura kumwidodombera bavuga bati: “Uwu mugabo yicarana n’abanyavyaha, agasangira na bo!”
3 So he told them this parable: Yesu aca abacira uwu mugani ati:
4 "What man among you, owning one hundred sheep, if he loses one of them, won't leave the ninety-nine out in the open and go after the lost one till he finds it? “Hamwe muri mwebwe hoba hari uwufise intama ijana hanyuma imwe muri zo ikazimira, ntiyosiga izo mirongo icenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyo yazimiye gushika ayitoye?
5 And when he has found it, he lays it on his shoulders, rejoicing." Kandi ayitoye yoca ayiterera ku rutugu anezerewe
6 When he gets home, he calls his friends and neighbors together and tells them, "Celebrate with me—I've found my lost sheep." akayitwara i muhira, agahamagara ababanyi n’abagenzi akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye intama yanje yari yazimiye.’
7 "I tell you, likewise, heaven holds more joy over one sinner who repents than over ninety-nine righteous people who don't need to repent." Ndababwire ukuri, no mw’ijuru haba umunezero mwinshi iyo umunyavyaha umwe yihanye gusumba uwo bagirira abagororotsi mirongo icenda n’icenda badakeneye kwihana.
8 "Or what woman with ten silver coins, each a day's wage, who loses one, doesn't light a lamp, sweep the house, and search carefully until she finds it?" Canke nk’umugore yoba afise ibiceri cumi vy’ifeza, hanyuma kimwe kigatakara, mbega ntiyokwatsa itara, agakubura inzu yose, akakirondera gushika agitoye?
9 When she finds it, she calls together her friends and neighbors: "Rejoice with me, for I found the coin I had lost." Kandi agitoye yohamagara ababanyi n’abagenzi bose, akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye igiceri canje c’ifeza cari catakaye.’
10 "So, I tell you, there is joy before the angels of our Father over one sinner who repents." Ni ko n’abamarayika b’Imana bagira umunezero iyo umunyavyaha umwe yihanye.”
11 And he said, "There was a man who had two sons." Yesu abandanya ababwira ati: “Habaye umugabo yari afise abahungu babiri.
12 "The younger son told his father, 'Father, give me my share of the estate.' So he divided his property between them. Umusi umwe, umuhungu muto aritora abarira se ati: ‘Data, mpa umugabane w’ubutunzi norazwe.’ Nuko se abagaburira ubutunzi bwiwe.
13 Soon after, the younger son gathered all he owned, left for a distant country, and there burned through his wealth living recklessly. Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yonona ubwo butunzi bwiwe mu kuja mu buhumbu.
14 After he spent everything, a severe famine hit that country, and he began to go without. Amaze gusesagura bwa butunzi bwose, haca hatera amapfa muri ico gihugu, maze wa muhungu arakena.
15 So he went and took work with a citizen of that country, who sent him to his fields to feed pigs. Nuko aja gushumbira umuntu wo muri ico gihugu, na we amurungika mu mirima yiwe kumuragirira ingurube.
16 And he longed to fill his stomach with the pods the pigs ate, but no one gave him any." Uwo muhungu arasonza gushika aho yipfuza ivyokurya vy’ingurube, ariko na vyo nta n’umwe yabimuha.
17 Coming to his senses, he said, "How many of my father's hired hands have bread to spare, while I'm here starving?" Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano.
18 "'I will get up and go to my father, and say to him, "Father, I have sinned against heaven and before you."' Ngira mpaguruke nsubire kwa data ndamubwire nti: Data naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe.
19 'I'm no longer worthy to be called your son; make me like one of your hired workers.'" Sinkibereye kwitwa umwana wawe; ntabara umfate nk’umwe mu bakozi bawe.’
20 "He got up and went to his father. While he was still far off, his father saw him, and his heart broke with compassion—he ran, threw his arms around him, and kissed him." Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.
21 And the son said, "Father, I've sinned against heaven and before you. I am no longer worthy to be called your son." Wa muhungu abarira se ati: ‘Data, naracumuye ku Mana yo mw’ijuru, ncumura no kuri wewe. Sinkibereye kwitwa umwana wawe.’
22 But the father told his servants, "Quickly bring the best robe and dress him, put a ring on his hand and sandals on his feet." Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge.
23 "'And bring the fattened calf and kill it, and let us eat and celebrate.' Hanyuma muzane n’impfizi ivyibushe muyibage, turye, tunezerwe,
24 'For this son of mine was dead and is alive again; he was lost and is found.' And they started celebrating." kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.
25 "His older son was in the field; nearing the house on his return, he heard music and dancing. Igihe ivyo vyaba, umuhungu mukuru yari mu mirima. Ariko arataha, yegereye i muhira, yumva abacuraranga n’abatamba.
26 And he called one of the servants and asked what was going on. Aca ahamagara umwe mu bakozi amubaza ibiriko biraba.
27 He said to him, 'Your brother has come, and your father has killed the fattened calf, because he received him back safe and sound.' Aramwishura ati: ‘Wa muhungu muvukana yagarutse, so aca abaga impfizi ivyibushe, kuko yagarutse akiri muzima.’
28 But he was angry and refused to enter. His father came out and pleaded with him, Wa muhungu mukuru aca arashavura, yanka no kwinjira mu nzu. Se aca arasohoka aja kumwinginga ngo yinjire.
29 but he answered his father, 'Look, I've served you all these years, never disobeying a command—yet you never gave me even a young goat to celebrate with my friends.' Ariko uwo muhungu amwishura ati: ‘Data, raba iyi myaka yose maze ndagukorera, numvira amategeko yawe yose. Ntiwigeze umpa n’agasuguru k’impene kugira ngo nezeranwe n’abagenzi banje.
30 'But when this son of yours came, who devoured your wealth with prostitutes, you killed the fattened calf for him!'" Ariko raba uwu muhungu wawe yononeye itunga ryawe ryose mu bamaraya, none aragarutse uca umubagira impfizi ivyibushe!’
31 He said to him, "Son, you're always with me, and everything I have is yours." Se amubwira ati: ‘Mwana wanje, wewe turamana imisi yose, kandi ivyo mfise vyose ni ivyawe.
32 "'It was fitting to rejoice and celebrate: this brother of yours was dead and is alive, was lost and is found.'" Vyari bikwiye ko tugira umusi mukuru tukanezerwa kuko umuvukanyi wawe yari yarapfuye none akaba azutse, yari yarazimiye none akaba azimurutse.’ ”
FHB

Scripture from Father’s Heart Bible™. © 2026 Spirit Media Publishing, the imprint of Spirit Media Inc. All rights reserved. In Divine Voice™ Color, the words spoken by our Father show in blue, the words of the Son in red, and the words of the Spirit in purple.

OKCB

Biblica® Open Bibiliya mu Kirundi coroshe™ Uburenganzira © 2021, 2025 bwa Biblica, Inc. Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible™ Copyright © 2021, 2025 by Biblica, Inc. ‪ “Biblica” ni ikimenyetso c’ubucuruzi cyanditswe kandi cyemejwe n’Ibiro vya Leta Zunze Ubumwe za Amerika bijejwe Uburyo bw’Patent n’Ibimenyetso vy’Ubucuruzi, kikaba cyanditswe ku izina rya Biblica, Inc. ‪“Biblica” is a trademark registered in the United States Patent and Trademark Office by Biblica, Inc. Used with permission. See promoVersionInfo in metadata.xml for Creative Commons license.
Biblica® Open Kirundi Contemporary Bible 2025 · Creative Commons - Attribution-ShareAlike [CC BY-SA]